[3] Ibilisi, ni izina ry’ikiremwa ca mbere mu majini, ni na co cahavuye kiba inkomoko y’amajini. Mu majini rero harimwo abemeramana hakabamwo n’abagarariji (amashetani).
[4] Ayo majambo ari mu Aayah ya 23, mu gisomwa Al-A’raaf, aho Adamu na Hawa batakamba bati: “Mana yacu Rurema Allah! Twirenganije mu gufungura kuri kirya giti. Nutatugumiriza akabanga Ukatubabarira iki caha twakoze, Ukanatugirira impuhwe, nta nkeka ko tuzoba mu bantu bahomvye ubuzima bwabo”.