ការបកប្រែអត្ថន័យគួរអាន - ការបកប្រែជាភាសាគីរូនឌី - យូសុហ្វ ហ្គីហ៊ីទី

Az-Zalzalah

external-link copy
1 : 99

إِذَا زُلۡزِلَتِ ٱلۡأَرۡضُ زِلۡزَالَهَا

Igihe isi yanyiganyijwe nya kunyiganyizwa; info
التفاسير:

external-link copy
2 : 99

وَأَخۡرَجَتِ ٱلۡأَرۡضُ أَثۡقَالَهَا

Maze isi igasohora ibiri muri yo vyose; abapfuye hamwe n’ubutare; info
التفاسير:

external-link copy
3 : 99

وَقَالَ ٱلۡإِنسَٰنُ مَا لَهَا

Umuntu akicwa n’ubwoba n’akantu abaza ati: “Mbega yemwe! Isi yashikiwe n’iki?”. info
التفاسير:

external-link copy
4 : 99

يَوۡمَئِذٖ تُحَدِّثُ أَخۡبَارَهَا

Uwo musi, isi izoshikiriza inkuru z’ivyayikoreweko vyose; vyaba ivyiza canke ibibi; info
التفاسير:

external-link copy
5 : 99

بِأَنَّ رَبَّكَ أَوۡحَىٰ لَهَا

Kuko Imana yawe Rurema Allah Yayitegetse. info
التفاسير:

external-link copy
6 : 99

يَوۡمَئِذٖ يَصۡدُرُ ٱلنَّاسُ أَشۡتَاتٗا لِّيُرَوۡاْ أَعۡمَٰلَهُمۡ

Uwo musi, abantu bazozuka bari imigwimigwi, kugira berekwe n’Imana Allah ibikorwa vyabo, Inabibahembere. info
التفاسير:

external-link copy
7 : 99

فَمَن يَعۡمَلۡ مِثۡقَالَ ذَرَّةٍ خَيۡرٗا يَرَهُۥ

Uwo wese rero akora iciza n’aho coba kingana n’akanyegeri, azobona indishi yaco mu buzima bw’inyuma yo gupfa. info
التفاسير:

external-link copy
8 : 99

وَمَن يَعۡمَلۡ مِثۡقَالَ ذَرَّةٖ شَرّٗا يَرَهُۥ

N’uwukora ikibi n’aho coba kingana n’akanyegeri, na co nyene azobona igihano caco mu buzima bw’inyuma yo gupfa. info
التفاسير: