क़ुरआन के अर्थों का अनुवाद - किरुण्डी अनुवाद - यूसुफ़ गहीती

पृष्ठ संख्या:close

external-link copy
142 : 2

۞ سَيَقُولُ ٱلسُّفَهَآءُ مِنَ ٱلنَّاسِ مَا وَلَّىٰهُمۡ عَن قِبۡلَتِهِمُ ٱلَّتِي كَانُواْ عَلَيۡهَاۚ قُل لِّلَّهِ ٱلۡمَشۡرِقُ وَٱلۡمَغۡرِبُۚ يَهۡدِي مَن يَشَآءُ إِلَىٰ صِرَٰطٖ مُّسۡتَقِيمٖ

Ibijuju mu bayahudi n’ibitazi bimeze nkabo, bizovuga n’agasuzuguro biti: “Ni igiki catumye abislamu bahindura ubutumbero bwa “Bayti l-Maqdis[18]”, bahora berekezako mu gusenga?”. Ntumwa y’Imana! Bibwire uti: “Ubuseruko n’uburengero n’ibiri hagati yabwo, vyose ni ivy’Imana Allah, aho dutumbera hose rero tuba twubahiriza ibwirizwa ry’Imana Allah. Irongora mu baja bayo uwo Ishatse mu nzira yayo igororotse”. info

[18] Bayti l-Maqdis ivugwa ng'aha, ni umusigiti mweranda wa mbere wubatswe muri Palestina. Bivugwa ko woba wubatswe n'abamalayika, canke ko wubatswe na Nuhu canke uruvyaro rwiwe, ukaba wagiye urasanurwa n'Intumwa z'Imana zakurikiye mu nyuma; nka Dawudi, Sulayimani, n'izindi. Ni wo musigiti uza ubwa kabiri mu misigiti yubashwe isabwa kugenderwa mu bwislamu, havuye umusigiti w'i Makka n'umusigiti wubatswe n'Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah)
i Madina. Ni muri uwo musigiti nyene Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yareruwe ijanwa mw'ijuru mw'ijoro ryiswe "ijoro ry'iduzwa ry'Intumwa mw'ijuru". Ni bwo butumbero bwa mbere rero, abislamu bahora berekezako mu gusenga imbere yuko babwirizwa kwerekeza i Makka.

التفاسير:

external-link copy
143 : 2

وَكَذَٰلِكَ جَعَلۡنَٰكُمۡ أُمَّةٗ وَسَطٗا لِّتَكُونُواْ شُهَدَآءَ عَلَى ٱلنَّاسِ وَيَكُونَ ٱلرَّسُولُ عَلَيۡكُمۡ شَهِيدٗاۗ وَمَا جَعَلۡنَا ٱلۡقِبۡلَةَ ٱلَّتِي كُنتَ عَلَيۡهَآ إِلَّا لِنَعۡلَمَ مَن يَتَّبِعُ ٱلرَّسُولَ مِمَّن يَنقَلِبُ عَلَىٰ عَقِبَيۡهِۚ وَإِن كَانَتۡ لَكَبِيرَةً إِلَّا عَلَى ٱلَّذِينَ هَدَى ٱللَّهُۗ وَمَا كَانَ ٱللَّهُ لِيُضِيعَ إِيمَٰنَكُمۡۚ إِنَّ ٱللَّهَ بِٱلنَّاسِ لَرَءُوفٞ رَّحِيمٞ

Bislamu! Ni nk’uko nyene rero Twabarongoye mw’idini ry’ubwislamu, Twabagize intore n’intungane mu bantu, kugira ngo mube ivyabona ku bantu bose ku musi w’izuka ko Intumwa z’Imana zashikirije ubutumwa; no kugira rero Intumwa y’Imana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) na yo, izobe icabona kuri mwebwe ko yabashikaniye ubutumwa. Ntumwa y’Imana! Ubutumbero bwa Bayti l-Maqdis wahora werekezako mu gusenga, ntitwabuhinduye ngo Tugutumbereze Al-Ka’ba, atari ukugira hamenyekane ku vyo Dusanzwe Tuzi, uwumvira agakurikira Intumwa, hamwe rero n’uwutayumvira akagenza umugongo mu kwemera. Ukwo guhindura ubutumbero mu gusenga, ni ukuri ni ikintu kiremereye kigoye kwumva kiretse kuri barya Imana Allah Yarongoye mu nzira y’ukwemera n’iy’igamburukiramana. Kandi rero Imana Allah ntiyari kugira impfagusa ukwemera kwanyu ngo ntibemerere amasengesho yanyu mwasenze mugitumbera Bayti l-Maqdis. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenikigongwe, Nyenimbabazi ku batoni bayo. info
التفاسير:

external-link copy
144 : 2

قَدۡ نَرَىٰ تَقَلُّبَ وَجۡهِكَ فِي ٱلسَّمَآءِۖ فَلَنُوَلِّيَنَّكَ قِبۡلَةٗ تَرۡضَىٰهَاۚ فَوَلِّ وَجۡهَكَ شَطۡرَ ٱلۡمَسۡجِدِ ٱلۡحَرَامِۚ وَحَيۡثُ مَا كُنتُمۡ فَوَلُّواْ وُجُوهَكُمۡ شَطۡرَهُۥۗ وَإِنَّ ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡكِتَٰبَ لَيَعۡلَمُونَ أَنَّهُ ٱلۡحَقُّ مِن رَّبِّهِمۡۗ وَمَا ٱللَّهُ بِغَٰفِلٍ عَمَّا يَعۡمَلُونَ

Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, Twarabona uko waguma urangamiza hejuru urindiriye itegeko ryohishurwa rigutumbereza amaja i Makka. Ni ukuri rero, Tuzokwerekeza ubutumbero buguhimbara, ushime. Kuva ubu rero, tumbera amaja i Makka, ahari umusigiti mutagatifu, n’aho muzoba muri hose kw’isi, muratumbera aho nyene mu gusenga. Mu vy’ukuri, abahawe Igitabu barazi neza ko gutumbera amaja i Makka ari kwo kuri kuvuye ku Mana yabo Rurema Allah, burya rero Imana Allah ntiyirengagije ivyo bakora, Izobibahembera. info
التفاسير:

external-link copy
145 : 2

وَلَئِنۡ أَتَيۡتَ ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡكِتَٰبَ بِكُلِّ ءَايَةٖ مَّا تَبِعُواْ قِبۡلَتَكَۚ وَمَآ أَنتَ بِتَابِعٖ قِبۡلَتَهُمۡۚ وَمَا بَعۡضُهُم بِتَابِعٖ قِبۡلَةَ بَعۡضٖۚ وَلَئِنِ ٱتَّبَعۡتَ أَهۡوَآءَهُم مِّنۢ بَعۡدِ مَا جَآءَكَ مِنَ ٱلۡعِلۡمِ إِنَّكَ إِذٗا لَّمِنَ ٱلظَّٰلِمِينَ

Ntumwa y’Imana! Abahawe Igitabu, n’aho wobazanira ivyemezo vyose vyemeza ko gutumbera amaja i Makka ari kwo kuri, kubera akagagazo ntibopfa bakurikiye ubutumbero bwawe mu gusenga. Na we ntushobora gusubira kandi ku butumbero bwabo. Eka mbere na bamwe muri bo nyene ntibakurikira ubutumbero bw’abandi mu gusenga. Ni ukuri, niwaramuka ukurikiye ivyipfuzo vyabo mu vyerekeye ubutumbero n’ibindi, inyuma y’aho ushikiriwe n’ubumenyi buvuye ku Mana Allah, mu vy’ukuri muri ico gihe, ni ukuri uzoba uri mu birenganije[19]. info

[19] Iyi Aayah, yega abislamu bose, ikabihaniza gukurikira ivyipfuzo vy’abahakanyi barwanya ubwislamu.

التفاسير: