ಪವಿತ್ರ ಕುರ್‌ಆನ್ ಅರ್ಥಾನುವಾದ - ಕಿರುಂಡಿ ಅನುವಾದ - ಯೂಸುಫ್ ಘಹಿತಿ

ಪುಟ ಸಂಖ್ಯೆ:close

external-link copy
127 : 37

فَكَذَّبُوهُ فَإِنَّهُمۡ لَمُحۡضَرُونَ

Abantu Ilyaasi yarungitsweko rero, baramuhakanye bivuye inyuma. Mu vy’ukuri ku musi w’izuka, bazokwegeranirizwa ku Mana Allah kugira Ibahanire ivyo bakoze; info
التفاسير:

external-link copy
128 : 37

إِلَّا عِبَادَ ٱللَّهِ ٱلۡمُخۡلَصِينَ

Kiretse abaja b’Imana Allah bejeje idini ryayo, abo ntibazohanwa. info
التفاسير:

external-link copy
129 : 37

وَتَرَكۡنَا عَلَيۡهِ فِي ٱلۡأٓخِرِينَ

Ilyaasi Twamuhaye kuyagwa neza mu bantu bakurikiye gushika ku musi w’iherezo. info
التفاسير:

external-link copy
130 : 37

سَلَٰمٌ عَلَىٰٓ إِلۡ يَاسِينَ

Ilyaasi arakagira amahoro, iteka n’itekane bivuye ku Mana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
131 : 37

إِنَّا كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ

Mu vy’ukuri, ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twahemvye Ilyaasi kw’igamburukiramana ryiwe - Duhemba abagwaneza mu bemeramana. info
التفاسير:

external-link copy
132 : 37

إِنَّهُۥ مِنۡ عِبَادِنَا ٱلۡمُؤۡمِنِينَ

Mu vy’ukuri Ilyaasi, ari mu baja bacu bubahiriza koko amabwirizwa yacu. info
التفاسير:

external-link copy
133 : 37

وَإِنَّ لُوطٗا لَّمِنَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ

Mu vy’ukuri Luutwi, ni ukuri ari mu bo Twateye iteka ryo kuba Intumwa; info
التفاسير:

external-link copy
134 : 37

إِذۡ نَجَّيۡنَٰهُ وَأَهۡلَهُۥٓ أَجۡمَعِينَ

Igihe Twamurokora we hamwe n’umuryango wiwe mu bihano; info
التفاسير:

external-link copy
135 : 37

إِلَّا عَجُوزٗا فِي ٱلۡغَٰبِرِينَ

Kiretse umukecuru ari aho, yahonejwe mu bandi ku bubegito bwiwe. info
التفاسير:

external-link copy
136 : 37

ثُمَّ دَمَّرۡنَا ٱلۡأٓخَرِينَ

Mu nyuma rero, ni ho Twahonya vy’akarorero abahakanyi mu bantu ba Luutwi. info
التفاسير:

external-link copy
137 : 37

وَإِنَّكُمۡ لَتَمُرُّونَ عَلَيۡهِم مُّصۡبِحِينَ

Bantu b’i Makka! Mu vy’ukuri mu ruja n’uruza rwanyu, ni ukuri mwama muzinduka muca ahahoze imihana y’abantu ba Luutwi; info
التفاسير:

external-link copy
138 : 37

وَبِٱلَّيۡلِۚ أَفَلَا تَعۡقِلُونَ

Mukanagorobeza muhaca. Ubwo ntimwogarura akenge mugatinya ko mwoshikirwa n’ivyabashikiye. info
التفاسير:

external-link copy
139 : 37

وَإِنَّ يُونُسَ لَمِنَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ

Mu vy’ukuri Yunusu, ni ukuri ari mu bo Twateye iteka ryo kuba Intumwa; info
التفاسير:

external-link copy
140 : 37

إِذۡ أَبَقَ إِلَى ٱلۡفُلۡكِ ٱلۡمَشۡحُونِ

Igihe atwarwa n’agashavu agata abantu biwe yarungitsweko, agahungira mu bwato bwuzuye abantu n’ibintu; info
التفاسير:

external-link copy
141 : 37

فَسَاهَمَ فَكَانَ مِنَ ٱلۡمُدۡحَضِينَ

Maze nya bwato bukubitwa n’imikuba iturutse irya n’ino, biba ngombwa ko baburemururira kugira ntibwibire. Ni ho rero bagira tombora ku kuraba uwotabwa mw’ibahari, maze amajwi yose agwa kuri Yunusu; info
التفاسير:

external-link copy
142 : 37

فَٱلۡتَقَمَهُ ٱلۡحُوتُ وَهُوَ مُلِيمٞ

Araheza atabwa mw’ibahari, ifi amahanga iba yamubonye nk’ejo ica iramusama, iramutamira ku mwikomo yari afitiwe n’Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
143 : 37

فَلَوۡلَآ أَنَّهُۥ كَانَ مِنَ ٱلۡمُسَبِّحِينَ

Iyo Yunusu rero ataba ari mu bantu barangwa no gukora ivyiza imbere yuko atamirwa na nya fi, hanyuma akaguma aninahaza yongera atazira Imana Allah ari mu nda yayo[5]; info

[5] Avuga ati : “LAA ILAAHA ILLAA ANTA SUB-HAANAKA INNII KUN-TU MINA DDHWAALIMIINA”.

التفاسير:

external-link copy
144 : 37

لَلَبِثَ فِي بَطۡنِهِۦٓ إِلَىٰ يَوۡمِ يُبۡعَثُونَ

Ni ukuri yari gupfira mu nda yayo, maze akagumayo gushika ku musi w’izurwa ry’ibiremwa. info
التفاسير:

external-link copy
145 : 37

۞ فَنَبَذۡنَٰهُ بِٱلۡعَرَآءِ وَهُوَ سَقِيمٞ

Ni ho rero Twamukura muri nya fi Tukamuterera kw’isi y’ubugaragwa, yarushe yacitse intere; info
التفاسير:

external-link copy
146 : 37

وَأَنۢبَتۡنَا عَلَيۡهِ شَجَرَةٗ مِّن يَقۡطِينٖ

Turaheza Tumunagishiriza igiti c’uruyuzi kimuha agatutu, akanagifungurako gushika atore mitende. info
التفاسير:

external-link copy
147 : 37

وَأَرۡسَلۡنَٰهُ إِلَىٰ مِاْئَةِ أَلۡفٍ أَوۡ يَزِيدُونَ

Mu nyuma, Twahavuye Tumurungika ku bantu ibihumbi ijana, mbere n’abarenga; info
التفاسير:

external-link copy
148 : 37

فَـَٔامَنُواْ فَمَتَّعۡنَٰهُمۡ إِلَىٰ حِينٖ

Maze baramwemera baranashira mu ngiro ivyo abigisha, Duca Tubaha kuryoherwa n’ubuzima bwo kw’isi gushika kw’isango ryo gupfa kwabo. info
التفاسير:

external-link copy
149 : 37

فَٱسۡتَفۡتِهِمۡ أَلِرَبِّكَ ٱلۡبَنَاتُ وَلَهُمُ ٱلۡبَنُونَ

Ntumwa y’Imana! Baza abantu warungitsweko ukuntu bubahuka bakomekera abakobwa ku Mana yawe Rurema Allah ku rwanko gusa babafitiye, maze bakigenera abahungu ku rukundo babafitiye! info
التفاسير:

external-link copy
150 : 37

أَمۡ خَلَقۡنَا ٱلۡمَلَٰٓئِكَةَ إِنَٰثٗا وَهُمۡ شَٰهِدُونَ

Babaze kandi bakwereke ko ariho bari bari, igihe Twebwe Allah Turema abamalayika ari abakobwa nk’uko babivuga! info
التفاسير:

external-link copy
151 : 37

أَلَآ إِنَّهُم مِّنۡ إِفۡكِهِمۡ لَيَقُولُونَ

Emwe bantu! Nimwumve mwumvireho! Ni ukuri mu binyoma vy’ababangikanyamana, bavuga ko; info
التفاسير:

external-link copy
152 : 37

وَلَدَ ٱللَّهُ وَإِنَّهُمۡ لَكَٰذِبُونَ

Imana Allah Yavyaye. Mu vy’ukuri, barabesha bagaheba bakanyomoza ku kuvuga ivyo batazi. info
التفاسير:

external-link copy
153 : 37

أَصۡطَفَى ٱلۡبَنَاتِ عَلَى ٱلۡبَنِينَ

Imana Allah Yokwihitiramwo gute abakobwa Ikirengagiza abahungu! info
التفاسير: