[25] Iyi Aayah ireza ikanashimagiza ingendanyi z’Intumwa ko zari intungane, ni na co gituma ukwubaha no kwubahiriza ingendanyi z’Intumwa, ari kimwe mu bigize ishingiro ryo kwemera.
[26] Vy’ukwigaya ivyaha no gukora ibindi vyiza.
[27] Vy’ukutajana n’Intumwa ku rugamba n’ibindi bibi bakoze.
[28] Iyi Aayah, harimwo agahigihigi kuri uwo wese adahesha mu bugaba n’ubwononyi.
[29] Abo na bo bakaba ari: MURARA mwene Al-Rabii’i, KA’B mwene Maalik na Hilaali mwene Umayya.