[16] Iyi Aayah, irerekana ko ukwemera nya kwemera gutuma umuntu yubahiriza ingingo y’Imana Allah, akayisunga mu gutunganiriza abantu muri vyose. Uwo wese rero, yibwira ko yemera vy’ukuri, hanyuma agahitamwo kwubahiriza ingingo y’ibintazi n’ikinyoma, aba ari indyarya mu kwemera kwiwe.
[17] Burya ukwubahiriza no gukurikiza ingingo zisunga Qor’ani n’inyigisho z’intumwa muri vyose bijanye n’ubuzima, ni mu bigize umushinge wo kwemera.