Bamaze kugaruka rero bagasanga ibigirwamana vyamenaguwe, barabazanije hagati yabo bati: “Ni nde ga yemwe yubahutse kumenagura imana zacu! Uyo muntu nta nkeka ko ari mu bantu birenganije mu gusuzugura imana zacu”.
Na we abishura mu kubereka ubujuju bwabo ati: “Ahubwo nyabuna iki gikuru muri vyo, ni co cabikoze! Mbona vyiza mwobaza izo mana ku vyazishikiye nizaba zishoboye kuvuga canke kwishura!”.
Ubwanwa bwaciye bupfuka umunwa, maze barabona ko imana zabo ata co zishoboye, ni ho bikebukana baraheza babwirana hagati yabo bati: “Mu vy’ukuri, mwebwe mwarirenganije mw’ibangikanyamana!”.
Ibrahimu yabishuye n’agasuzuguro ati: “None bigenda gute ngo musenge mu gishingo c’Imana Allah ibigirwamana ata co bibamariye mu gihe mubisenze, ata n’ico bibicira mu gihe mutobisenga!”;
Barakanagaye bacana inkonge y’umuriro[10], maze bayitereramwo Ibrahimu, ni ho rero Twebwe Allah Twatabara Ibrahimu Duti: “Wa muriro we! Ba imbeho n’itekane kuri Ibrahimu!”. Maze umuriro uri aho, uraheza urazima ata co umutwaye.
Ni ho rero Twarokora Ibrahimu hamwe na Luutwi yamwemera, Turaheza Tubakura muri Iraki Tubimurira muri Shaamu[11] ahantu Twahezagije ivyiza vyinshi, no kuba amamuko ya benshi mu Bavugishwamana (ba nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
[11] Shaamu muri kahise, ni izina ry’akarere kari kagizwe n’ibihugu vya Siriya, Libani, Jordaniya, Palestina, Tabuki na Sinayi.