ಪವಿತ್ರ ಕುರ್‌ಆನ್ ಅರ್ಥಾನುವಾದ - ಕಿರುಂಡಿ ಅನುವಾದ - ಯೂಸುಫ್ ಘಹಿತಿ

ಪುಟ ಸಂಖ್ಯೆ:close

external-link copy
58 : 21

فَجَعَلَهُمۡ جُذَٰذًا إِلَّا كَبِيرٗا لَّهُمۡ لَعَلَّهُمۡ إِلَيۡهِ يَرۡجِعُونَ

Ni ho rero Ibrahimu yamenagura nya bigirwamana abigira ubunywenywe, kiretse gusa gikuru cavyo yasize kugira bahave bakibaza ku vyashikiye ibindi bigirwamana. info
التفاسير:

external-link copy
59 : 21

قَالُواْ مَن فَعَلَ هَٰذَا بِـَٔالِهَتِنَآ إِنَّهُۥ لَمِنَ ٱلظَّٰلِمِينَ

Bamaze kugaruka rero bagasanga ibigirwamana vyamenaguwe, barabazanije hagati yabo bati: “Ni nde ga yemwe yubahutse kumenagura imana zacu! Uyo muntu nta nkeka ko ari mu bantu birenganije mu gusuzugura imana zacu”. info
التفاسير:

external-link copy
60 : 21

قَالُواْ سَمِعۡنَا فَتٗى يَذۡكُرُهُمۡ يُقَالُ لَهُۥٓ إِبۡرَٰهِيمُ

Abari bumvise Ibrahimu ahiga ko azobimenagura, bavuze bati: “Twarumvise umusore yabinebaguye, bamwita Ibrahimu”. info
التفاسير:

external-link copy
61 : 21

قَالُواْ فَأۡتُواْ بِهِۦ عَلَىٰٓ أَعۡيُنِ ٱلنَّاسِ لَعَلَّهُمۡ يَشۡهَدُونَ

Indongozi muri bo zaciye zivuga ziti: “Nimurengutse Ibrahimu aheze yemange ivyo yakoze imbere y’ishengero ry’abantu, kugira babe ivyabona”. info
التفاسير:

external-link copy
62 : 21

قَالُوٓاْ ءَأَنتَ فَعَلۡتَ هَٰذَا بِـَٔالِهَتِنَا يَٰٓإِبۡرَٰهِيمُ

Ni ho rero barengutsa Ibrahimu baca baramubaza ishavu riniga bati: “Burahi! Mbega ni wewe wubahutse kumenagura imana zacu?”. info
التفاسير:

external-link copy
63 : 21

قَالَ بَلۡ فَعَلَهُۥ كَبِيرُهُمۡ هَٰذَا فَسۡـَٔلُوهُمۡ إِن كَانُواْ يَنطِقُونَ

Na we abishura mu kubereka ubujuju bwabo ati: “Ahubwo nyabuna iki gikuru muri vyo, ni co cabikoze! Mbona vyiza mwobaza izo mana ku vyazishikiye nizaba zishoboye kuvuga canke kwishura!”. info
التفاسير:

external-link copy
64 : 21

فَرَجَعُوٓاْ إِلَىٰٓ أَنفُسِهِمۡ فَقَالُوٓاْ إِنَّكُمۡ أَنتُمُ ٱلظَّٰلِمُونَ

Ubwanwa bwaciye bupfuka umunwa, maze barabona ko imana zabo ata co zishoboye, ni ho bikebukana baraheza babwirana hagati yabo bati: “Mu vy’ukuri, mwebwe mwarirenganije mw’ibangikanyamana!”. info
التفاسير:

external-link copy
65 : 21

ثُمَّ نُكِسُواْ عَلَىٰ رُءُوسِهِمۡ لَقَدۡ عَلِمۡتَ مَا هَٰٓؤُلَآءِ يَنطِقُونَ

Hanyuma ntivyatevye, baca bisubirako babwira Ibrahimu bati: “Ni ukuri, urazi neza ko izi mana zitavuga, twozibaza gute!”. info
التفاسير:

external-link copy
66 : 21

قَالَ أَفَتَعۡبُدُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ مَا لَا يَنفَعُكُمۡ شَيۡـٔٗا وَلَا يَضُرُّكُمۡ

Ibrahimu yabishuye n’agasuzuguro ati: “None bigenda gute ngo musenge mu gishingo c’Imana Allah ibigirwamana ata co bibamariye mu gihe mubisenze, ata n’ico bibicira mu gihe mutobisenga!”; info
التفاسير:

external-link copy
67 : 21

أُفّٖ لَّكُمۡ وَلِمَا تَعۡبُدُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِۚ أَفَلَا تَعۡقِلُونَ

Murakamaramara mwebwe hamwe n’imana zanyu musenga mu gishingo c’Imana Allah! Mbega ntimugira ubwenge ngo mutahure ububi bw’ivyo mugira! info
التفاسير:

external-link copy
68 : 21

قَالُواْ حَرِّقُوهُ وَٱنصُرُوٓاْ ءَالِهَتَكُمۡ إِن كُنتُمۡ فَٰعِلِينَ

Ubwanwa bumaze gupfuka umunwa, ukuri kukabagira, bahisemwo gukoresha igikenye baraheza bavuga bati: “Nyabuna nimuturire Ibrahimu, muheze mwihorere imana zanyu nimwaba mushaka kuzigarukira”. info
التفاسير:

external-link copy
69 : 21

قُلۡنَا يَٰنَارُ كُونِي بَرۡدٗا وَسَلَٰمًا عَلَىٰٓ إِبۡرَٰهِيمَ

Barakanagaye bacana inkonge y’umuriro[10], maze bayitereramwo Ibrahimu, ni ho rero Twebwe Allah Twatabara Ibrahimu Duti: “Wa muriro we! Ba imbeho n’itekane kuri Ibrahimu!”. Maze umuriro uri aho, uraheza urazima ata co umutwaye. info

[10] Igicaniro amahanga

التفاسير:

external-link copy
70 : 21

وَأَرَادُواْ بِهِۦ كَيۡدٗا فَجَعَلۡنَٰهُمُ ٱلۡأَخۡسَرِينَ

Bashatse gukoresha urwenge ngo Ibrahimu apfe, maze Twebwe Allah Tuba Twabahinyuye kera baraheza baraneshwa. info
التفاسير:

external-link copy
71 : 21

وَنَجَّيۡنَٰهُ وَلُوطًا إِلَى ٱلۡأَرۡضِ ٱلَّتِي بَٰرَكۡنَا فِيهَا لِلۡعَٰلَمِينَ

Ni ho rero Twarokora Ibrahimu hamwe na Luutwi yamwemera, Turaheza Tubakura muri Iraki Tubimurira muri Shaamu[11] ahantu Twahezagije ivyiza vyinshi, no kuba amamuko ya benshi mu Bavugishwamana (ba nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah). info

[11] Shaamu muri kahise, ni izina ry’akarere kari kagizwe n’ibihugu vya Siriya, Libani, Jordaniya, Palestina, Tabuki na Sinayi.

التفاسير:

external-link copy
72 : 21

وَوَهَبۡنَا لَهُۥٓ إِسۡحَٰقَ وَيَعۡقُوبَ نَافِلَةٗۖ وَكُلّٗا جَعَلۡنَا صَٰلِحِينَ

Twaranahaye Ibrahimu ikibondo Is-haka igihe yasaba ko yoronswa umwana, Twongererako n'umwuzukuru Yakubu mwene Is-haka; kandi umwe wese muri bo[12], Twamugize umweranda agamburukira Imana Allah; info

[12] Ibrahimu, Is-haka na Yakubu.

التفاسير: