Firo maanaaji al-quraan tedduɗo oo - Eggo (nantino) haala Kirundi nden - Yusuf Ghayiti.

external-link copy
153 : 3

۞ إِذۡ تُصۡعِدُونَ وَلَا تَلۡوُۥنَ عَلَىٰٓ أَحَدٖ وَٱلرَّسُولُ يَدۡعُوكُمۡ فِيٓ أُخۡرَىٰكُمۡ فَأَثَٰبَكُمۡ غَمَّۢا بِغَمّٖ لِّكَيۡلَا تَحۡزَنُواْ عَلَىٰ مَا فَاتَكُمۡ وَلَا مَآ أَصَٰبَكُمۡۗ وَٱللَّهُ خَبِيرُۢ بِمَا تَعۡمَلُونَ

Ngendanyi z’Intumwa! Nimwibuke n’igihe mwahungira abansi banyu ku musozi ata wukebuka ngo arabe uwundi kubera ubwoba, Intumwa na yo ku rundi ruhande, ibahamagarira kugaruka ku rugamba, ntimwaheza ngo muyitabe, gutyo Imana Allah Ibahanisha agahinda ku kandi, kugira ngo ntimwicwe n’intuntu itewe no kubura intsinzi n’iminyago, no kugira kandi ntimwicwe n’intuntu ku vyabashikiye mu gutekerwa n’ubwoba no kuneshwa. Burya Imana Allah ni Muhetuziwavyose, Irazi neza ivyo mukora vyose, kandi Izobibahembera; info
التفاسير: