ការបកប្រែអត្ថន័យគួរអាន - ការបកប្រែជាភាសាគីរូនឌី - យូសុហ្វ ហ្គីហ៊ីទី

Al-Mutwaffifiina

external-link copy
1 : 83

وَيۡلٞ لِّلۡمُطَفِّفِينَ

Uguhanwa nya guhanwa, ni ukw’abazirika umunzani n’abadakwiza ingero (igipimo); info
التفاسير:

external-link copy
2 : 83

ٱلَّذِينَ إِذَا ٱكۡتَالُواْ عَلَى ٱلنَّاسِ يَسۡتَوۡفُونَ

Abitwararika gukwirizwa ku munzani n’ingero mu gihe bapimiwe n’abandi bantu. info
التفاسير:

external-link copy
3 : 83

وَإِذَا كَالُوهُمۡ أَو وَّزَنُوهُمۡ يُخۡسِرُونَ

Iyo naho bapimiye abandi bantu ku ngero canke ku munzani, ntibakwiza urugero. info
التفاسير:

external-link copy
4 : 83

أَلَا يَظُنُّ أُوْلَٰٓئِكَ أَنَّهُم مَّبۡعُوثُونَ

Mbega, ntibazi ko bazozurwa bakanahemberwa ivyo bakoze! info
التفاسير:

external-link copy
5 : 83

لِيَوۡمٍ عَظِيمٖ

Ku musi w’intureka zihambaye. info
التفاسير:

external-link copy
6 : 83

يَوۡمَ يَقُومُ ٱلنَّاسُ لِرَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Umusi abantu bose bazohagarara imbere y’Imana yabo Rurema Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose, kugira Ibahembere ivyo bakoze vyose. info
التفاسير:

external-link copy
7 : 83

كَلَّآ إِنَّ كِتَٰبَ ٱلۡفُجَّارِ لَفِي سِجِّينٖ

Nibateshwe bate, barahumba! Mu vy’ukuri, ubushikiro bw’inkozi z’ikibi ni mu kaga “Sijjiini”. info
التفاسير:

external-link copy
8 : 83

وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا سِجِّينٞ

Mbega, ni igiki cokumenyesha akaga “Sijjiini” ico ari co? info
التفاسير:

external-link copy
9 : 83

كِتَٰبٞ مَّرۡقُومٞ

Ni ibihano bibabaza vy’akataraboneka bategekanirijwe, vyanditswe mu buryo ata kwihenda kurimwo. info
التفاسير:

external-link copy
10 : 83

وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ

Uguhanwa nya guhanwa, ni ukw’abahakanyi; info
التفاسير:

external-link copy
11 : 83

ٱلَّذِينَ يُكَذِّبُونَ بِيَوۡمِ ٱلدِّينِ

Bahakana bivuye inyuma ko hari umusi w’impera. info
التفاسير:

external-link copy
12 : 83

وَمَا يُكَذِّبُ بِهِۦٓ إِلَّا كُلُّ مُعۡتَدٍ أَثِيمٍ

Nta wuhakana uwo musi atari uwimonogoje mu buhakanyi, umunyavyaha ruhebwa; info
التفاسير:

external-link copy
13 : 83

إِذَا تُتۡلَىٰ عَلَيۡهِ ءَايَٰتُنَا قَالَ أَسَٰطِيرُ ٱلۡأَوَّلِينَ

Iyo asomewe Aayah zacu za Qo’rani, aca avuga ati: “Ivyo, ni imigani n'ibitito vy’ab'aho hambere”. info
التفاسير:

external-link copy
14 : 83

كَلَّاۖ بَلۡۜ رَانَ عَلَىٰ قُلُوبِهِم مَّا كَانُواْ يَكۡسِبُونَ

Nibateshwe bate, barahumba! Ahubwo ni amajambo y’Imana Allah Yahishuriye Intumwa yayo. Bananiwe kwemera Qor’ani, kuko imitima yabo yaguye ingese, itewe n’ibicumuro bakoze. info
التفاسير:

external-link copy
15 : 83

كَلَّآ إِنَّهُمۡ عَن رَّبِّهِمۡ يَوۡمَئِذٖ لَّمَحۡجُوبُونَ

Nibateshwe bate, barahumba! Ahubwo mu vy’ukuri, abahakanyi kuri uwo musi w’izuka, bazobuzwa kubona Imana yabo Rurema Allah[1]; info

[1] Iyi Aayah, irerekana ko abemeramana ari bo bazobona Imana yabo Rurema Allah mu Bwami bw’ijuru.

التفاسير:

external-link copy
16 : 83

ثُمَّ إِنَّهُمۡ لَصَالُواْ ٱلۡجَحِيمِ

Hanyuma binjire mu muriro ururumba, bawote; info
التفاسير:

external-link copy
17 : 83

ثُمَّ يُقَالُ هَٰذَا ٱلَّذِي كُنتُم بِهِۦ تُكَذِّبُونَ

Hanyuma babwirwe n’abamalayika bawucungereye bati: “Ibi, ni vya bihano mwahora muhakana mwivuye inyuma”. info
التفاسير:

external-link copy
18 : 83

كَلَّآ إِنَّ كِتَٰبَ ٱلۡأَبۡرَارِ لَفِي عِلِّيِّينَ

Emwe! Nibateshwe bate barahumba! Mu vy’ukuri, ivyanditswe ku beranda biri ku rwego ruhanitse “Illiyyiina” mu Bwami bw’ijuru. info
التفاسير:

external-link copy
19 : 83

وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا عِلِّيُّونَ

Mbega, ni igiki cokumenyesha urwego ruhanitse “Illiyyiina” ico ari co! info
التفاسير:

external-link copy
20 : 83

كِتَٰبٞ مَّرۡقُومٞ

Ni ivyagenewe aberanda, vyanditswe mu buryo ata kwihenda kurimwo; info
التفاسير:

external-link copy
21 : 83

يَشۡهَدُهُ ٱلۡمُقَرَّبُونَ

Bibonwa n’abamalayika b’abishikira. info
التفاسير:

external-link copy
22 : 83

إِنَّ ٱلۡأَبۡرَارَ لَفِي نَعِيمٍ

Mu vy’ukuri aberanda, bazoba bari mu nema z’Ubwami bw’ijuru; info
التفاسير:

external-link copy
23 : 83

عَلَى ٱلۡأَرَآئِكِ يَنظُرُونَ

Bicaye ku bitanda bisharije vy'iteka biteye igomwe, baraba Imana yabo Allah hamwe n’ingabirano n’ivyiza bahawe; info
التفاسير:

external-link copy
24 : 83

تَعۡرِفُ فِي وُجُوهِهِمۡ نَضۡرَةَ ٱلنَّعِيمِ

Uzobona basayangana mu maso kubera akamwemwe ku kandi gatewe n’inema z’Imana Allah; info
التفاسير:

external-link copy
25 : 83

يُسۡقَوۡنَ مِن رَّحِيقٖ مَّخۡتُومٍ

Bazoherezwa inzoga zitaboreza, zipfundikiye neza zitwararitswe. info
التفاسير:

external-link copy
26 : 83

خِتَٰمُهُۥ مِسۡكٞۚ وَفِي ذَٰلِكَ فَلۡيَتَنَافَسِ ٱلۡمُتَنَٰفِسُونَ

Uwuhejeje kunywa kuri nya nzoga, mu kanwa hasigara akamoto ka “Miski”. Mu gutsindira izo nema rero, nibarushanwe abarushanwa. info
التفاسير:

external-link copy
27 : 83

وَمِزَاجُهُۥ مِن تَسۡنِيمٍ

Iyo nzoga yengeshejwe amazi ya “Tasniim”; info
التفاسير:

external-link copy
28 : 83

عَيۡنٗا يَشۡرَبُ بِهَا ٱلۡمُقَرَّبُونَ

Ni iriba, abatoni b’Imana Allah bazonywako. info
التفاسير:

external-link copy
29 : 83

إِنَّ ٱلَّذِينَ أَجۡرَمُواْ كَانُواْ مِنَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ يَضۡحَكُونَ

Mu vy’ukuri abahakanye Imana Allah, bahora batwenga abemeramana bakiri kw’isi; info
التفاسير:

external-link copy
30 : 83

وَإِذَا مَرُّواْ بِهِمۡ يَتَغَامَزُونَ

Mu gihe babarenganye, bavunanira urugohe ku gasuzuguro; info
التفاسير:

external-link copy
31 : 83

وَإِذَا ٱنقَلَبُوٓاْ إِلَىٰٓ أَهۡلِهِمُ ٱنقَلَبُواْ فَكِهِينَ

Mu gihe naho batashe mu miryango yabo, bagataha baryohewe batera inkuru z’ukuntu basuzuguye abemeramana; info
التفاسير:

external-link copy
32 : 83

وَإِذَا رَأَوۡهُمۡ قَالُوٓاْ إِنَّ هَٰٓؤُلَآءِ لَضَآلُّونَ

Iyo naho babonye ingendanyi zamaze kwemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bavuga bati: “Mu vy’ukuri, abo ni bo bahuvye, bari mu muzimiza”. info
التفاسير:

external-link copy
33 : 83

وَمَآ أُرۡسِلُواْ عَلَيۡهِمۡ حَٰفِظِينَ

Kanatsinda, ntibatumwe kugira ngo bazicungere. info
التفاسير:

external-link copy
34 : 83

فَٱلۡيَوۡمَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ مِنَ ٱلۡكُفَّارِ يَضۡحَكُونَ

Uno musi w’izuka rero, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, baratwenga abagararije basuzuguritse mu bihano; info
التفاسير:

external-link copy
35 : 83

عَلَى ٱلۡأَرَآئِكِ يَنظُرُونَ

Abemeramana bazoba bicaye ku bitanda vy'iteka bisharije biteye igomwe, baraba Imana yabo Allah hamwe n’ingabirano n’ivyiza bahawe; info
التفاسير:

external-link copy
36 : 83

هَلۡ ثُوِّبَ ٱلۡكُفَّارُ مَا كَانُواْ يَفۡعَلُونَ

Bazovuga bati: “Mbega yemwe! Abagarariji boba bahembewe ivyo bari barakoze kw’isi?”. info
التفاسير: