ಪವಿತ್ರ ಕುರ್‌ಆನ್ ಅರ್ಥಾನುವಾದ - ಕಿರುಂಡಿ ಅನುವಾದ - ಯೂಸುಫ್ ಘಹಿತಿ

ಪುಟ ಸಂಖ್ಯೆ:close

external-link copy
109 : 11

فَلَا تَكُ فِي مِرۡيَةٖ مِّمَّا يَعۡبُدُ هَٰٓؤُلَآءِۚ مَا يَعۡبُدُونَ إِلَّا كَمَا يَعۡبُدُ ءَابَآؤُهُم مِّن قَبۡلُۚ وَإِنَّا لَمُوَفُّوهُمۡ نَصِيبَهُمۡ غَيۡرَ مَنقُوصٖ

Ntumwa y’Imana! Ntukagire amakenga rero ko amasengesho y’ababangikanyamana mu bantu warungitsweko, ari impfagusa; ntibasenga mu bigirwamana kiretse nk’ivyo ba se basenga aho hambere yabo, na Twe Allah mu vy’ukuri, Tuzobaha ibihano Twabasezeraniye ata kigabanijweko na kimwe. info
التفاسير:

external-link copy
110 : 11

وَلَقَدۡ ءَاتَيۡنَا مُوسَى ٱلۡكِتَٰبَ فَٱخۡتُلِفَ فِيهِۚ وَلَوۡلَا كَلِمَةٞ سَبَقَتۡ مِن رَّبِّكَ لَقُضِيَ بَيۡنَهُمۡۚ وَإِنَّهُمۡ لَفِي شَكّٖ مِّنۡهُ مُرِيبٖ

Ni ukuri, Musa Twaramuhaye Igitabu ca Tawurati, maze abantu yarungitsweko barahazana ku birimwo; bamwe muri bo baravyemera, abandi na bo barabihakana. Iyo rero hataba isezerano ry’Imana yawe Rurema Allah ryo kutihutira guhana ibiremwa, mu kurindiriza ibihano vy’umwe wese mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni ukuri abagarariji bari guhanwa bagahona maze hagasigara abagororotsi gusa. Mu vy’ukuri, abagarariji mu bayahudi n’ababangikanyamana mu bo warungitsweko, ni ukuri barafise amakenga kuri iyi Qor’ani. info
التفاسير:

external-link copy
111 : 11

وَإِنَّ كُلّٗا لَّمَّا لَيُوَفِّيَنَّهُمۡ رَبُّكَ أَعۡمَٰلَهُمۡۚ إِنَّهُۥ بِمَا يَعۡمَلُونَ خَبِيرٞ

Umugwi uwo ari wo wose w’abahazana, nta nkeka ko Imana yawe Rurema Allah Izowuhembera ivyo wakoze ku musi w’izuka. Burya, Imana Allah ivyo mukora vyose Irabizi; ni Muhetuziwavyose, kandi Izobibahembera. info
التفاسير:

external-link copy
112 : 11

فَٱسۡتَقِمۡ كَمَآ أُمِرۡتَ وَمَن تَابَ مَعَكَ وَلَا تَطۡغَوۡاْۚ إِنَّهُۥ بِمَا تَعۡمَلُونَ بَصِيرٞ

Muvugishwamana! Shishikara rero kuba umugororotsi nk’uko wabitegetswe n’Imana Allah, wewe hamwe n’abigaye muri kumwe; kandi ntimukarenge ku mabwirizwa y’Imana Allah, burya Imana Allah, Irabona neza ivyo mukora vyose, ni Nyenukubona. info
التفاسير:

external-link copy
113 : 11

وَلَا تَرۡكَنُوٓاْ إِلَى ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ فَتَمَسَّكُمُ ٱلنَّارُ وَمَا لَكُم مِّن دُونِ ٱللَّهِ مِنۡ أَوۡلِيَآءَ ثُمَّ لَا تُنصَرُونَ

Ntimugahengamire ku ruhande rw’abirenganije mu kugarariza ngo muhave mukorwako n’umuriro, nta n’umwe mworonka atari Imana Allah yobahagarikira akabatunganiriza ivyanyu, eka nta n’uwobatabara akabakingira guhanwa. info
التفاسير:

external-link copy
114 : 11

وَأَقِمِ ٱلصَّلَوٰةَ طَرَفَيِ ٱلنَّهَارِ وَزُلَفٗا مِّنَ ٱلَّيۡلِۚ إِنَّ ٱلۡحَسَنَٰتِ يُذۡهِبۡنَ ٱلسَّيِّـَٔاتِۚ ذَٰلِكَ ذِكۡرَىٰ لِلذَّٰكِرِينَ

Muvugishwamana! Tsimbataza kandi n’isengesho rikwije ibisabwa mu gitondo no ku mugoroba, no mu gihe c’ijoro. Mu vy’ukuri, ukugira ivyiza guhanagura ibicumuro, ivyo rero ni inkebuzo ku bibuka bagategera; info
التفاسير:

external-link copy
115 : 11

وَٱصۡبِرۡ فَإِنَّ ٱللَّهَ لَا يُضِيعُ أَجۡرَ ٱلۡمُحۡسِنِينَ

Kandi wihangane mu kwama usenga, wihanganire n’ibangamira ry’ababangikanyamana, kuko Imana Allah ntiyigera Itakaza indishi z’abagwaneza. info
التفاسير:

external-link copy
116 : 11

فَلَوۡلَا كَانَ مِنَ ٱلۡقُرُونِ مِن قَبۡلِكُمۡ أُوْلُواْ بَقِيَّةٖ يَنۡهَوۡنَ عَنِ ٱلۡفَسَادِ فِي ٱلۡأَرۡضِ إِلَّا قَلِيلٗا مِّمَّنۡ أَنجَيۡنَا مِنۡهُمۡۗ وَٱتَّبَعَ ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ مَآ أُتۡرِفُواْ فِيهِ وَكَانُواْ مُجۡرِمِينَ

Ese iyo haboneka mu migwi y’ababayeho aho hambere yanyu, abantu b’abagororotsi baguma babuza abandi kugarariza no kugenzwa n’ubwononyi kw’isi! Muri bo rero, ntihigeze haboneka kiretse abantu bake mu bemeramana Twarokoye mu bihano. Abirenganije muri nya migwi, bishinze kuryoherwa gusa n’ibihendamaso vy’isi, bari n’abanyavyaha bakwiye guhanwa koko[15]. info

[15] Iyi Aayah irakebura ibigaba mu bislamu bidahesha mu kwirenganya.

التفاسير:

external-link copy
117 : 11

وَمَا كَانَ رَبُّكَ لِيُهۡلِكَ ٱلۡقُرَىٰ بِظُلۡمٖ وَأَهۡلُهَا مُصۡلِحُونَ

Nta ho vyakabaye ko Imana yawe Rurema Allah Ihana Igahonya agacimbiri ako ari ko kose, mu gihe abakabamwo ari abantu b’intungane, bitwararika no gutunganiriza abandi. info
التفاسير: