Firo maanaaji al-quraan tedduɗo oo - Eggo (nantino) haala Kirundi nden - Yusuf Ghayiti.

Tonngoode hello ngoo:close

external-link copy
89 : 2

وَلَمَّا جَآءَهُمۡ كِتَٰبٞ مِّنۡ عِندِ ٱللَّهِ مُصَدِّقٞ لِّمَا مَعَهُمۡ وَكَانُواْ مِن قَبۡلُ يَسۡتَفۡتِحُونَ عَلَى ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ فَلَمَّا جَآءَهُم مَّا عَرَفُواْ كَفَرُواْ بِهِۦۚ فَلَعۡنَةُ ٱللَّهِ عَلَى ٱلۡكَٰفِرِينَ

Igihe Bene Israyeli bashikirizwa Igitabu ca Qor’ani kivuye ku Mana Allah gishimangira ivyo basanganwe muri Tawurati n’Injili, barakigararije barahakana n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kandi imbere y’aho bahora basaba Imana ko botsinda abagarariji bari kumwe n’Intumwa ya nyuma yimirije gushika. Iyo Ntumwa rero imaze kubashikira irangwa n’ivyo bari bazi muri Tawurati, barayigararije ku mvo z’uko itavuye muri bo. Abagarariji barakavumwa n’Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
90 : 2

بِئۡسَمَا ٱشۡتَرَوۡاْ بِهِۦٓ أَنفُسَهُمۡ أَن يَكۡفُرُواْ بِمَآ أَنزَلَ ٱللَّهُ بَغۡيًا أَن يُنَزِّلَ ٱللَّهُ مِن فَضۡلِهِۦ عَلَىٰ مَن يَشَآءُ مِنۡ عِبَادِهِۦۖ فَبَآءُو بِغَضَبٍ عَلَىٰ غَضَبٖۚ وَلِلۡكَٰفِرِينَ عَذَابٞ مُّهِينٞ

Ni bibi cane ivyo biguze bagahitamwo umuriro udahera, bitewe no kugarariza Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), no guhakana bivuye inyuma ivyo Imana Allah Yayimanuriye muri Qor’ani, kubera urwanko rw’akarenganyo rw’uko Imana Allah Yomanurira Qor’ani uwo Ishaka mu biremwa vyayo, atari muri Bene Israyeli. Kubera ivyo rero, bari bakwiye ishavu ry’Imana ryiyongera kw’ishavu ritewe no guhindagura ibiri muri Tawurati. Burya rero abagararije ubutumwa bwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) barategekanirijwe ibihano bisuzuguza. info
التفاسير:

external-link copy
91 : 2

وَإِذَا قِيلَ لَهُمۡ ءَامِنُواْ بِمَآ أَنزَلَ ٱللَّهُ قَالُواْ نُؤۡمِنُ بِمَآ أُنزِلَ عَلَيۡنَا وَيَكۡفُرُونَ بِمَا وَرَآءَهُۥ وَهُوَ ٱلۡحَقُّ مُصَدِّقٗا لِّمَا مَعَهُمۡۗ قُلۡ فَلِمَ تَقۡتُلُونَ أَنۢبِيَآءَ ٱللَّهِ مِن قَبۡلُ إِن كُنتُم مُّؤۡمِنِينَ

Iyo Abayahudi babwiwe bati: “Nimwemere ivyamanuwe n’Imana Allah muri Qor’ani”, bishura bati: “Twemera ivyamanuriwe Abavugishwamana barungitswe gusa muri twebwe”, bakagarariza Qor’ani yamanuwe mu nyuma yavyo mu gihe ari kwo kuri gushimangira ivyo bafise muri Tawurati. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “None ni kuki mwishe Abavugishwamana imbere yuko Qor’ani imanuka, nimwaba mwemera koko ivyo mwamanuriwe muri Tawurati!”. info
التفاسير:

external-link copy
92 : 2

۞ وَلَقَدۡ جَآءَكُم مُّوسَىٰ بِٱلۡبَيِّنَٰتِ ثُمَّ ٱتَّخَذۡتُمُ ٱلۡعِجۡلَ مِنۢ بَعۡدِهِۦ وَأَنتُمۡ ظَٰلِمُونَ

Ni ukuri, Umuvugishwamana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yarabazaniye ibitangaro bigaragara vyemeza ukuri kwiwe[12], hamwe n’ivyo rero mwafashe igishusho c’inyana y’inka mwibumbiye muragisenga mu nyuma y’aho Musa agiriye kw’isezerano ryo kuvugana n’Imana Allah, mu gihe mwari abirenganije mu gusenga ibintazi. info

[12] Ivyo bitangaro bikaba vyari ibi bikurikira: ihinduka ry’inkoni ikaba inzoka amahanga, gusayangana kw’ikiganza mu gihe agikuye mu kwaha, itera ry’amapfa, ikeha ry’umwimbu w’ivyamwa, itera ry’imyuzurire y’amazi, itera ry’inzige, itera ry’udukoko turya ico ari co cose duhuye na co, itera ry’ibikere bikwiragiye hose n’ihinduka ry’ibinyobwa bigacika amaraso.

التفاسير:

external-link copy
93 : 2

وَإِذۡ أَخَذۡنَا مِيثَٰقَكُمۡ وَرَفَعۡنَا فَوۡقَكُمُ ٱلطُّورَ خُذُواْ مَآ ءَاتَيۡنَٰكُم بِقُوَّةٖ وَٱسۡمَعُواْۖ قَالُواْ سَمِعۡنَا وَعَصَيۡنَا وَأُشۡرِبُواْ فِي قُلُوبِهِمُ ٱلۡعِجۡلَ بِكُفۡرِهِمۡۚ قُلۡ بِئۡسَمَا يَأۡمُرُكُم بِهِۦٓ إِيمَٰنُكُمۡ إِن كُنتُم مُّؤۡمِنِينَ

Bene Israyeli! Nimwibuke n’igihe Twabaha isezerano ko muzokwubahiriza ibiri muri Tawurati, Tukarerura hejuru yanyu umusozi Sinayi, Tukababwira Duti: “Nimufate nkama ivyo Twabategetse muri Tawurati, maze muvyumve muvyubahirize Tutarabakororerako uwo musozi”. Bavuze bigovyora bati: “Twumvise ijambo ryawe, tugararije itegeko ryawe”. Bavuze ukwo kubera imitima yabo yari irajwe ishinga no gusenga igishusho c’inyana y’inka bibumbiye bitewe no kugarariza. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Ni bibi cane ivyo mutegekwa n’ukwemera kwanyu nimwaba mwemera ivyo mwamanuriwe n’Imana Allah”. info
التفاسير: