ترجمهٔ معانی قرآن کریم - ترجمه‌ى روندی - يوسف غهيتى

شماره صفحه:close

external-link copy
70 : 8

يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّبِيُّ قُل لِّمَن فِيٓ أَيۡدِيكُم مِّنَ ٱلۡأَسۡرَىٰٓ إِن يَعۡلَمِ ٱللَّهُ فِي قُلُوبِكُمۡ خَيۡرٗا يُؤۡتِكُمۡ خَيۡرٗا مِّمَّآ أُخِذَ مِنكُمۡ وَيَغۡفِرۡ لَكُمۡۚ وَٱللَّهُ غَفُورٞ رَّحِيمٞ

Ewe Muvugishwamana! Bwira abo warekuye mu mbohe zo ku rugamba rwa Badri ziri mu minwe yanyu, uti: “Ntimubabazwe n’imbohozo mwatanze! Imana Allah niyamenya ko imishaha yanyu irangwa n’iciza[4], Izoheza Ibahe ivyiza bisumba imbohozo mwatswe, Yongere Ibagumirize akabanga ku vyaha vyanyu, ntimubihanirwe. Burya Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo”; info

[4] Mu bo Imana Allah Yubahirije iryo sezerano Yabahaye kuko berekanye ko imishaha yabo irangwa n’iciza, ni Al’Abbaasi n’abandi (Imana Allah Ibishimire).

التفاسير:

external-link copy
71 : 8

وَإِن يُرِيدُواْ خِيَانَتَكَ فَقَدۡ خَانُواْ ٱللَّهَ مِن قَبۡلُ فَأَمۡكَنَ مِنۡهُمۡۗ وَٱللَّهُ عَلِيمٌ حَكِيمٌ

Muri izo mbohe warekuye rero, nihagira abashaka kuguhemukira bakakurwanya kandi, ntibizokubabaze ngo ucike intege, mu vy’ukuri baramaze guhemukira Imana Allah imbere y’aho, vyongeye baranakurwanije, maze Imana Allah Iraheza Iragushoboza kubanesha. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi ibiri mu mishaha, Intungane mu vyo Ikora. info
التفاسير:

external-link copy
72 : 8

إِنَّ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَهَاجَرُواْ وَجَٰهَدُواْ بِأَمۡوَٰلِهِمۡ وَأَنفُسِهِمۡ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ وَٱلَّذِينَ ءَاوَواْ وَّنَصَرُوٓاْ أُوْلَٰٓئِكَ بَعۡضُهُمۡ أَوۡلِيَآءُ بَعۡضٖۚ وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَلَمۡ يُهَاجِرُواْ مَا لَكُم مِّن وَلَٰيَتِهِم مِّن شَيۡءٍ حَتَّىٰ يُهَاجِرُواْۚ وَإِنِ ٱسۡتَنصَرُوكُمۡ فِي ٱلدِّينِ فَعَلَيۡكُمُ ٱلنَّصۡرُ إِلَّا عَلَىٰ قَوۡمِۭ بَيۡنَكُمۡ وَبَيۡنَهُم مِّيثَٰقٞۗ وَٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ بَصِيرٞ

Mu vy’ukuri, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, bakimukira mu gihugu cubaha kikubahiriza ubwislamu[5], bakanaharanira idini ry’Imana Allah mu gutanga amatungo yabo no mu kwitanga ubwabo; n’abasangwa bakiriye abimukira bagasabikanya na bo ivyo bafise, bakanatabara idini ry’Imana Allah, abo rero ni bo batabarana vy’ukuri hagati yabo. Nayo abemeye hanyuma ntibimuka ngo bave mu gihugu kibacinyiza, abo ntimutegetswe namba kubatabara gushika bimutse. Nibarenganywa mu kwemera kwabo bakabatabaza, murabitabira mubatabare, kiretse mu gihe borenganywa n’abo musanzwe mufitaniye amasezerano yo kudasotorana, aho ntimuzorenge na gato kuri nya masezerano. Burya Imana Allah, Irabona neza ivyo mukora, ni Nyenukubona; info

[5] Canke bakimukira mu gihugu bishira bakizana mu kwemera kwabo.

التفاسير:

external-link copy
73 : 8

وَٱلَّذِينَ كَفَرُواْ بَعۡضُهُمۡ أَوۡلِيَآءُ بَعۡضٍۚ إِلَّا تَفۡعَلُوهُ تَكُن فِتۡنَةٞ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَفَسَادٞ كَبِيرٞ

Kukaba nkako rero, n’abagararije baratabarana hagati yabo. Bemeramana! Nimutatabarana rero hagati yanyu, hazoba igeragezwa kw’isi ku bemeramana mu kwemera kwabo, habe n’ubwononyi bwinshi bushingiye kw’iburagizwa ry’abemeramana. info
التفاسير:

external-link copy
74 : 8

وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَهَاجَرُواْ وَجَٰهَدُواْ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ وَٱلَّذِينَ ءَاوَواْ وَّنَصَرُوٓاْ أُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡمُؤۡمِنُونَ حَقّٗاۚ لَّهُم مَّغۡفِرَةٞ وَرِزۡقٞ كَرِيمٞ

Abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, bata izabo bakimukira mu gihugu cubaha kikubahiriza ubwislamu, banaharanira idini ry’Imana Allah kugira ritsimbatare, n’abasangwa bakiriye abimukira bagasabikanya na bo ivyo bafise bakanabatabara, abo ni bo bemeramana vy’ukuri rero. Bazogumirizwa akabanga ku vyaha vyabo, ntibabihanirwe; baheze baronke n’impano zubashwe kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru. info
التفاسير:

external-link copy
75 : 8

وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ مِنۢ بَعۡدُ وَهَاجَرُواْ وَجَٰهَدُواْ مَعَكُمۡ فَأُوْلَٰٓئِكَ مِنكُمۡۚ وَأُوْلُواْ ٱلۡأَرۡحَامِ بَعۡضُهُمۡ أَوۡلَىٰ بِبَعۡضٖ فِي كِتَٰبِ ٱللَّهِۚ إِنَّ ٱللَّهَ بِكُلِّ شَيۡءٍ عَلِيمُۢ

N’abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo mu nyuma y'abo bimukira n’abasangwa, bagaheza bakimuka bagafadikanya na mwe mu guharanira idini ry’Imana Allah, abo na bo nyene baharurwa muri mwebwe abemeramana. Burya incuti mu bavandimwe, zigenda zisumbasumbana mu gutorana hisunzwe ingingo y’Imana Allah. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irazi neza igitunganye mu gutorana, ni Nyenubumenyikurivyose. info
التفاسير: