क़ुरआन के अर्थों का अनुवाद - किरुण्डी अनुवाद - यूसुफ़ गहीती

पृष्ठ संख्या:close

external-link copy
70 : 12

فَلَمَّا جَهَّزَهُم بِجَهَازِهِمۡ جَعَلَ ٱلسِّقَايَةَ فِي رَحۡلِ أَخِيهِ ثُمَّ أَذَّنَ مُؤَذِّنٌ أَيَّتُهَا ٱلۡعِيرُ إِنَّكُمۡ لَسَٰرِقُونَ

Amaze kubatekerera imfungurwa bipfuza, yategetse abakozi biwe ko bashira mu mfungurwa bagereye murumunawe Biniyamini, igipimo bageresha, maze bakabigira mw’ibanga nta ngere ata n’umwe abizi. Bagize ngo barahagurutse bagende, umuraritsi yaciye asemerera ati: “Emwe bantu muri ku bitwazi! Mu vy’ukuri, hari ibintu mwivye, muri ibisuma koko!”. info
التفاسير:

external-link copy
71 : 12

قَالُواْ وَأَقۡبَلُواْ عَلَيۡهِم مَّاذَا تَفۡقِدُونَ

Baca batumbera umuraritsi bati: “Mbega mwabuze igiki!?”. info
التفاسير:

external-link copy
72 : 12

قَالُواْ نَفۡقِدُ صُوَاعَ ٱلۡمَلِكِ وَلِمَن جَآءَ بِهِۦ حِمۡلُ بَعِيرٖ وَأَنَا۠ بِهِۦ زَعِيمٞ

Nya muraritsi n’abo bari kumwe bati: “Tubuze igipimo umwami ageresha, kandi ikibonamaso c’uwukizana, ni imfungurwa zotwarwa n’igitwazi”. Umuraritsi aca yongerako ati: “Ni nanje mbere niyemeje kumushikiriza nya kibonamaso”. info
التفاسير:

external-link copy
73 : 12

قَالُواْ تَٱللَّهِ لَقَدۡ عَلِمۡتُم مَّا جِئۡنَا لِنُفۡسِدَ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَمَا كُنَّا سَٰرِقِينَ

Benewabo na Yusufu bavuze bati: “Turarahiye kw’izina ry’Imana Allah, ni ukuri na mwe murazi ko tutazanwe n’ubwononyi mu gihugu ca Misiri, eka ntituri n’abasuma mu buzima bwacu!”. info
التفاسير:

external-link copy
74 : 12

قَالُواْ فَمَا جَزَٰٓؤُهُۥٓ إِن كُنتُمۡ كَٰذِبِينَ

Abajejwe gusaka, ni ho bavuga bati: “Hamwe mwoba muriko murabesha mu kurahira ko mutivye, mubona yoba akwiye igihano nyabaki hamwe twosanga umusuma ari muri mwebwe!?”. info
التفاسير:

external-link copy
75 : 12

قَالُواْ جَزَٰٓؤُهُۥ مَن وُجِدَ فِي رَحۡلِهِۦ فَهُوَ جَزَٰٓؤُهُۥۚ كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلظَّٰلِمِينَ

Benewabo na Yusufu bishuye bati: “Igihano c’uwivye, ni uko afashwe aca agirwa umuja w’uwibwe, ni nk’ico gihano nyene iwacu duha uwirenganije mu kwiba”. info
التفاسير:

external-link copy
76 : 12

فَبَدَأَ بِأَوۡعِيَتِهِمۡ قَبۡلَ وِعَآءِ أَخِيهِ ثُمَّ ٱسۡتَخۡرَجَهَا مِن وِعَآءِ أَخِيهِۚ كَذَٰلِكَ كِدۡنَا لِيُوسُفَۖ مَا كَانَ لِيَأۡخُذَ أَخَاهُ فِي دِينِ ٱلۡمَلِكِ إِلَّآ أَن يَشَآءَ ٱللَّهُۚ نَرۡفَعُ دَرَجَٰتٖ مَّن نَّشَآءُۗ وَفَوۡقَ كُلِّ ذِي عِلۡمٍ عَلِيمٞ

Ni ho rero babasubiza kwa Yusufu, araheza atangura gusaka ubwiwe ivyo bafise, ahera kuri benewabo kuri se imbere yuko asaka murumunawe. Hanyuma ni ho yatandukira gusaka murumunawe, aca asanga nya gipimo co kugeresha kiri mu mfungurwa ziri ku gitwazi ca murumunawe. Ni uko rero Twebwe Allah, Tworohereje Yusufu kugumana na murumunawe, ntiyari gushobora gusigarana na we ku kirimba c’umwami wa Misiri, kiretse ku bushake bw’Imana Allah mu kwisunga ingingo yuko uwivye, ahanishwa igihano gisanzwe kiri mw’idini rya benewabo. Twebwe Allah, Tuduza icubahiro kw’isi uwo Dushatse mu biremwa. Burya rero, hejuru y’uwo wese afise ubumenyi, haba hari uwundi abumusumvya. info
التفاسير:

external-link copy
77 : 12

۞ قَالُوٓاْ إِن يَسۡرِقۡ فَقَدۡ سَرَقَ أَخٞ لَّهُۥ مِن قَبۡلُۚ فَأَسَرَّهَا يُوسُفُ فِي نَفۡسِهِۦ وَلَمۡ يُبۡدِهَا لَهُمۡۚ قَالَ أَنتُمۡ شَرّٞ مَّكَانٗاۖ وَٱللَّهُ أَعۡلَمُ بِمَا تَصِفُونَ

Baciye bavuga n’agashinyaguro n’akantu bati: “Niyibe na kera mukuru wiwe[6] yarigeze kwiba”. Yusufu ariyumya ku vyo yumvise maze ararimira ntiyiserura, kuko yari azi ko bavuze ikinyoma cambaye ubusa, maze aca yibwira ku mutima ati: “Mwebwe ni mwe bantu babi aho muri hose, burya Imana Allah, ni Yo Izi gusumba ikinyoma mu vyo mwigana”. info

[6] Bashaka kuvuga Yusufu ko yigeze kwiba, kandi bitigeze biba.

التفاسير:

external-link copy
78 : 12

قَالُواْ يَٰٓأَيُّهَا ٱلۡعَزِيزُ إِنَّ لَهُۥٓ أَبٗا شَيۡخٗا كَبِيرٗا فَخُذۡ أَحَدَنَا مَكَانَهُۥٓۖ إِنَّا نَرَىٰكَ مِنَ ٱلۡمُحۡسِنِينَ

Baraheza bamubwira bamwinginga bati: “Ewe mutware! Mu vy’ukuri, uyo yivye afise se ashaje cane, amukunda cane, ntiyoba kure yiwe, pfuma ufata umwe muri twebwe mu kibanza ciwe, ni ukuri turabona ko wewe uri mu bagwaneza koko!”. info
التفاسير: