કુરઆન મજીદના શબ્દોનું ભાષાંતર - કિરુન્ડી ભાષામાં અનુવાદ - યુસૂફ ઘેતી

પેજ નંબર:close

external-link copy
80 : 16

وَٱللَّهُ جَعَلَ لَكُم مِّنۢ بُيُوتِكُمۡ سَكَنٗا وَجَعَلَ لَكُم مِّن جُلُودِ ٱلۡأَنۡعَٰمِ بُيُوتٗا تَسۡتَخِفُّونَهَا يَوۡمَ ظَعۡنِكُمۡ وَيَوۡمَ إِقَامَتِكُمۡ وَمِنۡ أَصۡوَافِهَا وَأَوۡبَارِهَا وَأَشۡعَارِهَآ أَثَٰثٗا وَمَتَٰعًا إِلَىٰ حِينٖ

Imana Allah Yabagiriye amazu yanyu mubamwo kuba ari ahantu muruhukira mugaheza mukagira ituze hamwe n’abanyu; Ibashoboza no mu gihe muri ku rugendo gushinga amahema ahinguwe mu nsato z’ibitungwa, ayo mahema araborohera kuyatwara mu gihe mwimutse, akaborohera no kuyashinga aho mucumbitse; Ibashoboza no guhingura mu bwoya bwavyo utwa nkenerwa dutandukanye, kugira muryoherwe gato mu buzima bwo kw’isi, gushika igihe isango ry’umwe wese muri mwebwe ryo gupfa, ryageze. info
التفاسير:

external-link copy
81 : 16

وَٱللَّهُ جَعَلَ لَكُم مِّمَّا خَلَقَ ظِلَٰلٗا وَجَعَلَ لَكُم مِّنَ ٱلۡجِبَالِ أَكۡنَٰنٗا وَجَعَلَ لَكُمۡ سَرَٰبِيلَ تَقِيكُمُ ٱلۡحَرَّ وَسَرَٰبِيلَ تَقِيكُم بَأۡسَكُمۡۚ كَذَٰلِكَ يُتِمُّ نِعۡمَتَهُۥ عَلَيۡكُمۡ لَعَلَّكُمۡ تُسۡلِمُونَ

Imana Allah Yabagiriye mu vyo Yaremye, ibintu mushobora kwikorako bikabaha agatutu; Ibagirira n’aho mushobora guhungira bikenewe, mu misozi, amasenga y’ibuye n’imyobo; Ibagirira n’impuzu zihinguwe mw’ipampa no mu bwoya, n’ibindi, zigaheza zikabakingira ubushuhe n’igikonyozi; Ibagirira n’ivyambarwa bihinguwe mu cuma, bibakingira ivyogeramira ubuzima bwanyu mu ndwano. Ni uko rero, Imana Allah Yabahaye ivyo vyose kugira Ibatunganirize inema yayo yo kubatomorera idini ry’ukuri, kugira mwicishe bugufi kuri Yo, muheze muyisenge ari Imwe Rudende mutayibangikanya. info
التفاسير:

external-link copy
82 : 16

فَإِن تَوَلَّوۡاْ فَإِنَّمَا عَلَيۡكَ ٱلۡبَلَٰغُ ٱلۡمُبِينُ

Ntumwa y’Imana! Nibagenza umugongo rero, bakakwirengagiza inyuma y’aho bumviye ivyo vyemezo, ntuzokwicwe n’intuntu namba, kuko wewe mu vy’ukuri, nta kindi ujejwe kiretse gushikiriza ubutumwa butomoye. info
التفاسير:

external-link copy
83 : 16

يَعۡرِفُونَ نِعۡمَتَ ٱللَّهِ ثُمَّ يُنكِرُونَهَا وَأَكۡثَرُهُمُ ٱلۡكَٰفِرُونَ

Ababangikanyamana barazi inema y’Imana Allah yo kurungikirwa Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), hanyuma bagahakana bivuye inyuma irungikwa ryayo, burya abenshi muri bo, barayigarariza. info
التفاسير:

external-link copy
84 : 16

وَيَوۡمَ نَبۡعَثُ مِن كُلِّ أُمَّةٖ شَهِيدٗا ثُمَّ لَا يُؤۡذَنُ لِلَّذِينَ كَفَرُواْ وَلَا هُمۡ يُسۡتَعۡتَبُونَ

Ntumwa y’Imana! Ibutsa ababangikanyamana intureka z’umuhero w’isi, umusi Twarengukije Intumwa Twarungikiye umugwi umwumwe w’abantu, kugira ibere icabona abayemeye muri bo, yongere yagirize n'abayigararije, hanyuma abagararije muri bo ntibazohabwa uburenganzira bwo kwiregura ku bugarariji bwabo, eka ntibazonasabwa ko bashimisha Imana Allah mu kwigaya; info
التفاسير:

external-link copy
85 : 16

وَإِذَا رَءَا ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ ٱلۡعَذَابَ فَلَا يُخَفَّفُ عَنۡهُمۡ وَلَا هُمۡ يُنظَرُونَ

Abirenganije mu kugarariza, igihe babonye ibihano mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ntibazotezurirwa na gato mu bihano, eka ntibazonahabwa agahengwe. info
التفاسير:

external-link copy
86 : 16

وَإِذَا رَءَا ٱلَّذِينَ أَشۡرَكُواْ شُرَكَآءَهُمۡ قَالُواْ رَبَّنَا هَٰٓؤُلَآءِ شُرَكَآؤُنَا ٱلَّذِينَ كُنَّا نَدۡعُواْ مِن دُونِكَۖ فَأَلۡقَوۡاْ إِلَيۡهِمُ ٱلۡقَوۡلَ إِنَّكُمۡ لَكَٰذِبُونَ

Ababangikanyamana na bo ku musi w’izuka, nibabona ibigirwamana vyabo, bazovuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Ibi ni vya bigirwamana vyacu twahora dutakambira mu gishingo cawe, maze tukakubangikanya”. Nya bigirwamana na vyo bizokwishura bibeshuza ababitakambiye biti: “Babangikanyamana! Mu vy’ukuri, murabesha kuko twebwe ntitwigeze tubategeka kudusenga, eka ntitwanigeze tubabwira ko dukwiye gusengwa, nimwipfane”. info
التفاسير:

external-link copy
87 : 16

وَأَلۡقَوۡاْ إِلَى ٱللَّهِ يَوۡمَئِذٍ ٱلسَّلَمَۖ وَضَلَّ عَنۡهُم مَّا كَانُواْ يَفۡتَرُونَ

Ababangikanyamana rero kuri uyo musi, bazoheza bace bugufi ku Mana Allah; ivyo bahora basenga mw’irementanya na vyo, bizozimangana bigende amazimayongo. info
التفاسير: