કુરઆન મજીદના શબ્દોનું ભાષાંતર - કિરુન્ડી ભાષામાં અનુવાદ - યુસૂફ ઘેતી

Al-Infitwaar

external-link copy
1 : 82

إِذَا ٱلسَّمَآءُ ٱنفَطَرَتۡ

Igihe ijuru ryasadaguritse; info
التفاسير:

external-link copy
2 : 82

وَإِذَا ٱلۡكَوَاكِبُ ٱنتَثَرَتۡ

Igihe n’inyenyeri zahungurutse; info
التفاسير:

external-link copy
3 : 82

وَإِذَا ٱلۡبِحَارُ فُجِّرَتۡ

Igihe n’ibiyaga vyagomorowe bigacika kimwe; info
التفاسير:

external-link copy
4 : 82

وَإِذَا ٱلۡقُبُورُ بُعۡثِرَتۡ

Igihe n’imva zazuwe; info
التفاسير:

external-link copy
5 : 82

عَلِمَتۡ نَفۡسٞ مَّا قَدَّمَتۡ وَأَخَّرَتۡ

Ivyo vyose nivyashika, umuntu wese azomenya ico yakoze n’ico yirengagije, aheze agihemberwe. info
التفاسير:

external-link copy
6 : 82

يَٰٓأَيُّهَا ٱلۡإِنسَٰنُ مَا غَرَّكَ بِرَبِّكَ ٱلۡكَرِيمِ

Ewe muntu uhakana izurwa ry’ibiremwa! Wahenzwe n’igiki kigutuma ugarariza Imana yawe Rurema Allah, Nyenubugiraneza? info
التفاسير:

external-link copy
7 : 82

ٱلَّذِي خَلَقَكَ فَسَوَّىٰكَ فَعَدَلَكَ

Ni Yo Yakuremye, Iragutunganya, Iranakuringaniza neza; info
التفاسير:

external-link copy
8 : 82

فِيٓ أَيِّ صُورَةٖ مَّا شَآءَ رَكَّبَكَ

Yakuremye uko Ishaka mw’ishusho rihambaye. info
التفاسير:

external-link copy
9 : 82

كَلَّا بَلۡ تُكَذِّبُونَ بِٱلدِّينِ

Bantu ! Nimuteshwe mute murahumba! Murihenda mu gusenga ibigirwamana. Ahubwo mwebwe muhakana mwivuye inyuma umusi w’impera n’iharurirwa. info
التفاسير:

external-link copy
10 : 82

وَإِنَّ عَلَيۡكُمۡ لَحَٰفِظِينَ

Mu vy’ukuri, mufise abamalayika bajejwe kubabungabungira ivyo mukora mu kuvyandika; info
التفاسير:

external-link copy
11 : 82

كِرَامٗا كَٰتِبِينَ

Batewe iteka n’Imana Allah, bandika vyose ata kibacika; info
التفاسير:

external-link copy
12 : 82

يَعۡلَمُونَ مَا تَفۡعَلُونَ

Barazi ivyo mukora vyose, vyaba ivyiza canke ibibi. info
التفاسير:

external-link copy
13 : 82

إِنَّ ٱلۡأَبۡرَارَ لَفِي نَعِيمٖ

Mu vy’ukuri aberanda bubahiriza agateka k’Imana Allah n’agateka k’ibiremwa, ni ukuri bazoba bari mu nema z’Ubwami bw’ijuru. info
التفاسير:

external-link copy
14 : 82

وَإِنَّ ٱلۡفُجَّارَ لَفِي جَحِيمٖ

Mu vy’ukuri, n’inkozi z’ikibi zitigera zubahiriza agateka k’Imana Allah n’ak’ibiremwa, na zo zizoba ziri mu muriro ururumba; info
التفاسير:

external-link copy
15 : 82

يَصۡلَوۡنَهَا يَوۡمَ ٱلدِّينِ

Zizowinjira, ziwote ku musi w’impera; info
التفاسير:

external-link copy
16 : 82

وَمَا هُمۡ عَنۡهَا بِغَآئِبِينَ

Ntizizowukira ngo ziwuvemwo canke ngo zipfe. info
التفاسير:

external-link copy
17 : 82

وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا يَوۡمُ ٱلدِّينِ

Mbega, ni igiki cokumenyesha uwo musi w’impera ico ari co! info
التفاسير:

external-link copy
18 : 82

ثُمَّ مَآ أَدۡرَىٰكَ مَا يَوۡمُ ٱلدِّينِ

Hanyuma, ni igiki cokumenyesha uwo musi w’impera ico ari co! info
التفاسير:

external-link copy
19 : 82

يَوۡمَ لَا تَمۡلِكُ نَفۡسٞ لِّنَفۡسٖ شَيۡـٔٗاۖ وَٱلۡأَمۡرُ يَوۡمَئِذٖ لِّلَّهِ

Ni umusi umuntu ata co azomarira mugenziwe. Itegeko kuri uwo musi, ni iry’Imana Allah Yonyene. info
التفاسير: