Terjemahan makna Alquran Alkarim - Terjemahan Berbahasa Kirundi - Yusuf Ghiti

external-link copy
129 : 7

قَالُوٓاْ أُوذِينَا مِن قَبۡلِ أَن تَأۡتِيَنَا وَمِنۢ بَعۡدِ مَا جِئۡتَنَاۚ قَالَ عَسَىٰ رَبُّكُمۡ أَن يُهۡلِكَ عَدُوَّكُمۡ وَيَسۡتَخۡلِفَكُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَيَنظُرَ كَيۡفَ تَعۡمَلُونَ

Abantu ba Musa muri Bene Israyeli, baraheza bamubwira n’umwiheburo n’akantu bati: “Twarageragejwe na Firawuni, turabangamirwa mu kwicirwa abana bacu b’abahungu, hagasigazwa abana bacu b’abakobwa bagirwa abajakazi. Ivyo vyadushikiye imbere yuko uza n’inyuma y’aho uziye”. Musa ababwira ati: “Hari n’aho Imana yanyu Rurema Allah Yohonya abansi banyu, maze mukabasubirira, Imana Allah Ikabatsimbataza kw’isi kugira Irabe uko mwigenza; ko mwoshima ingabirano zayo canke mukazigarariza!”. info
التفاسير: