क़ुरआन के अर्थों का अनुवाद - किरुण्डी अनुवाद - यूसुफ़ गहीती

पृष्ठ संख्या:close

external-link copy
37 : 9

إِنَّمَا ٱلنَّسِيٓءُ زِيَادَةٞ فِي ٱلۡكُفۡرِۖ يُضَلُّ بِهِ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ يُحِلُّونَهُۥ عَامٗا وَيُحَرِّمُونَهُۥ عَامٗا لِّيُوَاطِـُٔواْ عِدَّةَ مَا حَرَّمَ ٱللَّهُ فَيُحِلُّواْ مَا حَرَّمَ ٱللَّهُۚ زُيِّنَ لَهُمۡ سُوٓءُ أَعۡمَٰلِهِمۡۗ وَٱللَّهُ لَا يَهۡدِي ٱلۡقَوۡمَ ٱلۡكَٰفِرِينَ

Ni ukuri, uguhindura amazina y’ayo mezi matagatifu kiziramwo kurwana, agahabwa amazina y’ayandi mezi arekuwemwo kurwana, ni ukwimonogoza mu bugarariji, ni n’uburyo shetani ikoresha mu guhubisha abagararije. Bazirura kurwana mu kwezi gutagatifu, bagahindura izina ryakwo muri uyu mwaka, bakazosubira kukuziririza mu mwaka ukurikira, kugira bubahirize gusa igitigiri c’amezi matagatifu uko ari ane ku mwaka, ivyo bigatuma bazirura muri yo, ayari asanzwe yaraziririjwe n’Imana Allah[7]. Shetani yarabaryohereje ububi bw’ibikorwa vyabo. Burya Imana Allah, ntishoboza kurongoka mu nzira yayo abantu b’abagarariji. info

[7] Abarabu b’aho hambere, ntibihanganira kumara amezi ane batihoranye ngo batere indwano; bashatse rero gutera indwano mu kwezi kuziramwo indwano, baca bahindura izina rya nya kwezi gutagatifu muri uwo mwaka, bakakwita izina ry’ukundi kwezi kurekuwemwo indwano, bakazosubiza ku rutonde nya kwezi gutagatifu mu wundi mwaka.

التفاسير:

external-link copy
38 : 9

يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ مَا لَكُمۡ إِذَا قِيلَ لَكُمُ ٱنفِرُواْ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ ٱثَّاقَلۡتُمۡ إِلَى ٱلۡأَرۡضِۚ أَرَضِيتُم بِٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَا مِنَ ٱلۡأٓخِرَةِۚ فَمَا مَتَٰعُ ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَا فِي ٱلۡأٓخِرَةِ إِلَّا قَلِيلٌ

Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Bigenda gute, ko iyo mubwiwe muti: “Nimusidukane n’iyonka muje kurwanira idini ry’Imana Allah”, muca munebwa ntimuve hasi! Mbega mwashimye guhitamwo ubuzima bwo kw’isi ha guhitamwo ubuzima bw’inyuma yo gupfa! Burya ukuryoherwa n’ivyiza bike vyo kw’isi, kumara akanya gato cane ugereranije n’ukuryoherwa n’ivyiza vyinshi vyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, bizokwamaho ibihe bidahera. info
التفاسير:

external-link copy
39 : 9

إِلَّا تَنفِرُواْ يُعَذِّبۡكُمۡ عَذَابًا أَلِيمٗا وَيَسۡتَبۡدِلۡ قَوۡمًا غَيۡرَكُمۡ وَلَا تَضُرُّوهُ شَيۡـٔٗاۗ وَٱللَّهُ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٌ

Bemeramana! Nimutasidukana n’iyonka mukaja kurwanya abansi banyu, Imana Allah Izobaha ibihano bibabaza, Iheze Izane abandi bantu batari nkamwe bagamburukira Imana Allah n’Intumwa yayo, kandi nta n’ico muzokwicira Imana Allah. Burya Imana Allah, ni Mushoboravyose, Irashoboye gukingira idini ryayo n’Intumwa yayo. info
التفاسير:

external-link copy
40 : 9

إِلَّا تَنصُرُوهُ فَقَدۡ نَصَرَهُ ٱللَّهُ إِذۡ أَخۡرَجَهُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ ثَانِيَ ٱثۡنَيۡنِ إِذۡ هُمَا فِي ٱلۡغَارِ إِذۡ يَقُولُ لِصَٰحِبِهِۦ لَا تَحۡزَنۡ إِنَّ ٱللَّهَ مَعَنَاۖ فَأَنزَلَ ٱللَّهُ سَكِينَتَهُۥ عَلَيۡهِ وَأَيَّدَهُۥ بِجُنُودٖ لَّمۡ تَرَوۡهَا وَجَعَلَ كَلِمَةَ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ ٱلسُّفۡلَىٰۗ وَكَلِمَةُ ٱللَّهِ هِيَ ٱلۡعُلۡيَاۗ وَٱللَّهُ عَزِيزٌ حَكِيمٌ

Ngendanyi z’Intumwa! Nimutasidukana n’iyonka mukaja gutabara Intumwa, ni ukuri Imana Allah Yaramaze kuyitera intege no kuyitabara umusi abagarariji bayisohora mu gisagara ca Makka, iri kumwe n’uwugira kabiri[8], igihe bahungira mw’isenga ry’ibuye riri i Makka ku musozi “Thauri”, bakahamara amajoro atatu, igihe Intumwa yabwira uwuri kumwe na yo imuhumuriza iti: “Ntiwicwe n’intuntu kuko Imana Allah Iri kumwe na twe, Iradukingira”. Ni ho rero Imana Allah Yatururuza Intumwa yayo, Iranayiteza intege ingabo z’abamalayika mutashobora kubona n’amaso, Iranasuzuguza ijambo ry’abagarariji, riratsindwa. Burya, ijambo ry’Imana Allah rirakwiye kwubahwa hakaganza ubwislamu. Burya Imana Allah, ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora[9]. info

[8] Ari we Abu Bakari Al-Swiddiiq (Imana Allah Imwishimire).
[9] Iyi Aayah, irerekana icubahiro gihambaye ca Abu Bakari Al-Swiddiiq (Imana Allah Imwishimire).

التفاسير: