ترجمهٔ معانی قرآن کریم - ترجمه‌ى روندی - يوسف غهيتى

Al-Muddatthir

external-link copy
1 : 74

يَٰٓأَيُّهَا ٱلۡمُدَّثِّرُ

Ewe wipfutse impuzu! info
التفاسير:

external-link copy
2 : 74

قُمۡ فَأَنذِرۡ

Haguruka ugabishe abantu ku bihano vy’Imana Allah; info
التفاسير:

external-link copy
3 : 74

وَرَبَّكَ فَكَبِّرۡ

Ninahaza wongere ukuze n’Imana yawe Rurema Allah, mu kuyiyegereza mu vyo ukora vyose; info
التفاسير:

external-link copy
4 : 74

وَثِيَابَكَ فَطَهِّرۡ

Sukura n’impuzu zawe ibihumanya kuko isuku ry’ibiboneka riranga isuku ry’umushaha n’ibitaboneka; info
التفاسير:

external-link copy
5 : 74

وَٱلرُّجۡزَ فَٱهۡجُرۡ

Bandanya witandukanye n’ibigirwamana vyose ntukavyegere; info
التفاسير:

external-link copy
6 : 74

وَلَا تَمۡنُن تَسۡتَكۡثِرُ

Kandi ntugatange uzeye gusubirizwa mu ndumane umurengera; info
التفاسير:

external-link copy
7 : 74

وَلِرَبِّكَ فَٱصۡبِرۡ

Kubera ugushimwa n’Imana yawe Rurema Allah, niwihanganire ishira mu ngiro ry’amabwirizwa yayo. info
التفاسير:

external-link copy
8 : 74

فَإِذَا نُقِرَ فِي ٱلنَّاقُورِ

Nihavuzwa inzamba ya kabiri yo kuzuka; info
التفاسير:

external-link copy
9 : 74

فَذَٰلِكَ يَوۡمَئِذٖ يَوۡمٌ عَسِيرٌ

Uwo musi, ni wo uzoba uremereye cane ku bagarariji; info
التفاسير:

external-link copy
10 : 74

عَلَى ٱلۡكَٰفِرِينَ غَيۡرُ يَسِيرٖ

Ntuzoborohera na gato kubera ibibazo vy’iharurirwa. info
التفاسير:

external-link copy
11 : 74

ذَرۡنِي وَمَنۡ خَلَقۡتُ وَحِيدٗا

Ntumwa y’Imana! Ndekera Jewe Allah, uwo Naremye mu nda ya nyina ari wenyene, ata matungo ata n’abana yavukanye; info
التفاسير:

external-link copy
12 : 74

وَجَعَلۡتُ لَهُۥ مَالٗا مَّمۡدُودٗا

Ndaheza Ndamuha amatungo menshi amaze kuvuka; info
التفاسير:

external-link copy
13 : 74

وَبَنِينَ شُهُودٗا

N’abana bama hambavu yiwe i Makka; info
التفاسير:

external-link copy
14 : 74

وَمَهَّدتُّ لَهُۥ تَمۡهِيدٗا

Ndamworohereza no mu buzima bw’isi, Ndamuhesha n’icubahiro; info
التفاسير:

external-link copy
15 : 74

ثُمَّ يَطۡمَعُ أَنۡ أَزِيدَ

Hanyuma akipfuza ko Nomwongerereza ku vyo afise, kandi yarangararije! info
التفاسير:

external-link copy
16 : 74

كَلَّآۖ إِنَّهُۥ كَانَ لِأٓيَٰتِنَا عَنِيدٗا

Eka, nateshwe ate, arahumba! Mu vy’ukuri, ni umuntu yama yarwanije Aayah n’ivyemezo vyacu; info
التفاسير:

external-link copy
17 : 74

سَأُرۡهِقُهُۥ صَعُودًا

Nzomuha ibihano bikomakomeye cane ata gahengwe[1]. info

[1] Uwuvugwa muri izi Aayah, ni umuhakanyi ruhebwa w’i Makka, yitwa Al-Waliid mwene Al-Mughiira. Ibihano yasezeraniwe ng’aho, bitegekanirijwe uwo wese ahakana akarwanya ukuri yivuye inyuma.

التفاسير:

external-link copy
18 : 74

إِنَّهُۥ فَكَّرَ وَقَدَّرَ

Mu vy’ukuri, yaricaye ariyumvira ico yotegekanya, kugira atyoze Qor’ani n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah). info
التفاسير:

external-link copy
19 : 74

فَقُتِلَ كَيۡفَ قَدَّرَ

Nyakuvumwa n’Imana Allah! Ukuntu yategekanije iryo tyoza! info
التفاسير:

external-link copy
20 : 74

ثُمَّ قُتِلَ كَيۡفَ قَدَّرَ

Hanyuma, nyakuvumwa n’Imana Allah! Ukuntu yategekanije iryo tyoza! info
التفاسير:

external-link copy
21 : 74

ثُمَّ نَظَرَ

Hanyuma arihweza ico yovuga mu gutyoza Qor’ani n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah); info
التفاسير:

external-link copy
22 : 74

ثُمَّ عَبَسَ وَبَسَرَ

Araheza arijirirwa mu maso, aranyinyirwa kuko atorohewe kuronka ico yovuga. info
التفاسير:

external-link copy
23 : 74

ثُمَّ أَدۡبَرَ وَٱسۡتَكۡبَرَ

Hanyuma arirengagiza ukuri n’amanyama menshi ku bwishime; info
التفاسير:

external-link copy
24 : 74

فَقَالَ إِنۡ هَٰذَآ إِلَّا سِحۡرٞ يُؤۡثَرُ

Aca avuga atyoza Qor’ani ati: “Iyi Qor’ani si ikindi, kiretse ko ari uburozi, Muhamadi yarazwe n’ab’aho hambere; info
التفاسير:

external-link copy
25 : 74

إِنۡ هَٰذَآ إِلَّا قَوۡلُ ٱلۡبَشَرِ

Mu vy’ukuri Qor’ani si ikindi, kiretse ko ari amajambo yabuye ku bantu b’abakurambere, araheza ayitirira Imana”. info
التفاسير:

external-link copy
26 : 74

سَأُصۡلِيهِ سَقَرَ

Jewe Allah, Nzomuta mu muriro ubabura. info
التفاسير:

external-link copy
27 : 74

وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا سَقَرُ

Mbega ni igiki cokumenyesha uwo muriro ubabura ico ari co? info
التفاسير:

external-link copy
28 : 74

لَا تُبۡقِي وَلَا تَذَرُ

Nta co usigaza utakirigise, nta n’ico urekura ngo gicaruke; info
التفاسير:

external-link copy
29 : 74

لَوَّاحَةٞ لِّلۡبَشَرِ

Ubabura urukoba rw’umubiri mu kanya isase; info
التفاسير:

external-link copy
30 : 74

عَلَيۡهَا تِسۡعَةَ عَشَرَ

Ucungerewe n’abamalayika b’ibihangange cumi n’icenda, bakaba ari na bo bajejwe guhana. info
التفاسير:

external-link copy
31 : 74

وَمَا جَعَلۡنَآ أَصۡحَٰبَ ٱلنَّارِ إِلَّا مَلَٰٓئِكَةٗۖ وَمَا جَعَلۡنَا عِدَّتَهُمۡ إِلَّا فِتۡنَةٗ لِّلَّذِينَ كَفَرُواْ لِيَسۡتَيۡقِنَ ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡكِتَٰبَ وَيَزۡدَادَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ إِيمَٰنٗا وَلَا يَرۡتَابَ ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡكِتَٰبَ وَٱلۡمُؤۡمِنُونَ وَلِيَقُولَ ٱلَّذِينَ فِي قُلُوبِهِم مَّرَضٞ وَٱلۡكَٰفِرُونَ مَاذَآ أَرَادَ ٱللَّهُ بِهَٰذَا مَثَلٗاۚ كَذَٰلِكَ يُضِلُّ ٱللَّهُ مَن يَشَآءُ وَيَهۡدِي مَن يَشَآءُۚ وَمَا يَعۡلَمُ جُنُودَ رَبِّكَ إِلَّا هُوَۚ وَمَا هِيَ إِلَّا ذِكۡرَىٰ لِلۡبَشَرِ

Twebwe Allah, ntitwashizeho abacungera uwo muriro, atari abamalayika b’ibihangange. Ntitwanagize ico gitigiri cabo, atari ukugira ngo kibe ikigeragezo ku bagarariji; kugira n’abahawe Igitabu bamenye ko Qor’ani ari ukuri; no kugira ngo ukwemera kw’abemera Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, kwiyongere; no kugira ngo abahawe Igitabu n’abemeramana ntibasubire gukekeranya mw’idini ku vyerekeye igitigiri c’abamalayika bacungereye Jahannamu[2]; no kugira ngo abafise indwara y’uburyarya mu mitima yabo n’abagarariji, bavuge batangara bati: “Mbega, Imana Allah Yashatse kuvuga iki mu gutanga aka karorero k’igitigiri c’abamalayika bacungereye umuriro!”. Ni nk’ukwo nyene rero Imana Allah, Ihubisha uwo Ishatse kuko yahisemwo uguhakana, Ikarongora mu nzira yayo uwo Ishatse, kuko yahisemwo ukwemera. Nta n’umwe rero azi igitigiri c’ingabo z’Imana yawe Rurema Allah uko kingana, atari Yo Yonyene ubwayo, kanatsinda uwo muriro wa Jahannamu si ikindi, kiretse ko ari urwibutso ku bantu. info

[2] Kuko ico gitigiri nyene, ni co kivugwa no mu bindi Bitabu vyamanuwe.

التفاسير:

external-link copy
32 : 74

كَلَّا وَٱلۡقَمَرِ

Eka nibateshwe bate, barahumba! Si uko bahakanye Intumwa na Qor’ani! Jewe Allah, Ndarahiye ku kwezi! info
التفاسير:

external-link copy
33 : 74

وَٱلَّيۡلِ إِذۡ أَدۡبَرَ

No kw’ijoro iyo bwije hakijima! info
التفاسير:

external-link copy
34 : 74

وَٱلصُّبۡحِ إِذَآ أَسۡفَرَ

No ku gitondo iyo hakeye bugatamanzura! info
التفاسير:

external-link copy
35 : 74

إِنَّهَا لَإِحۡدَى ٱلۡكُبَرِ

Ko mu vy’ukuri uwo muriro wa Jahannamu, ari kimwe mu ntureka zihambaye! info
التفاسير:

external-link copy
36 : 74

نَذِيرٗا لِّلۡبَشَرِ

Kugira ngo habe igabishwa ry’abantu ku bihano vy’Imana Allah; info
التفاسير:

external-link copy
37 : 74

لِمَن شَآءَ مِنكُمۡ أَن يَتَقَدَّمَ أَوۡ يَتَأَخَّرَ

Ku wo ari we wese muri mwebwe ashaka gutera intambwe mu kwemera, canke ashaka gutera asubira inyuma mu buhakanyi. info
التفاسير:

external-link copy
38 : 74

كُلُّ نَفۡسِۭ بِمَا كَسَبَتۡ رَهِينَةٌ

Umuntu wese rero azogirwa ingwati ku vyo yakoze, ntazobohorwa kiretse mu gihe yoba yakoze ibitunganye canke ahanwe; info
التفاسير:

external-link copy
39 : 74

إِلَّآ أَصۡحَٰبَ ٱلۡيَمِينِ

Havuyemwo gusa abantu b’iburyo, bazohabwa ibitabu vy’ibikorwa vyabo mu minwe yabo y’iburyo. info
التفاسير:

external-link copy
40 : 74

فِي جَنَّٰتٖ يَتَسَآءَلُونَ

Abo rero, ni bo bazoba bari mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, babazanya; info
التفاسير:

external-link copy
41 : 74

عَنِ ٱلۡمُجۡرِمِينَ

Ukuntu abanyavyaha bamerewe. info
التفاسير:

external-link copy
42 : 74

مَا سَلَكَكُمۡ فِي سَقَرَ

Bazobabaza bati: “Mbega, ni igiki catumye mwinjira mu muriro ubabura wama wegenyejwe?”. info
التفاسير:

external-link copy
43 : 74

قَالُواْ لَمۡ نَكُ مِنَ ٱلۡمُصَلِّينَ

Na bo bazobishura bati: “Tukiri kw’isi, ntitwari mu basenga amasengesho-bwirizwa; info
التفاسير:

external-link copy
44 : 74

وَلَمۡ نَكُ نُطۡعِمُ ٱلۡمِسۡكِينَ

Ntitwigeze tunafungurira abakene; info
التفاسير:

external-link copy
45 : 74

وَكُنَّا نَخُوضُ مَعَ ٱلۡخَآئِضِينَ

Twahora dukora n’ivyaha hamwe n’abanyavyaha; info
التفاسير:

external-link copy
46 : 74

وَكُنَّا نُكَذِّبُ بِيَوۡمِ ٱلدِّينِ

Twahora tunahakana ko ata n’umusi w’impera uriho; info
التفاسير:

external-link copy
47 : 74

حَتَّىٰٓ أَتَىٰنَا ٱلۡيَقِينُ

Kugeza n’aho dushikiriwe n’urupfu, tukiri nk’uko turi”. info
التفاسير:

external-link copy
48 : 74

فَمَا تَنفَعُهُمۡ شَفَٰعَةُ ٱلشَّٰفِعِينَ

Kuri uwo musi rero, ivugira ry’abavugira abandi[3] nta co rizobamarira namba. info

[3] Mu bamalayika, Intumwa n’abandi.

التفاسير:

external-link copy
49 : 74

فَمَا لَهُمۡ عَنِ ٱلتَّذۡكِرَةِ مُعۡرِضِينَ

Mbega bafashwe n’iki, ko birengagiza kwibutswa n’iyo Qor’ani! info
التفاسير:

external-link copy
50 : 74

كَأَنَّهُمۡ حُمُرٞ مُّسۡتَنفِرَةٞ

Wogira ngo ni imparage zivudutse zitekewe n’ubwoba; info
التفاسير:

external-link copy
51 : 74

فَرَّتۡ مِن قَسۡوَرَةِۭ

Zihunze intambwe. info
التفاسير:

external-link copy
52 : 74

بَلۡ يُرِيدُ كُلُّ ٱمۡرِيٕٖ مِّنۡهُمۡ أَن يُؤۡتَىٰ صُحُفٗا مُّنَشَّرَةٗ

Ahubwo umwe wese muri bo, agomba ko yohabwa Igitabu ciwe bwite, cemeza ko wewe uri Intumwa y’Imana. info
التفاسير:

external-link copy
53 : 74

كَلَّاۖ بَل لَّا يَخَافُونَ ٱلۡأٓخِرَةَ

Eka nibateshwe bate, barahumba! Si nk’uko bibaza namba, ahubwo ntibatinya ibihano vyo mu buzima bw'inyuma yo gupfa n’iharurirwa, ngo baheze bavyitegurire. info
التفاسير:

external-link copy
54 : 74

كَلَّآ إِنَّهُۥ تَذۡكِرَةٞ

Eka, nibateshwe bate, barahumba! Mu vy’ukuri iyo Qor’ani, ni urwibutso rukwiye ku wushaka kwibuka. info
التفاسير:

external-link copy
55 : 74

فَمَن شَآءَ ذَكَرَهُۥ

Uwo wese rero ashaka kunyurwa n’iyo Qor’ani, aranyurwa. info
التفاسير:

external-link copy
56 : 74

وَمَا يَذۡكُرُونَ إِلَّآ أَن يَشَآءَ ٱللَّهُۚ هُوَ أَهۡلُ ٱلتَّقۡوَىٰ وَأَهۡلُ ٱلۡمَغۡفِرَةِ

Ntibazonyurwa atari uko Imana Allah Ibishatse. Ni Yo Nyenugutinywa Ikagamburukirwa, ni na Yo Nyenimbabazi. info
التفاسير: