Firo maanaaji al-quraan tedduɗo oo - Eggo (nantino) haala Kirundi nden - Yusuf Ghayiti.

external-link copy
50 : 18

وَإِذۡ قُلۡنَا لِلۡمَلَٰٓئِكَةِ ٱسۡجُدُواْ لِأٓدَمَ فَسَجَدُوٓاْ إِلَّآ إِبۡلِيسَ كَانَ مِنَ ٱلۡجِنِّ فَفَسَقَ عَنۡ أَمۡرِ رَبِّهِۦٓۗ أَفَتَتَّخِذُونَهُۥ وَذُرِّيَّتَهُۥٓ أَوۡلِيَآءَ مِن دُونِي وَهُمۡ لَكُمۡ عَدُوُّۢۚ بِئۡسَ لِلظَّٰلِمِينَ بَدَلٗا

Ibuka n’igihe Twebwe Allah, Twabwiriza abamalayika hamwe na Ibilisi[6] Duti: “Nimwubamire Adamu mumuhe icubahiro kimukwiye”, abamalayika baraheza baragamburuka barubama, kiretse Ibilisi yakomoka mu Majini yanse kumwubamira, gutyo acika ikigaba ku kutubahiriza ibwirizwa ry’Imana yiwe Rurema Allah. Bantu! None ni gute mwogira Ibilisi n’uruvyaro rwiwe abahagarikizi banyu mwumvira, ha kunyumvira Jewe Allah, kandi ari bo bansi banyu! Ni bibi cane rero kugamburuka kw’abirenganya mu kwumvira shetani ha kwumvira Imana Allah. info

[6] Ibilisi, ni izina ry’ikiremwa ca mbere mu Majini, ni na co cahavuye kiba inkomoko y’amajini. Mu Majini rero harimwo abemeramana hakabamwo n’abagarariji (amashetani).

التفاسير: