क़ुरआन के अर्थों का अनुवाद - किरुण्डी अनुवाद - यूसुफ़ गहीती

पृष्ठ संख्या:close

external-link copy
96 : 19

إِنَّ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ سَيَجۡعَلُ لَهُمُ ٱلرَّحۡمَٰنُ وُدّٗا

Mu vy’ukuri, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bagakora n’ivyiza bitegetswe, Nyenimpuhwe Allah Azobaha gukundwa n’ibiremwa. info
التفاسير:

external-link copy
97 : 19

فَإِنَّمَا يَسَّرۡنَٰهُ بِلِسَانِكَ لِتُبَشِّرَ بِهِ ٱلۡمُتَّقِينَ وَتُنذِرَ بِهِۦ قَوۡمٗا لُّدّٗا

Ntumwa y’Imana! Ni ukuri Twebwe Allah, Tworoheje Qor’ani mu rurimi rwawe rw’icarabu; kugira uyikoreshe mu gushikiriza inkuru nziza ihumuriza abagamburukiramana, ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru, no mu kugabisha abantu b’inshirwarimenetse mu bigaba ku bihano vy’Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
98 : 19

وَكَمۡ أَهۡلَكۡنَا قَبۡلَهُم مِّن قَرۡنٍ هَلۡ تُحِسُّ مِنۡهُم مِّنۡ أَحَدٍ أَوۡ تَسۡمَعُ لَهُمۡ رِكۡزَۢا

Ntumwa y’Imana! Hari imigwi myinshi y’abantu Twahoneje aho hambere y’abagarariji mu bantu warungitsweko, hari n’umwe ubona muri bo yasigaye, canke ngo wumve n’ijwi ryabo[388]! info

[388] Iyi Aayah irihaniza abagarariji mu bantu barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ko Imana Allah Ishobora kubahonya mu gihe borendegera mu bugarariji bwabo.

التفاسير: