ಪವಿತ್ರ ಕುರ್‌ಆನ್ ಅರ್ಥಾನುವಾದ - ಕಿರುಂಡಿ ಅನುವಾದ - ಯೂಸುಫ್ ಘಹಿತಿ

ಪುಟ ಸಂಖ್ಯೆ:close

external-link copy
146 : 2

ٱلَّذِينَ ءَاتَيۡنَٰهُمُ ٱلۡكِتَٰبَ يَعۡرِفُونَهُۥ كَمَا يَعۡرِفُونَ أَبۡنَآءَهُمۡۖ وَإِنَّ فَرِيقٗا مِّنۡهُمۡ لَيَكۡتُمُونَ ٱلۡحَقَّ وَهُمۡ يَعۡلَمُونَ

Abayahudi n’abanaswara Twahaye Igitabu Tawurati n’Injili, abamenyi muri bo barazi neza na neza ko Muhamadi ari Intumwa y’Imana bafatiye ku bimuranga biri mu Bitabu vyabo, nka kurya bazi neza na neza abana babo. Mu vy’ukuri, muri bo harimwo umugwi unyegeza ukuri kandi ukuzi. info
التفاسير:

external-link copy
147 : 2

ٱلۡحَقُّ مِن رَّبِّكَ فَلَا تَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡمُمۡتَرِينَ

Muvugishwamana! Ivyo wahishuriwe muri Qor’ani ni kwo kuri kuvuye ku Mana yawe Rurema Allah, ntukabe rero mu bagira amakenga kuri ukwo kuri. info
التفاسير:

external-link copy
148 : 2

وَلِكُلّٖ وِجۡهَةٌ هُوَ مُوَلِّيهَاۖ فَٱسۡتَبِقُواْ ٱلۡخَيۡرَٰتِۚ أَيۡنَ مَا تَكُونُواْ يَأۡتِ بِكُمُ ٱللَّهُ جَمِيعًاۚ إِنَّ ٱللَّهَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٞ

Burya umugwi wose urafise ubutumbero bwawo wahawe n’Imana Allah mu gusenga. Bemeramana! Kubera ivyo rero, nimurushanwe mu kwihutira gukora ivyiza mwategetswe. Aho muzoba muri hose rero Imana Allah Izobegeranya mwese ku musi w’izuka. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Mushoboravyose. info
التفاسير:

external-link copy
149 : 2

وَمِنۡ حَيۡثُ خَرَجۡتَ فَوَلِّ وَجۡهَكَ شَطۡرَ ٱلۡمَسۡجِدِ ٱلۡحَرَامِۖ وَإِنَّهُۥ لَلۡحَقُّ مِن رَّبِّكَۗ وَمَا ٱللَّهُ بِغَٰفِلٍ عَمَّا تَعۡمَلُونَ

Muvugishwamana! Aho ari ho hose uzoja mu rugendo, maze ugashaka gusenga, uratumbera amaja i Makka, ahari umusigiti mutagatifu. Ubwo butumbero ni kwo kuri kuvuye ku Mana yawe Rurema Allah. Burya rero Imana Allah ntiyirengagije ivyo mukora, Izobibahembera. info
التفاسير:

external-link copy
150 : 2

وَمِنۡ حَيۡثُ خَرَجۡتَ فَوَلِّ وَجۡهَكَ شَطۡرَ ٱلۡمَسۡجِدِ ٱلۡحَرَامِۚ وَحَيۡثُ مَا كُنتُمۡ فَوَلُّواْ وُجُوهَكُمۡ شَطۡرَهُۥ لِئَلَّا يَكُونَ لِلنَّاسِ عَلَيۡكُمۡ حُجَّةٌ إِلَّا ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ مِنۡهُمۡ فَلَا تَخۡشَوۡهُمۡ وَٱخۡشَوۡنِي وَلِأُتِمَّ نِعۡمَتِي عَلَيۡكُمۡ وَلَعَلَّكُمۡ تَهۡتَدُونَ

Muvugishwamana! Aho ari ho hose uzoja rero mu rugendo, uratumbera amaja i Makka. Bislamu! Aho muzoba muri hose kw’isi, muratumbera amaja i Makka, kugira ngo abo mudasangiye ukwemera ntibazoronke icitwazo co kubacanishamwo ku bijanye n’ubutumbero, kiretse gusa abirenganije muri bo bazobandanya babahaririza. Kubera ivyo rero, ntimukabatinye, ahubwo murantinya Jewe Allah maze mukurikize amabwirizwa yanje, kugira Ndabakwirize inema zanje mu kubahitiramwo amabwirizwa atunganye, no kugira rero mukurikire inzira y’ukuri ibaganisha ku Mana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
151 : 2

كَمَآ أَرۡسَلۡنَا فِيكُمۡ رَسُولٗا مِّنكُمۡ يَتۡلُواْ عَلَيۡكُمۡ ءَايَٰتِنَا وَيُزَكِّيكُمۡ وَيُعَلِّمُكُمُ ٱلۡكِتَٰبَ وَٱلۡحِكۡمَةَ وَيُعَلِّمُكُم مَّا لَمۡ تَكُونُواْ تَعۡلَمُونَ

Nk’uko Twabateye iteka ryo gutumbera amaja i Makka, Twarabarungikiye n’Intumwa ivuye muri mwebwe, ibasomera Aayah n’ivyemezo vyacu vyerekana ukuri n’ikinyoma, ikanabeza ivyaha vy’ibangikanyamana n’ingeso mbi zose, ikabigisha n’Igitabu ca Qor’ani n’imigenzo yayo (Sunnah), ikanabigisha ivyo mutari muzi mu nkuru z’ab’aho hambere n’Intumwa zabo. info
التفاسير:

external-link copy
152 : 2

فَٱذۡكُرُونِيٓ أَذۡكُرۡكُمۡ وَٱشۡكُرُواْ لِي وَلَا تَكۡفُرُونِ

Kubera ivyo vyose rero, nimuninahaze mwongere muntazire, Nzobayaga neza Ndabahe n’indishi ibakwiye, muheze rero kandi munshimire mu mvugo n’ingiro, kandi ntimukangararize mu kwihakana inema zanje nabahaye. info
التفاسير:

external-link copy
153 : 2

يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ ٱسۡتَعِينُواْ بِٱلصَّبۡرِ وَٱلصَّلَوٰةِۚ إِنَّ ٱللَّهَ مَعَ ٱلصَّٰبِرِينَ

Bemeramana! Mu gutunganya ivyanyu, nimwifashishe kwihanganira ibibagoye maze mwihangane mu gukora ivyo mwategetswe no mu kwirinda ivyo mwabujijwe, mwifashishe no gusenga isengesho rikwije ibisabwa ku mwanya waryo, kuko ari ryo ribuza umuntu gukora ivyaha rutura n’ibicumuro. Mu vy’ukuri, Imana Allah Iri kumwe n’abihangana mu kubatera intege no kubashikana ku vyo barondera. info
التفاسير: