Firo maanaaji al-quraan tedduɗo oo - Eggo (nantino) haala Kirundi nden - Yusuf Ghayiti.

external-link copy
20 : 3

فَإِنۡ حَآجُّوكَ فَقُلۡ أَسۡلَمۡتُ وَجۡهِيَ لِلَّهِ وَمَنِ ٱتَّبَعَنِۗ وَقُل لِّلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡكِتَٰبَ وَٱلۡأُمِّيِّـۧنَ ءَأَسۡلَمۡتُمۡۚ فَإِنۡ أَسۡلَمُواْ فَقَدِ ٱهۡتَدَواْۖ وَّإِن تَوَلَّوۡاْ فَإِنَّمَا عَلَيۡكَ ٱلۡبَلَٰغُۗ وَٱللَّهُ بَصِيرُۢ بِٱلۡعِبَادِ

Ntumwa y’Imana! Abahawe Igitabu nibaguhaririza ku vyerekeye ukwemera Imana Imwe Rudende Allah, uraheza ubabwire uti: “Naramaze gutumbera no kwicisha bugufi ku Mana Imwe Rudende Allah, jewe n’abankurikiye mu bemeramana”. Uraheza ubwire kandi abahawe Igitabu n’ababangikanyamana uti: “Ubwo ntimwokwicisha bugufi mukaba abislamu!”. Baramutse rero babaye abislamu, ni ukuri bazoba bakurikiye inzira igororotse; nibagenza umugongo naho bakakwirengagiza, ni ukuri uzoba wamaze gukora ico ujejwe, wewe ujejwe gusa gushikiriza ubutumwa, burya rero Imana Allah ni Nyenukubona, Irabona neza ibikorwa n’abaja bayo kandi Izobibahembera. info
التفاسير: