Firo maanaaji al-quraan tedduɗo oo - Eggo (nantino) haala Kirundi nden - Yusuf Ghayiti.

external-link copy
14 : 3

زُيِّنَ لِلنَّاسِ حُبُّ ٱلشَّهَوَٰتِ مِنَ ٱلنِّسَآءِ وَٱلۡبَنِينَ وَٱلۡقَنَٰطِيرِ ٱلۡمُقَنطَرَةِ مِنَ ٱلذَّهَبِ وَٱلۡفِضَّةِ وَٱلۡخَيۡلِ ٱلۡمُسَوَّمَةِ وَٱلۡأَنۡعَٰمِ وَٱلۡحَرۡثِۗ ذَٰلِكَ مَتَٰعُ ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَاۖ وَٱللَّهُ عِندَهُۥ حُسۡنُ ٱلۡمَـَٔابِ

Abantu muri kameremere kabo baremwe bakunda kuryoherwa n’ivy’isi mu bakenyezi n’ibibondo, ubwinshi bw’amatungo agizwe n’inzahabu n’umwakaka, ifarasi zirobanuye, ingamiya, ibitungwa mu ngamiya, mu nka no mu ntungwa, hamwe rero n’isi ndimwa y’akanovera. Ivyo vyose rero, ni ibihendamaso vyo kuryoherwa mu buzima bwo kw’isi buhera, burya rero ubuganuko bwiza ku Mana Allah, ni Ubwami bw’ijuru. info
التفاسير: