क़ुरआन के अर्थों का अनुवाद - किरुण्डी अनुवाद - यूसुफ़ गहीती

पृष्ठ संख्या: 520:520 close

external-link copy
7 : 51

وَٱلسَّمَآءِ ذَاتِ ٱلۡحُبُكِ

Jewe Allah, Ndarahiye kw’ijuru ryaremwe mu buryo butangaje; info
التفاسير:

external-link copy
8 : 51

إِنَّكُمۡ لَفِي قَوۡلٖ مُّخۡتَلِفٖ

Ko mu vy’ukuri, mwebwe abahakanyi muri ba mahindagu ku vyerekeye ukwemera Qor’ani hamwe n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah); info
التفاسير:

external-link copy
9 : 51

يُؤۡفَكُ عَنۡهُ مَنۡ أُفِكَ

Higizwa kure ya Qor’ani n’Intumwa, uwigijwe kure y’ukuvyemera mu kwirengagiza ivyemezo vy’Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
10 : 51

قُتِلَ ٱلۡخَرَّٰصُونَ

Harakavumwa rero abahakanyi bibwira ibitari ukuri; info
التفاسير:

external-link copy
11 : 51

ٱلَّذِينَ هُمۡ فِي غَمۡرَةٖ سَاهُونَ

Abimonogoje mu buhakanyi, bagoswe mu bugarariji; info
التفاسير:

external-link copy
12 : 51

يَسۡـَٔلُونَ أَيَّانَ يَوۡمُ ٱلدِّينِ

Babaza bitangaza mu ntumbero yo guhakana bati: “Mbega umusi w’iharurirwa n’impera, uzoshika ryari!”. info
التفاسير:

external-link copy
13 : 51

يَوۡمَ هُمۡ عَلَى ٱلنَّارِ يُفۡتَنُونَ

Umusi w’iharurirwa n’impera, ni umusi bahanishijwe umuriro; info
التفاسير:

external-link copy
14 : 51

ذُوقُواْ فِتۡنَتَكُمۡ هَٰذَا ٱلَّذِي كُنتُم بِهِۦ تَسۡتَعۡجِلُونَ

Maze bakabwirwa bati: “Nimuhonje ibihano vyanyu, ari na vyo mwahora mwihutira gusaba kw’isi ko mwohabwa”. info
التفاسير:

external-link copy
15 : 51

إِنَّ ٱلۡمُتَّقِينَ فِي جَنَّٰتٖ وَعُيُونٍ

Mu vy’ukuri abagamburukiramana, kuri uwo musi bazoba bari mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, irimwo n’amazi y’imbizi atemba; info
التفاسير:

external-link copy
16 : 51

ءَاخِذِينَ مَآ ءَاتَىٰهُمۡ رَبُّهُمۡۚ إِنَّهُمۡ كَانُواْ قَبۡلَ ذَٰلِكَ مُحۡسِنِينَ

Maze bakirane urweze n’akanyamuneza, impano bahawe n’Imana yabo Rurema Allah, mu vy’ukuri n’imbere yuko bahabwa nya mpano, bahora ari abagwaneza mu bugamburutsi bwabo kw’isi; info
التفاسير:

external-link copy
17 : 51

كَانُواْ قَلِيلٗا مِّنَ ٱلَّيۡلِ مَا يَهۡجَعُونَ

Ni gake baryama mw’ijoro ku kubera ugusenga; info
التفاسير:

external-link copy
18 : 51

وَبِٱلۡأَسۡحَارِ هُمۡ يَسۡتَغۡفِرُونَ

No mu bucagucagu, barasaba Imana Allah imbabazi ku vyaha vyabo; info
التفاسير:

external-link copy
19 : 51

وَفِيٓ أَمۡوَٰلِهِمۡ حَقّٞ لِّلسَّآئِلِ وَٱلۡمَحۡرُومِ

No mu matungo yabo, baratanga ishikanwa-bwirizwa n’imperezwa, bagahereza umukene asega n’uwipfa agasoni ntasege. info
التفاسير:

external-link copy
20 : 51

وَفِي ٱلۡأَرۡضِ ءَايَٰتٞ لِّلۡمُوقِنِينَ

Burya mw’iremwa ry’isi, harimwo ivyemezo vyerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, ku bemera ata guhigimanga ko Allah ari Yo Mana y’ukuri Ibwirijwe gusengwa, n’uko Muhamadi ari Intumwa yayo. info
التفاسير:

external-link copy
21 : 51

وَفِيٓ أَنفُسِكُمۡۚ أَفَلَا تُبۡصِرُونَ

Bantu! No mw’iremwa ryanyu nyene, harimwo ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Yo Yonyene Yabaremye, gutyo Ikaba ari Yo Ibwirijwe gusengwa ari Imana Imwe Rudende Itabangikanywa. Mbega none ntimubona ngo mutegere ukuri! info
التفاسير:

external-link copy
22 : 51

وَفِي ٱلسَّمَآءِ رِزۡقُكُمۡ وَمَا تُوعَدُونَ

Ibibabeshaho hamwe n’ivyo musezeranirwa: vyaba ivyiza canke ibibi, amahirwe canke amarushwa, vyose biri mw’ijuru, vyaragezwe kandi biranditswe. info
التفاسير:

external-link copy
23 : 51

فَوَرَبِّ ٱلسَّمَآءِ وَٱلۡأَرۡضِ إِنَّهُۥ لَحَقّٞ مِّثۡلَ مَآ أَنَّكُمۡ تَنطِقُونَ

Ku kubera ivyo vyose rero, Ndarahiye Jewe Allah ku kuba ari Jewe Rurema Yaremye ijuru n’isi, ko ivyo Nabasezeraniye vyose, ari ukuri mudakwiye kugirako amakenga; nka kurya mutagira amakenga ko muvuga mugatomora. info
التفاسير:

external-link copy
24 : 51

هَلۡ أَتَىٰكَ حَدِيثُ ضَيۡفِ إِبۡرَٰهِيمَ ٱلۡمُكۡرَمِينَ

Ntumwa y’Imana! Mbega warashikiriwe n’inkuru y’abashitsi bubashwe mu bamalayika bigeze kugendera Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah); info
التفاسير:

external-link copy
25 : 51

إِذۡ دَخَلُواْ عَلَيۡهِ فَقَالُواْ سَلَٰمٗاۖ قَالَ سَلَٰمٞ قَوۡمٞ مُّنكَرُونَ

Igihe binjira kwa Ibrahimu bagaca baramutsa bati: “Nimugire amahoro”; maze na we akabishura ati: “Nimusangwe amahoro, emwe bashitsi ntamenye abo muri bo!”. info
التفاسير:

external-link copy
26 : 51

فَرَاغَ إِلَىٰٓ أَهۡلِهِۦ فَجَآءَ بِعِجۡلٖ سَمِينٖ

Ni ho yinyavya mu kigo afata ishashi y’inka inuze arayibaga, arayotsa; info
التفاسير:

external-link copy
27 : 51

فَقَرَّبَهُۥٓ إِلَيۡهِمۡ قَالَ أَلَا تَأۡكُلُونَ

Araheza ayizimana ba bashitsi mu rupfasoni nta ngere ati: “Mbega ntimwokwihereza!”; info
التفاسير:

external-link copy
28 : 51

فَأَوۡجَسَ مِنۡهُمۡ خِيفَةٗۖ قَالُواْ لَا تَخَفۡۖ وَبَشَّرُوهُ بِغُلَٰمٍ عَلِيمٖ

Ibrahimu amaze kubona ko ba bashitsi badafunguye, vyaramuteye ubwoba. Nya ntumwa zimaze kubona ko Ibrahimu yagize ubwoba, zahavuye mu kumuhumuriza zimubwira ziti: “Ntugire ubwoba namba! Twebwe turi abamalayika”. Ni ho rero baca banamushikiriza n’agakuru keza yuko umukenyezi wiwe Sarah azokwibaruka umwana w’incabwenge mw’idini yitwa Is-haka. info
التفاسير:

external-link copy
29 : 51

فَأَقۡبَلَتِ ٱمۡرَأَتُهُۥ فِي صَرَّةٖ فَصَكَّتۡ وَجۡهَهَا وَقَالَتۡ عَجُوزٌ عَقِيمٞ

Umukenyezi wa Ibrahimu Sarah aho yumviye inkuru yuko azokwibaruka umwana, yaregereye hafi yabo, maze yikubita kw’itama yitangaza ati: “Bishoboka gute ko novyara kandi ndi umukecuru, nkaba ndi n’ingumba!”. info
التفاسير:

external-link copy
30 : 51

قَالُواْ كَذَٰلِكِ قَالَ رَبُّكِۖ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلۡحَكِيمُ ٱلۡعَلِيمُ

Ba bashitsi b’abamalayika bamwishuye bati: “Iyo nkuru tuyikubwiye nk’uko yavuzwe n’Imana yawe Rurema Allah Yo Mushoboravyose; mu vy’ukuri Imana Allah, ni Intungane mu vyo Ikora, Nyenubumenyikurivyose”. info
التفاسير: