[18] Bayti l-Maqdis ivugwa ng'aha, ni umusigiti mweranda wa mbere wubatswe muri Palestina. Bivugwa ko woba wubatswe n'abamalayika, canke ko wubatswe na Nuhu canke uruvyaro rwiwe, ukaba wagiye urasanurwa n'Intumwa z'Imana zakurikiye mu nyuma; nka Dawudi, Sulayimani, n'izindi. Ni wo musigiti uza ubwa kabiri mu misigiti yubashwe isabwa kugenderwa mu bwislamu, havuye umusigiti w'i Makka n'umusigiti wubatswe n'Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah)
i Madina. Ni muri uwo musigiti nyene Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yareruwe ijanwa mw'ijuru mw'ijoro ryiswe "ijoro ry'iduzwa ry'Intumwa mw'ijuru". Ni bwo butumbero bwa mbere rero, abislamu bahora berekezako mu gusenga imbere yuko babwirizwa kwerekeza i Makka.
[19] Iyi Aayah, yega abislamu bose, ikabihaniza gukurikira ivyipfuzo vy’abahakanyi barwanya ubwislamu.