Kugira bibonere ukuri kwamye ibibafitiye akamaro[2]; no kugira baninahaze bongere batazire izina ry’Imana Allah mu gihe co kubaga ibitungwa mu misi izwi[3], ivyo bakabikora mu ntumbero yo gushima inema z’Imana Allah. Bantu muzoja gushengerera ingoro ntagatifu! Muraheza rero mufungure kuri nya bitungwa mwongere mubifungurireko n’aboro;
[2] Kubabarirwa ivyaha, guhabwa indishi, kwunguka mu rudandazwa, n’ibindi. [3] Iyo misi, ni umusi wa 10 mu kwezi kwa 12 kwa Dhu l-Hijja, hamwe n’imisi itatu ikurikira.