വിശുദ്ധ ഖുർആൻ പരിഭാഷ - കിരുണ്ടി വിവർത്തനം - യൂസുഫ് ഘഹിതി

പേജ് നമ്പർ:close

external-link copy
30 : 2

وَإِذۡ قَالَ رَبُّكَ لِلۡمَلَٰٓئِكَةِ إِنِّي جَاعِلٞ فِي ٱلۡأَرۡضِ خَلِيفَةٗۖ قَالُوٓاْ أَتَجۡعَلُ فِيهَا مَن يُفۡسِدُ فِيهَا وَيَسۡفِكُ ٱلدِّمَآءَ وَنَحۡنُ نُسَبِّحُ بِحَمۡدِكَ وَنُقَدِّسُ لَكَۖ قَالَ إِنِّيٓ أَعۡلَمُ مَا لَا تَعۡلَمُونَ

Ntumwa y’Imana! Ibuka igihe Imana yawe Rurema Allah Yabwira abamalayika Iti: “Mu vy’ukuri, Jewe Allah Ngira Nshire kw’isi ikiremwa kizokurakuranwa mu kuyibungabunga”. Na bo n’impungenge nyinshi bati: “Ugira Ushire kw’isi uwuzoyikorerako ubwononyi, akanasesa amaraso, mu gihe twebwe tukuninahaza mu kugushimagiza, tukagutagatifuza mu cubahiro cawe!”. Imana Allah Ibishura Iti: “Ni ukuri, Ndazi ivyo mutazi”. info
التفاسير:

external-link copy
31 : 2

وَعَلَّمَ ءَادَمَ ٱلۡأَسۡمَآءَ كُلَّهَا ثُمَّ عَرَضَهُمۡ عَلَى ٱلۡمَلَٰٓئِكَةِ فَقَالَ أَنۢبِـُٔونِي بِأَسۡمَآءِ هَٰٓؤُلَآءِ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ

Imana Allah Imaze kurema Adamu, Ikamwigisha amazina y’ibiremwa vyose, Yaciye Ivyereka abamalayika, Ica Ibabwira Iti: “Enda nyabuna nimumbwire amazina y’ibi biremwa nimwaba muri imvugakuri ko Adamu ata co azomarira isi!”. info
التفاسير:

external-link copy
32 : 2

قَالُواْ سُبۡحَٰنَكَ لَا عِلۡمَ لَنَآ إِلَّا مَا عَلَّمۡتَنَآۖ إِنَّكَ أَنتَ ٱلۡعَلِيمُ ٱلۡحَكِيمُ

Abamalayika barishura bati: “Ininahazwa ni iryawe Mana! Nta bumenyi dufise burenze ubwo Waduhaye. Mu vy’ukuri, Wewe ni We Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ukora”. info
التفاسير:

external-link copy
33 : 2

قَالَ يَٰٓـَٔادَمُ أَنۢبِئۡهُم بِأَسۡمَآئِهِمۡۖ فَلَمَّآ أَنۢبَأَهُم بِأَسۡمَآئِهِمۡ قَالَ أَلَمۡ أَقُل لَّكُمۡ إِنِّيٓ أَعۡلَمُ غَيۡبَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَأَعۡلَمُ مَا تُبۡدُونَ وَمَا كُنتُمۡ تَكۡتُمُونَ

Imana Allah Iraheza Ibwira Adamu Iti: “Babwire amazina y’ivyo biremwa batashoboye kumenya amazina yavyo”. Adamu amaze kubabwira amazina yavyo, Imana Allah Yaciye Ivuga Iti: “Sinababwiye ko Jewe Nzi neza ivyo mutazi binyegejwe mu majuru no mw’isi, Nkaba Nzi kandi neza n’ivyo muserura n’ivyo mwama muhisha!”. info
التفاسير:

external-link copy
34 : 2

وَإِذۡ قُلۡنَا لِلۡمَلَٰٓئِكَةِ ٱسۡجُدُواْ لِأٓدَمَ فَسَجَدُوٓاْ إِلَّآ إِبۡلِيسَ أَبَىٰ وَٱسۡتَكۡبَرَ وَكَانَ مِنَ ٱلۡكَٰفِرِينَ

Ntumwa y’Imana! Ibuka maze wiganire abantu igihe Twebwe Allah Twatera iteka Adamu maze Tukabwiriza abamalayika hamwe na “Ibilisi[3]” Duti: “Nimwubamire Adamu mumuhe icubahiro kimukwiye”, baraheza bagamburukira rimwe barubama bose kiretse Ibilisi yanse kumwubamira, bitewe n’amanyama n’ishari n’akantu, gutyo aca acika umugarariji mu bandi. info

[3] Ibilisi, ni izina ry’ikiremwa ca mbere mu majini, ni na co cahavuye kiba inkomoko y’amajini. Mu majini rero harimwo abemeramana hakabamwo n’abagarariji (amashetani).

التفاسير:

external-link copy
35 : 2

وَقُلۡنَا يَٰٓـَٔادَمُ ٱسۡكُنۡ أَنتَ وَزَوۡجُكَ ٱلۡجَنَّةَ وَكُلَا مِنۡهَا رَغَدًا حَيۡثُ شِئۡتُمَا وَلَا تَقۡرَبَا هَٰذِهِ ٱلشَّجَرَةَ فَتَكُونَا مِنَ ٱلظَّٰلِمِينَ

Turaheza Tubwira Adamu Duti: “Ewe Adamu! Cumbika mu Bwami bw’ijuru, wewe hamwe n’umutambukanyi wawe “Hawa”, nimufungure rero n’akayabagu kenshi ivyo mushaka, mworohewe aho ari ho hose muri ubu Bwami. Mugabo rero, ntimuzohirahire kwegera iki giti ngo mufungure ivyamwa vyaco, mwohava muba mu birenganije ku kurenga ku mabwirizwa yanje”. info
التفاسير:

external-link copy
36 : 2

فَأَزَلَّهُمَا ٱلشَّيۡطَٰنُ عَنۡهَا فَأَخۡرَجَهُمَا مِمَّا كَانَا فِيهِۖ وَقُلۡنَا ٱهۡبِطُواْ بَعۡضُكُمۡ لِبَعۡضٍ عَدُوّٞۖ وَلَكُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ مُسۡتَقَرّٞ وَمَتَٰعٌ إِلَىٰ حِينٖ

Ni ho rero shetani yabata mu caha, bafungura kuri ca giti, gutyo iba imvo n’imvano yo kuva mu Bwami bw’ijuru no mu ngabirano barimwo. Duca Dutegeka Adamu n’umukenyezi wiwe hamwe na Ibilisi Duti: “Nimumanuke kw’isi, aho muzoba abansi hagati yanyu (mu ruvyaro rwa Adamu na Ibilisi). Kw’isi rero, ni ho mufise uburaro n’uburamuko no kuryoherwa gato kugeza ku musi wa rwo”. info
التفاسير:

external-link copy
37 : 2

فَتَلَقَّىٰٓ ءَادَمُ مِن رَّبِّهِۦ كَلِمَٰتٖ فَتَابَ عَلَيۡهِۚ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلتَّوَّابُ ٱلرَّحِيمُ

Aho ni ho rero Adamu yaheza akerekwa n’Imana yiwe Rurema Allah amajambo yokoresha mu kwigaya[4], maze araheza arigaya hamwe na Hawa. Gutyo Imana Allah Iramwumvira, Iramubabarira. Mu vy’ukuri, ni Yo Nyenukwumvirabigaya, Yumvira abayitakambira mu biremwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo. info

[4] Ayo majambo ari mu Aayah ya 23, mu gisomwa Al-A’raaf, aho Adamu na Hawa batakamba bati: “Mana yacu Rurema Allah! Twirenganije mu gufungura kuri kirya giti. Nutatugumiriza akabanga Ukatubabarira iki caha twakoze, Ukanatugirira impuhwe, nta nkeka ko tuzoba mu bantu bahomvye ubuzima bwabo”.

التفاسير: