Firo maanaaji al-quraan tedduɗo oo - Eggo (nantino) haala Kirundi nden - Yusuf Ghayiti.

external-link copy
119 : 3

هَٰٓأَنتُمۡ أُوْلَآءِ تُحِبُّونَهُمۡ وَلَا يُحِبُّونَكُمۡ وَتُؤۡمِنُونَ بِٱلۡكِتَٰبِ كُلِّهِۦ وَإِذَا لَقُوكُمۡ قَالُوٓاْ ءَامَنَّا وَإِذَا خَلَوۡاْ عَضُّواْ عَلَيۡكُمُ ٱلۡأَنَامِلَ مِنَ ٱلۡغَيۡظِۚ قُلۡ مُوتُواْ بِغَيۡظِكُمۡۗ إِنَّ ٱللَّهَ عَلِيمُۢ بِذَاتِ ٱلصُّدُورِ

Bemeramana! Ehe mwebwe ico mwihendako, ni uko mubakunda mukabagirira ubugwaneza kandi na bo batigera babakunda na gato; mukemera Ibitabu vyose vyamanuwe harimwo n’Igitabu cabo, mu gihe bo batemera Igitabu canyu Qor’ani. Ni gute none mwobakunda! No mu gihe bahuye na mwe barabiyorobekako bakababwira bati: “Twaremeye!” ; biherera naho, bakicwa n’intuntu n’akantu babahigira kw’ishavu n’ishari babafitiye. Ntumwa y’Imana ! Babwire uti: “Nimwicwe rero n’ishavu!”. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irazi neza ibiri mu mishaha, Izohemba umwe wese ku co yakoze; caba iciza canke ikibi. info
التفاسير: