വിശുദ്ധ ഖുർആൻ പരിഭാഷ - കയ്രൂന്ദി വിവർത്തനം - യൂസുഫ് ഗുഹൈതി

external-link copy
285 : 2

ءَامَنَ ٱلرَّسُولُ بِمَآ أُنزِلَ إِلَيۡهِ مِن رَّبِّهِۦ وَٱلۡمُؤۡمِنُونَۚ كُلٌّ ءَامَنَ بِٱللَّهِ وَمَلَٰٓئِكَتِهِۦ وَكُتُبِهِۦ وَرُسُلِهِۦ لَا نُفَرِّقُ بَيۡنَ أَحَدٖ مِّن رُّسُلِهِۦۚ وَقَالُواْ سَمِعۡنَا وَأَطَعۡنَاۖ غُفۡرَانَكَ رَبَّنَا وَإِلَيۡكَ ٱلۡمَصِيرُ

Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yaremeye iranizigira ivyo yahishuriwe n’Imana yayo Rurema Allah muri Qor’ani, eka n’abemeramana baravyemeye baranabishira mu ngiro; umwe wese muri bo yaremeye Imana Allah, abamalayika bayo, Ibitabu vyayo n’Intumwa zayo zose, baraheza bavuga bati: “Ntituvangura n’imwe mu kwemera Intumwa zayo”. Barongeye baravuga hamwe n’Intumwa bati: “Twumvise kandi twumviye Imana Allah, turasavye rero imbabazi n’ikigongwe cawe, Mana yacu Rurema! Ni no kuri Wewe rero tuzosubira kugira Uduhembere ivyo twakoze”. info
التفاسير: