क़ुरआन के अर्थों का अनुवाद - किरुण्डी अनुवाद - यूसुफ़ गहीती

पृष्ठ संख्या:close

external-link copy
19 : 55

مَرَجَ ٱلۡبَحۡرَيۡنِ يَلۡتَقِيَانِ

Yahurije hamwe amabahari abiri, atandukanye mu kanovera k’amazi yayo; info
التفاسير:

external-link copy
20 : 55

بَيۡنَهُمَا بَرۡزَخٞ لَّا يَبۡغِيَانِ

Hamwe n’iryo tandukaniro ry’akanovera k’amazi yayo rero, hagati yayo hariho agakingo gatuma amazi y’icunyunyu y’iri bahari atavangana n’amazi y’akanovera y’irindi bahari. info
التفاسير:

external-link copy
21 : 55

فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ

Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana! info
التفاسير:

external-link copy
22 : 55

يَخۡرُجُ مِنۡهُمَا ٱللُّؤۡلُؤُ وَٱلۡمَرۡجَانُ

Muri nya mabahari yompi, hacukurwamwo ubutare bwa lulu[2] n'ubwa marjaani[3]. info

[2] Lulu, ni ubwoko bw’ubutare bwiburungushuye, bucukurwa mw’ibahari, bukaba buboneka mu binyabuzima biba musi yaryo, bukagira amabara atandukanye; nk’ibara ryera, iryirabura, n’ayandi. Ni ubutare buzimvye cane.
[3] Marjaani, ni ubwoko bw’amabuye y’agaciro, acukurwa mw’ibahari, akaba yiremarema mu binyabuzima biba musi yaryo, aremye nk’ishurwe rifise udushami n’imizi, akagira n’ibara risa n’agahama canke rishaka gutukura.

التفاسير:

external-link copy
23 : 55

فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ

Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana! info
التفاسير:

external-link copy
24 : 55

وَلَهُ ٱلۡجَوَارِ ٱلۡمُنشَـَٔاتُ فِي ٱلۡبَحۡرِ كَٱلۡأَعۡلَٰمِ

Ni na Yo Nyenububasha, Ituma ubwato bugendera mw’ibahari mu ruja n’uruza, buriko ibitambara bimanitse bingana umusozi, busunikwa n’umuyaga. info
التفاسير:

external-link copy
25 : 55

فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ

Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana! info
التفاسير:

external-link copy
26 : 55

كُلُّ مَنۡ عَلَيۡهَا فَانٖ

Zina kiremwa cose kiri kw’isi, kizopfa gihone; info
التفاسير:

external-link copy
27 : 55

وَيَبۡقَىٰ وَجۡهُ رَبِّكَ ذُو ٱلۡجَلَٰلِ وَٱلۡإِكۡرَامِ

Maze hasigare gusa Imana yawe Rurema Allah, Yo Yonyene ubwayo, Nyenicubahiro kirengeye vyose, Nyenubugwaneza[4]. info

[4] Muri iyi Aayah, harimwo icemezo c’uko Imana Allah Ifise mu maso mu buryo buberanye n’icubahiro cayo, ata kugereranya mu maso hayo n’ah’ibiremwa mu kuntu hasa n’ukuntu haremye.

التفاسير:

external-link copy
28 : 55

فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ

Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana! info
التفاسير:

external-link copy
29 : 55

يَسۡـَٔلُهُۥ مَن فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ كُلَّ يَوۡمٍ هُوَ فِي شَأۡنٖ

Abari mu majuru n’isi, ni Yo basaba ko Ibaronsa ivyo bakeneye vyose. Imisi yose rero, Iba Iriko Irabishura, maze Igatera iteka uyu Igateza urubwa n’uriya; Igaha uyu, Ikima n’uriya. info
التفاسير:

external-link copy
30 : 55

فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ

Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana! info
التفاسير:

external-link copy
31 : 55

سَنَفۡرُغُ لَكُمۡ أَيُّهَ ٱلثَّقَلَانِ

Emwe bantu hamwe n’Amajini! Burya, Tuzoteba Tubaharurira ivyo mwakoze kw’isi, Twongere Tubibahembere, Duheze Duhane abanyavyaha, Duhe n’indishi abagwaneza. info
التفاسير:

external-link copy
32 : 55

فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ

Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana! info
التفاسير:

external-link copy
33 : 55

يَٰمَعۡشَرَ ٱلۡجِنِّ وَٱلۡإِنسِ إِنِ ٱسۡتَطَعۡتُمۡ أَن تَنفُذُواْ مِنۡ أَقۡطَارِ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ فَٱنفُذُواْۚ لَا تَنفُذُونَ إِلَّا بِسُلۡطَٰنٖ

Emwe bantu hamwe n’Amajini! Nimwaba mushobora gucaruka mu bihano mugahungira mu mihingo itandukanye y’amajuru n’isi, nimuhunge mwomoke. Eka ntimushobora gucaruka na gato, kiretse ku bushobozi n’ububasha vy’Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
34 : 55

فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ

Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana! info
التفاسير:

external-link copy
35 : 55

يُرۡسَلُ عَلَيۡكُمَا شُوَاظٞ مِّن نَّارٖ وَنُحَاسٞ فَلَا تَنتَصِرَانِ

Mu gihe mwokwihenda ngo murahunze nya bihano, muzorungikirwa urubeya rw’umuriro, Tubarungikire n’ubutare bw’umujumpu buyongejwe, busukwe ku mitwe yanyu, ntimuzonatabarana hagati yanyu. info
التفاسير:

external-link copy
36 : 55

فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ

Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana! info
التفاسير:

external-link copy
37 : 55

فَإِذَا ٱنشَقَّتِ ٱلسَّمَآءُ فَكَانَتۡ وَرۡدَةٗ كَٱلدِّهَانِ

Igihe ijuru ryasadaguritse ku musi w’umuhero w’isi, rikarungurira rigasa nk’ishurwe ritukura, rikaba nka kurya kw’amavuta n’icuma vyasebuye bikaryimara. info
التفاسير:

external-link copy
38 : 55

فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ

Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana! info
التفاسير:

external-link copy
39 : 55

فَيَوۡمَئِذٖ لَّا يُسۡـَٔلُ عَن ذَنۢبِهِۦٓ إِنسٞ وَلَا جَآنّٞ

Kuri uyo musi, abamalayika nta n’umwe bazobaza ku vyaha vyiwe, yaba mu bantu kibure mu Majini. info
التفاسير:

external-link copy
40 : 55

فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ

Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana! info
التفاسير:

external-link copy
41 : 55

يُعۡرَفُ ٱلۡمُجۡرِمُونَ بِسِيمَٰهُمۡ فَيُؤۡخَذُ بِٱلنَّوَٰصِي وَٱلۡأَقۡدَامِ

Abanyavyaha barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, abamalayika bazobamenyera ku bimenyetso vyabo bibaranga, maze babacakire mu ruhanga n’ibirenge, babajugunyire mu muriro. info
التفاسير: