[10] Iyo rero Masihi mwene Mariyamu aba ari imana vy’ukuri, yokwikingiye urupfu ntapfe. Yari no gukingira urupfu nyina wiwe Mariyamu, ntapfe, ariko rero ntiyashoboye kumukingira urwo rupfu, kuko we hamwe na nyina, ni ibiremwa muri Bene Adamu.
[11] Ukwemera ko hariho Imana Imwe Rudende Allah, gushingiye ku kwemera ko ari Yo Nyenubushobozi bwo kurema no kubeshaho ibiremwa, n’uko ata kintu na kimwe kibangikanije na Yo muri ubwo bushobozi. Abenshi rero bagwa mu caha c’ibangikanyamana, mu kurenza urugezo rw’icubahiro baha Abavugishwamana kibure aberanda mu biremwa, n’aho boba barahawe n’Imana Allah ibitangaro, ntivyotuma bahabwa icubahiro c’ubumana cagenewe gusa Imana Allah Yabaremye, ari na Yo Ibwirijwe guhabwa ico cubahiro Itabangikanijwe na kimwe mu biremwa.