വിശുദ്ധ ഖുർആൻ പരിഭാഷ - കിരുണ്ടി വിവർത്തനം - യൂസുഫ് ഘഹിതി

Ghaafir

external-link copy
1 : 40

حمٓ

Haa Miim[1]. info

[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’Igisomwa Al-Baqara.

التفاسير:

external-link copy
2 : 40

تَنزِيلُ ٱلۡكِتَٰبِ مِنَ ٱللَّهِ ٱلۡعَزِيزِ ٱلۡعَلِيمِ

Ihishurwa ry’iki Gitabu ca Qor’ani, ryavuye ku Mana Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora; info
التفاسير:

external-link copy
3 : 40

غَافِرِ ٱلذَّنۢبِ وَقَابِلِ ٱلتَّوۡبِ شَدِيدِ ٱلۡعِقَابِ ذِي ٱلطَّوۡلِۖ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَۖ إِلَيۡهِ ٱلۡمَصِيرُ

Ibabarira ivyaha vy’abanyavyaha, Ikakira n’ukwigaya kw’abigaya; Igahana Igahasha abubahutse gukora ivyaha hanyuma ntibigaye, Nyenimpano ku baja bayo bayumvira, nta mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari Yo, ni kuri Yo rero ibiremwa vyose bizosubizwa ku musi w’iharurirwa, kugira Ihembe kimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye. info
التفاسير:

external-link copy
4 : 40

مَا يُجَٰدِلُ فِيٓ ءَايَٰتِ ٱللَّهِ إِلَّا ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ فَلَا يَغۡرُرۡكَ تَقَلُّبُهُمۡ فِي ٱلۡبِلَٰدِ

Nta wuharira ku bijanye na Aayah za Qor’ani n’ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, kiretse abagararije ko Allah ari Yo Mana Ikwiye gusengwa vy’ukuri. Ntumwa y’Imana! Ntugahendwe rero ngo ukangwe n’ukwishira n’ukwizana kwabo mu rudandazwa, hamwe rero no kworoherwa mu bihendamaso vy’isi; info
التفاسير:

external-link copy
5 : 40

كَذَّبَتۡ قَبۡلَهُمۡ قَوۡمُ نُوحٖ وَٱلۡأَحۡزَابُ مِنۢ بَعۡدِهِمۡۖ وَهَمَّتۡ كُلُّ أُمَّةِۭ بِرَسُولِهِمۡ لِيَأۡخُذُوهُۖ وَجَٰدَلُواْ بِٱلۡبَٰطِلِ لِيُدۡحِضُواْ بِهِ ٱلۡحَقَّ فَأَخَذۡتُهُمۡۖ فَكَيۡفَ كَانَ عِقَابِ

Hambere y’abo bagarariji, abantu barungikiwe Nuhu hamwe n’abaje mu nyuma zabo; nka Bene Aadi na Bene Thamuudi, barahakanye bivuye inyuma Intumwa barungikiwe, maze biha kuzigeramira, bacurika imitwe hamwe mu ntumbero yo kuzihana harimwo no kuzica, umugwi wose muri bo uraheza utegura umugambi wo gufata Intumwa yawo ngo uyice, baraheza baraharira bitwaje ikinyoma, kugira ngo nya kinyoma gitsinde ukuri, Nca Ndabashikura Ndabahana. Ntumwa y’Imana! Ehe raba rero ukuntu Nabahaye ibihano bikaze vyobera inkebuzo ibiremwa bindi bizoza mu nyuma! info
التفاسير:

external-link copy
6 : 40

وَكَذَٰلِكَ حَقَّتۡ كَلِمَتُ رَبِّكَ عَلَى ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ أَنَّهُمۡ أَصۡحَٰبُ ٱلنَّارِ

Ni nk’uko nyene rero - Twahanye imigwi y’abagararije Intumwa aho hambere - ijambo ry’Imana yawe Rurema Allah ryo guhana abagararije, rija mu ngiro mu kuba ari abantu bo mu muriro. info
التفاسير:

external-link copy
7 : 40

ٱلَّذِينَ يَحۡمِلُونَ ٱلۡعَرۡشَ وَمَنۡ حَوۡلَهُۥ يُسَبِّحُونَ بِحَمۡدِ رَبِّهِمۡ وَيُؤۡمِنُونَ بِهِۦ وَيَسۡتَغۡفِرُونَ لِلَّذِينَ ءَامَنُواْۖ رَبَّنَا وَسِعۡتَ كُلَّ شَيۡءٖ رَّحۡمَةٗ وَعِلۡمٗا فَٱغۡفِرۡ لِلَّذِينَ تَابُواْ وَٱتَّبَعُواْ سَبِيلَكَ وَقِهِمۡ عَذَابَ ٱلۡجَحِيمِ

Abamalayika bareruye ubuhangamo bwa Nyenimpuhwe “Arshi” bari kumwe n’abandi bamalayika babukikuje, baninahaza Imana yabo Rurema Allah mu kuyishimagiza mu buryo buberanye n’icubahiro cayo, bakayemera vy’ukuri, bagasabira imbabazi abemeramana, bavuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Impuhwe n’ubumenyi vyawe bikwiriye ikintu cose Waremye; kubera ivyo rero, Gumiriza akabanga maze Ubabarire abigaya ku vyaha vyabo bakanakurikira n’inzira yawe y’ubwislamu, Uheze Ubakingire n’ibihano vy’umuriro ururumba wa Jahannamu; info
التفاسير: