ترجمهٔ معانی قرآن کریم - ترجمه‌ى روندی - يوسف غهيتى

شماره صفحه:close

external-link copy
23 : 45

أَفَرَءَيۡتَ مَنِ ٱتَّخَذَ إِلَٰهَهُۥ هَوَىٰهُ وَأَضَلَّهُ ٱللَّهُ عَلَىٰ عِلۡمٖ وَخَتَمَ عَلَىٰ سَمۡعِهِۦ وَقَلۡبِهِۦ وَجَعَلَ عَلَىٰ بَصَرِهِۦ غِشَٰوَةٗ فَمَن يَهۡدِيهِ مِنۢ بَعۡدِ ٱللَّهِۚ أَفَلَا تَذَكَّرُونَ

Ntumwa y’Imana! Mbega warabonye uwigiriye ivyipfuzo vyiwe kuba ari yo mana yiwe, Imana Allah Iraheza Iramuhubisha kandi yaramaze gushikirwa n’ubumenyi n’ivyemezo; Itera n’ikimangu ku mutima wiwe ntihagira na kimwe atahura ngo yikebuke; Ishira no ku maso yiwe ipaziya, ntiyaba akibona ivyemezo vyayo! Ni nde wundi none yomushoboza kuba umugororotsi, inyuma y’aho Imana Allah Imurekeye agahuba ku bugaba bwiwe! Bantu! Ubwo ntimwokwibuka mukamenya ko uwo Imana Allah Iretse agahuba ku bugaba bwiwe, ata wushobora kumurongora mu nzira yayo[4]! info

[4] Iyi Aayah, irihaniza umuntu gukora ivyo akora yisunze ivyipfuzo vyiwe, ha kwisunga ingingo n’amabwirizwa vy’Imana Allah.

التفاسير:

external-link copy
24 : 45

وَقَالُواْ مَا هِيَ إِلَّا حَيَاتُنَا ٱلدُّنۡيَا نَمُوتُ وَنَحۡيَا وَمَا يُهۡلِكُنَآ إِلَّا ٱلدَّهۡرُۚ وَمَا لَهُم بِذَٰلِكَ مِنۡ عِلۡمٍۖ إِنۡ هُمۡ إِلَّا يَظُنُّونَ

Ababangikanyamana bavuze bahakana bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa bati: “Ubuzima, si ikindi kiretse ko ari ubu buzima nyene tubayeho kw’isi, nta bundi buzima bubaho inyuma yo gupfa; nta n’ikindi gituma dupfa tugahona, kiretse ibihe bidutitura tugapfa, si Imana Allah”. Abo babangikanyamana rero, nta bumenyi bafise ku vyerekeye ubuzima no gupfa hamwe n’izurwa ry’ibiremwa, bapfa kuvuga gusa ivyo bibwiye; info
التفاسير:

external-link copy
25 : 45

وَإِذَا تُتۡلَىٰ عَلَيۡهِمۡ ءَايَٰتُنَا بَيِّنَٰتٖ مَّا كَانَ حُجَّتَهُمۡ إِلَّآ أَن قَالُواْ ٱئۡتُواْ بِـَٔابَآئِنَآ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ

N’iyo basomewe Aayah zacu zitomoye, nta cemezo baronka bisunga, kiretse ukuvuga bati: “Ewe Muhamadi! Wewe n’abemeramana muri kumwe, enda nyabuna rero, nimugarure kw’isi ba data bapfuye kera, nimwaba koko muri imvugakuri, ko abantu bazosubizwa ubuzima bakazuka!”. info
التفاسير:

external-link copy
26 : 45

قُلِ ٱللَّهُ يُحۡيِيكُمۡ ثُمَّ يُمِيتُكُمۡ ثُمَّ يَجۡمَعُكُمۡ إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡقِيَٰمَةِ لَا رَيۡبَ فِيهِ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يَعۡلَمُونَ

Ntumwa y’Imana! Bwira abahakana bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa, uti: “Imana Allah, Ibaha ubuzima mukaba kw’isi ikiringo Ishatse; hanyuma Ikabaka nya buzima mugapfa ikiringo co kubaho kwanyu giheze; mu nyuma rero, Izobasubiza ubuzima muzuke, maze Ibegeranirize hamwe mwese ku musi w’izuka ata makenga ko uzoshika. Ariko rero abenshi mu bantu, ntibazi ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah mu gutuma abantu bapfa, no mu kubasubiza ubuzima bakazozuka ku musi w’izuka”. info
التفاسير:

external-link copy
27 : 45

وَلِلَّهِ مُلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ وَيَوۡمَ تَقُومُ ٱلسَّاعَةُ يَوۡمَئِذٖ يَخۡسَرُ ٱلۡمُبۡطِلُونَ

Imana Allah, ni Yo Nyenubwami Igaba Ikaganza amajuru indwi n’isi n’ibiri muri vyo. Umusi umuhero w’isi wageze rero, ibiremwa vyose bigahwera, hanyuma bikazuka kugira bihemberwe ivyo vyakoze, kuri uwo musi abahakana Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah, bazogira agahombo gakomeye; info
التفاسير:

external-link copy
28 : 45

وَتَرَىٰ كُلَّ أُمَّةٖ جَاثِيَةٗۚ كُلُّ أُمَّةٖ تُدۡعَىٰٓ إِلَىٰ كِتَٰبِهَا ٱلۡيَوۡمَ تُجۡزَوۡنَ مَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ

Ntumwa y'Imana! Kuri uyo musi, uzobona umugwi umwumwe w’abantu basenga mw’idini rimwe upfukamye watekewe n’ubwoba n’akantu, maze umugwi wose uhamagarirwe kwumviriza ibiri mu gitabu cawo, maze ubwirwe uti: “Uno musi rero, muhemberwa ivyo mwari mwarakoze kw’isi”. info
التفاسير:

external-link copy
29 : 45

هَٰذَا كِتَٰبُنَا يَنطِقُ عَلَيۡكُم بِٱلۡحَقِّۚ إِنَّا كُنَّا نَسۡتَنسِخُ مَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ

Iki, ni igitabu cacu kibabwira vy’ukuri ido n’ido ku vyo mwakoze ata kirenzeko ata n’ikibuzeko. Mu vy’ukuri, Twahora Dutegeka abamalayika babungabunga ivyo mukora, kwandika ibikorwa vyanyu. info
التفاسير:

external-link copy
30 : 45

فَأَمَّا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ فَيُدۡخِلُهُمۡ رَبُّهُمۡ فِي رَحۡمَتِهِۦۚ ذَٰلِكَ هُوَ ٱلۡفَوۡزُ ٱلۡمُبِينُ

Abemeye rero Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, Imana yabo Rurema Allah, Izoheza Ibinjize ku mpuhwe zayo mu Bwami bw’ijuru. Iyo rero, ni yo ntsinzi igaragara. info
التفاسير:

external-link copy
31 : 45

وَأَمَّا ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ أَفَلَمۡ تَكُنۡ ءَايَٰتِي تُتۡلَىٰ عَلَيۡكُمۡ فَٱسۡتَكۡبَرۡتُمۡ وَكُنتُمۡ قَوۡمٗا مُّجۡرِمِينَ

Nayo abagararije Imana Allah bakanahakana bivuye inyuma Intumwa zayo, bazobwirwa bati: “Mbega ntimwasomewe Aayah zanje mukiri kw’isi, mukagira amanyama mu kutazemera, mukaba mwari n’abantu b’abanyavyaha! info
التفاسير:

external-link copy
32 : 45

وَإِذَا قِيلَ إِنَّ وَعۡدَ ٱللَّهِ حَقّٞ وَٱلسَّاعَةُ لَا رَيۡبَ فِيهَا قُلۡتُم مَّا نَدۡرِي مَا ٱلسَّاعَةُ إِن نَّظُنُّ إِلَّا ظَنّٗا وَمَا نَحۡنُ بِمُسۡتَيۡقِنِينَ

Mubwiwe ko mu vy’ukuri isezerano ry’Imana Allah ryo kuzura ibiremwa, ari iry’ukuri; n’uko umuhero w’isi ata makenga ko uriho”, mwaca mwishura muti: “Ntituzi ico ari co umuhero w’isi! Ntituniteze umuzo wawo, kiretse ku gukekeranya gusa, eka mbere ntitunemera ko nya muhero ubaho”. info
التفاسير: