Firo maanaaji al-quraan tedduɗo oo - Eggo (nantino) haala Kirundi nden - Yusuf Ghayiti.

Tonngoode hello ngoo:close

external-link copy
85 : 28

إِنَّ ٱلَّذِي فَرَضَ عَلَيۡكَ ٱلۡقُرۡءَانَ لَرَآدُّكَ إِلَىٰ مَعَادٖۚ قُل رَّبِّيٓ أَعۡلَمُ مَن جَآءَ بِٱلۡهُدَىٰ وَمَنۡ هُوَ فِي ضَلَٰلٖ مُّبِينٖ

Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri, Uwakumanuriye Qor’ani Akakubwiriza kuyigendera no kurarikira abantu kuyikurikira, ni ukuri Azogusubiza iyo waje uva i Makka. Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire ababangikanyamana uti: “Imana yanje Rurema Allah, Irazi neza uwazanye uburongozi, Irazi n’uwuri mu muzimagiza ugaragara uri kure y’ukuri”. info
التفاسير:

external-link copy
86 : 28

وَمَا كُنتَ تَرۡجُوٓاْ أَن يُلۡقَىٰٓ إِلَيۡكَ ٱلۡكِتَٰبُ إِلَّا رَحۡمَةٗ مِّن رَّبِّكَۖ فَلَا تَكُونَنَّ ظَهِيرٗا لِّلۡكَٰفِرِينَ

Ntumwa y’Imana! Ntiwaziga ko wururukirizwa Igitabu ca Qor’ani, ariko Imana Allah ku mpuhwe zayo Yarakikumanuriye. Uraheza rero ushimire Imana Allah ku nema zayo, kandi ntukabe umufasha w’abagarariji mu bwononyi. info
التفاسير:

external-link copy
87 : 28

وَلَا يَصُدُّنَّكَ عَنۡ ءَايَٰتِ ٱللَّهِ بَعۡدَ إِذۡ أُنزِلَتۡ إِلَيۡكَۖ وَٱدۡعُ إِلَىٰ رَبِّكَۖ وَلَا تَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡمُشۡرِكِينَ

Ababangikanyamana, ntibakakubuze gushikiriza Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah inyuma y’aho Ibikumanuriye, shikiriza rero ata guhigimanga ubutumwa bw’Imana yawe Rurema Allah, kandi ntukabe mu babangikanyamana ku kintu na kimwe. info
التفاسير:

external-link copy
88 : 28

وَلَا تَدۡعُ مَعَ ٱللَّهِ إِلَٰهًا ءَاخَرَۘ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَۚ كُلُّ شَيۡءٍ هَالِكٌ إِلَّا وَجۡهَهُۥۚ لَهُ ٱلۡحُكۡمُ وَإِلَيۡهِ تُرۡجَعُونَ

Ntukiyegereze mu gusenga iyindi mana hamwe n’Imana Allah, nta mana yindi ibwirijwe gusengwa atari Yo. Ikintu cose kizohona kiretse Imana Allah ubwayo Yonyene[5]. Ishingwa ry’ingingo ku biremwa ni iryayo, ni no kuri Yo muzosubizwa mumaze gupfa kugira muharurirwe, muhemberwe n'ivyo mwakoze. info

[5] Muri iyi Aayah, harimwo icemezo c’uko Imana Allah Ifise mu maso mu buryo buberanye n’icubahiro cayo.

التفاسير: