Terjemahan makna Alquran Alkarim - Terjemahan Berbahasa Kirundi - Yusuf Ghiti

Nomor Halaman:close

external-link copy
91 : 21

وَٱلَّتِيٓ أَحۡصَنَتۡ فَرۡجَهَا فَنَفَخۡنَا فِيهَا مِن رُّوحِنَا وَجَعَلۡنَٰهَا وَٱبۡنَهَآ ءَايَةٗ لِّلۡعَٰلَمِينَ

Ntumwa y’Imana! Ibuka n’inkuru ya Mariyamu umukobwa wa Amraani, yabungabunze ubwambure bwiwe, Turaheza Tumurungikira umumalayika Jibrili amuhuhiramwo inkomoko y’ubuzima “Roho” iturutse iwacu, aca arasama imbanyi ya Isa ata mugabo babonanye. Mariyamu n’umwana wiwe Isa rero, Twabagize ikimenyetso cereka ibiremwa vyose ubushobozi n'ububasha vyacu Twebwe Allah gushika ku musi w’umuhero w’isi. info
التفاسير:

external-link copy
92 : 21

إِنَّ هَٰذِهِۦٓ أُمَّتُكُمۡ أُمَّةٗ وَٰحِدَةٗ وَأَنَا۠ رَبُّكُمۡ فَٱعۡبُدُونِ

Ntumwa y'Imana! Mu vy’ukuri, idini ry’aba Bavugishwamana Tudondaguye, ari na ryo dini ryanyu, ni idini rimwe ry’ubwislamu; ryo kwicisha bugufi no gusenga Imana Imwe Rudende Allah, ni na Jewe rero Imana yanyu Rurema Allah, enda nyabuna rero, nimunyiyegereze mu vyo mukora vyose munansenge mutambangikanya. info
التفاسير:

external-link copy
93 : 21

وَتَقَطَّعُوٓاْ أَمۡرَهُم بَيۡنَهُمۡۖ كُلٌّ إِلَيۡنَا رَٰجِعُونَ

Ariko rero abantu ni bo bahavuye bicamwo imigwi ha gukurikira idini rimwe, gutyo basenga ibigirwamana batwawe n’ivyipfuzo vyabo. Iyo migwi yose rero, impera n’imperuka izogaruka iwacu Twebwe Allah, kugira iharurirwe iheze ihemberwe ivyo yakoze. info
التفاسير:

external-link copy
94 : 21

فَمَن يَعۡمَلۡ مِنَ ٱلصَّٰلِحَٰتِ وَهُوَ مُؤۡمِنٞ فَلَا كُفۡرَانَ لِسَعۡيِهِۦ وَإِنَّا لَهُۥ كَٰتِبُونَ

Uwuzokora ivyiza bitegetswe rero, akaba yemera n’Imana Allah hamwe n’Intumwa zayo, ibikorwa vyiwe ntibizoba impfagusa namba, Tuzobimuhembera; mu vy’ukuri n’ivyo yakoze vyose, Tuzovyandika mu gitabu ciwe azokwisomera ku musi w’izuka. info
التفاسير:

external-link copy
95 : 21

وَحَرَٰمٌ عَلَىٰ قَرۡيَةٍ أَهۡلَكۡنَٰهَآ أَنَّهُمۡ لَا يَرۡجِعُونَ

Ntibizokwigera bishika ku bantu bo mu gacimbiri Twahoneje ku kwirenganya kwabo mu kugarariza, ko bagaruka kandi kw’isi kugira ngo bigaye bongere bakore ivyo birengagije imbere yuko umuhero w’isi ushika. info
التفاسير:

external-link copy
96 : 21

حَتَّىٰٓ إِذَا فُتِحَتۡ يَأۡجُوجُ وَمَأۡجُوجُ وَهُم مِّن كُلِّ حَدَبٖ يَنسِلُونَ

Igihe habonetse ibimenyetso bihambaye vy’umuhero w’isi, hagasenyurwa uruzitiro-ntamenwa rw’ahabohewe Ya-juuju na Ma-juuju, maze Ya-juuju na Ma-juuju bagashunguruka imisozi bashwiragira mu mpande zose z’isi; info
التفاسير:

external-link copy
97 : 21

وَٱقۡتَرَبَ ٱلۡوَعۡدُ ٱلۡحَقُّ فَإِذَا هِيَ شَٰخِصَةٌ أَبۡصَٰرُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ يَٰوَيۡلَنَا قَدۡ كُنَّا فِي غَفۡلَةٖ مِّنۡ هَٰذَا بَلۡ كُنَّا ظَٰلِمِينَ

Isezerano ry’isango ry’ukuri ry’umuhero w’isi rizoba ryegereje, aho abagarariji bazoturumbura amaso kubera intureka z’uwo musi, bazokwisabira guhona bavuga bati: “Amagorwa arama yemwe! Ni ukuri, twari twagoswe mu kutibuka intureka z’uno musi ngo tuwitegurire, ahubwo mbere twarirenganije koko”. info
التفاسير:

external-link copy
98 : 21

إِنَّكُمۡ وَمَا تَعۡبُدُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ حَصَبُ جَهَنَّمَ أَنتُمۡ لَهَا وَٰرِدُونَ

Bagarariji! Mu vy’ukuri, mwebwe hamwe n’ibigirwamana vy’ubwoko bwose[16] mwasenga mu gishingo c’Imana Allah, ni ibicanirizo vy’umuriro wa Jahannamu, mwebwe mwese rero mutegerezwa kuwinjira; info

[16] Ibigirwamana vy'ubwoko bwose, ni ico cose gisengwa mu gishingo c’Imana Allah. Abasenga abamalayika canke Intumwa nka Uzayru na Isa mwene Mariyamu, abo bazohanwa bonyene gusa kuko basengwa batabinezererewe.

التفاسير:

external-link copy
99 : 21

لَوۡ كَانَ هَٰٓؤُلَآءِ ءَالِهَةٗ مَّا وَرَدُوهَاۖ وَكُلّٞ فِيهَا خَٰلِدُونَ

Iyo ibigirwamana mwasenze mu gishingo c’Imana Allah biba bikwiye gusengwa vy’ukuri, ntivyari kwinjirana na mwe mu muriro wa Jahannamu. Ibigirwamana hamwe n’ababisenze rero, bazoguma muri nya muriro ibihe bidahera; info
التفاسير:

external-link copy
100 : 21

لَهُمۡ فِيهَا زَفِيرٞ وَهُمۡ فِيهَا لَا يَسۡمَعُونَ

Bari mu bihano bikaze bituma bahezagurika urutavanako; muri nya muriro, nta n’uwuzokwumva muri bo bivuye ku ntureka z’ibihano biriyo. info
التفاسير:

external-link copy
101 : 21

إِنَّ ٱلَّذِينَ سَبَقَتۡ لَهُم مِّنَّا ٱلۡحُسۡنَىٰٓ أُوْلَٰٓئِكَ عَنۡهَا مُبۡعَدُونَ

Mu vy’ukuri, abo Twamaze kumenya ko bafise amahirwe yo kwinjira mu Bwami bw’ijuru, abo ni bo rero bazokwigizwa kure y’umuriro wa Jahannamu; info
التفاسير: