ಪವಿತ್ರ ಕುರ್‌ಆನ್ ಅರ್ಥಾನುವಾದ - ಕಿರುಂಡಿ ಅನುವಾದ - ಯೂಸುಫ್ ಘಹಿತಿ

ಪುಟ ಸಂಖ್ಯೆ:close

external-link copy
160 : 26

كَذَّبَتۡ قَوۡمُ لُوطٍ ٱلۡمُرۡسَلِينَ

Abantu ba Luutwi barahakanye bivuye inyuma Intumwa yabo Luutwi, baca bafatwa nk’aho bahakanye Intumwa zose[7]. info

[7] Kuko Intumwa iyo ari yo yose irungitswe, ibwiriza abo irungitsweko kwemera Intumwa zose.

التفاسير:

external-link copy
161 : 26

إِذۡ قَالَ لَهُمۡ أَخُوهُمۡ لُوطٌ أَلَا تَتَّقُونَ

Igihe mwenewabo Luutwi yababwira ati: “Ubwo ntimwogamburukira Imana Allah mukubahiriza amabwirizwa yayo! info
التفاسير:

external-link copy
162 : 26

إِنِّي لَكُمۡ رَسُولٌ أَمِينٞ

Mu vy’ukuri, jewe kuri mwebwe ndi Intumwa, nkaba n’Umwizigirwa mu vyo ndabashikiriza; info
التفاسير:

external-link copy
163 : 26

فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ

Enda rero nyabuna nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu kwubahiriza amabwirizwa yayo; info
التفاسير:

external-link copy
164 : 26

وَمَآ أَسۡـَٔلُكُمۡ عَلَيۡهِ مِنۡ أَجۡرٍۖ إِنۡ أَجۡرِيَ إِلَّا عَلَىٰ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Nta n’impembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje, impembo yanje ndayiziga ku Mana Rurema Allah, Yo Mubungabunzi w’ibiremwa vyose. info
التفاسير:

external-link copy
165 : 26

أَتَأۡتُونَ ٱلذُّكۡرَانَ مِنَ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Mbega none, karashize ingani mwabirane abagabo ku bagabo muri Bene Adamu! info
التفاسير:

external-link copy
166 : 26

وَتَذَرُونَ مَا خَلَقَ لَكُمۡ رَبُّكُم مِّنۡ أَزۡوَٰجِكُمۚ بَلۡ أَنتُمۡ قَوۡمٌ عَادُونَ

Muheze mwirengagize kwabira abo mwaremewe n’Imana yanyu Rurema Allah mu bagore, ari na bo mwagenewe kugira muryoherwe muheze murondoke! Ahubwo rero, mwebwe muri abantu bimonogoje mu kuvogera imbibe z’ibibujijwe n’Imana Allah”. info
التفاسير:

external-link copy
167 : 26

قَالُواْ لَئِن لَّمۡ تَنتَهِ يَٰلُوطُ لَتَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡمُخۡرَجِينَ

Abantu Luutwi yarungitsweko bahavuye bamutera ubwoba bati: “Luutwi! Utaretse kutubuza kwabirana abagabo ku bandi, ni ukuri nta kibuza, tuzokwomora utuvire mu gihugu!”. info
التفاسير:

external-link copy
168 : 26

قَالَ إِنِّي لِعَمَلِكُم مِّنَ ٱلۡقَالِينَ

Luutwi asubizayo ati: “Mu vy’ukuri, jewe ndi mu biyamiriza bivuye inyuma bakanashavuzwa cane n’ivyo mukora”. info
التفاسير:

external-link copy
169 : 26

رَبِّ نَجِّنِي وَأَهۡلِي مِمَّا يَعۡمَلُونَ

Luutwi amaze kwihebura ko batarota bamwumvira, yasavye Imana Allah avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Nkingira jewe hamwe n’umuryango wanje inkurikizi z’ivyaha vy’agahomerabunwa bakora”. info
التفاسير:

external-link copy
170 : 26

فَنَجَّيۡنَٰهُ وَأَهۡلَهُۥٓ أَجۡمَعِينَ

Ni ho rero Twebwe Allah, Twarokora Luutwi hamwe n’umuryango wiwe n’abitabiriye irarikiramana ryiwe; info
التفاسير:

external-link copy
171 : 26

إِلَّا عَجُوزٗا فِي ٱلۡغَٰبِرِينَ

Kiretse umukecuru umwe muri bo atemeye, ari na we yari umugore wiwe, yari mu bategerezwa guhanwa; info
التفاسير:

external-link copy
172 : 26

ثُمَّ دَمَّرۡنَا ٱلۡأٓخَرِينَ

Mu nyuma rero, ni ho Twebwe Allah Twarandurana n’imizi abahakanye bakagarariza; info
التفاسير:

external-link copy
173 : 26

وَأَمۡطَرۡنَا عَلَيۡهِم مَّطَرٗاۖ فَسَآءَ مَطَرُ ٱلۡمُنذَرِينَ

Maze Tubakurikiza n’icucagirwa ry’amabuye amanuka avuye mu kirere nk’imvura y’urutavanako; ryari icucagirwa ry’amabuye ribi cane ku bihanijwe n’Intumwa bakanka kuzumvira! info
التفاسير:

external-link copy
174 : 26

إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ

Mu vy’ukuri mw’ihonywa ry’abantu ba Luutwi, ni ukuri harimwo inkebuzo ku bahakanyi bagarariza amabwirizwa y’Imana Allah. Hamwe n’ivyo rero, abenshi muri bo ntibahavuye bemera. info
التفاسير:

external-link copy
175 : 26

وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ

Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo. info
التفاسير:

external-link copy
176 : 26

كَذَّبَ أَصۡحَٰبُ لۡـَٔيۡكَةِ ٱلۡمُرۡسَلِينَ

Abantu bo mu gisagara c’ibiti bitotahaye barahakanye bivuye inyuma Intumwa yabo Shu’ayibu, baca bafatwa nk’aho bahakanye Intumwa zose[8]. info

[8] Kuko Intumwa iyo ari yo yose irungitswe ibwiriza abo irungitsweko kwemera Intumwa zose.

التفاسير:

external-link copy
177 : 26

إِذۡ قَالَ لَهُمۡ شُعَيۡبٌ أَلَا تَتَّقُونَ

Igihe Shu’ayibu yababwira ati: “Ubwo ntimwogamburukira Imana Allah mukubahiriza amabwirizwa yayo! info
التفاسير:

external-link copy
178 : 26

إِنِّي لَكُمۡ رَسُولٌ أَمِينٞ

Mu vy’ukuri, jewe kuri mwebwe ndi Intumwa, nkaba n’Umwizigirwa mu vyo ndabashikiriza; info
التفاسير:

external-link copy
179 : 26

فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ

Enda rero nyabuna nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu kwubahiriza amabwirizwa yayo; info
التفاسير:

external-link copy
180 : 26

وَمَآ أَسۡـَٔلُكُمۡ عَلَيۡهِ مِنۡ أَجۡرٍۖ إِنۡ أَجۡرِيَ إِلَّا عَلَىٰ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Nta n’impembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje, impembo yanje ndayiziga ku Mana Rurema Allah, Yo Mubungabunzi w’ibiremwa vyose. info
التفاسير:

external-link copy
181 : 26

۞ أَوۡفُواْ ٱلۡكَيۡلَ وَلَا تَكُونُواْ مِنَ ٱلۡمُخۡسِرِينَ

Shu’ayibu yabwiye abo yarungitsweko ati: “Enda nimukwize ingero mu gihe mugereye abandi, kandi ntimukagabanye ku ngero mugeresha; info
التفاسير:

external-link copy
182 : 26

وَزِنُواْ بِٱلۡقِسۡطَاسِ ٱلۡمُسۡتَقِيمِ

Mwongere mupimire abantu ku munzani utunganye, ukwiza ibiro; info
التفاسير:

external-link copy
183 : 26

وَلَا تَبۡخَسُواْ ٱلنَّاسَ أَشۡيَآءَهُمۡ وَلَا تَعۡثَوۡاْ فِي ٱلۡأَرۡضِ مُفۡسِدِينَ

Ntimukambure abantu ivyabo ku ngero, ku munzani, n’ibindi; eka ntimukagenzwe n’ubwononyi ubwo ari bwo bwose[9] kw’isi; info

[9] Ni ubwononyi bushingiye ku gukwiragiza ibangikanyamana, ukwica no kwicisha umuntu hamwe no kumugirako iterabwoba canke kumwambura utwiwe.

التفاسير: