ترجمهٔ معانی قرآن کریم - ترجمه‌ى روندی - يوسف غهيتى

An-Nisaa-i

external-link copy
1 : 4

يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّاسُ ٱتَّقُواْ رَبَّكُمُ ٱلَّذِي خَلَقَكُم مِّن نَّفۡسٖ وَٰحِدَةٖ وَخَلَقَ مِنۡهَا زَوۡجَهَا وَبَثَّ مِنۡهُمَا رِجَالٗا كَثِيرٗا وَنِسَآءٗۚ وَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ ٱلَّذِي تَسَآءَلُونَ بِهِۦ وَٱلۡأَرۡحَامَۚ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ عَلَيۡكُمۡ رَقِيبٗا

Emwe bantu! Nimutinye Imana yanyu Rurema Allah mu kwubahiriza amabwiriza yayo, kuko ari Yo Yabaremye Ibakomoye ku muntu umwe ari we Adamu, Iraheza Imuremamwo umukenyezi wiwe Hawa, Inakwiragiza mu mihingo yose yo kw’isi uruvyaro rubakomotseko; abahungu n’abakobwa benshi. Nimutinye rero Imana Allah, Yo musabana hagati yanyu kw’Izina ryayo, mwongere mwiyubare guca ubuvandimwe buri hagati yanyu. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Mureretsiwavyose, Ibashinze ijisho ku vyo mukora vyose; info
التفاسير:

external-link copy
2 : 4

وَءَاتُواْ ٱلۡيَتَٰمَىٰٓ أَمۡوَٰلَهُمۡۖ وَلَا تَتَبَدَّلُواْ ٱلۡخَبِيثَ بِٱلطَّيِّبِۖ وَلَا تَأۡكُلُوٓاْ أَمۡوَٰلَهُمۡ إِلَىٰٓ أَمۡوَٰلِكُمۡۚ إِنَّهُۥ كَانَ حُوبٗا كَبِيرٗا

Impfuvyi musanzwe muhagarariye nizagera mu bigero, muraheza muzihe amatungo yazo, mu gihe mumaze kubona ko zishoboye kuyabungabunga; kandi ntimuzokwikike mu kiza mu kwihagira ivyiza muri nya matungo, ngo mubisubirize ibibi mukuye mu matungo yanyu. Ntimuzonavange amatungo yazo hamwe n’amatungo yanyu mu ntumbero yo gushaka kwigarurira (mu kurya) amatungo yazo. Mu vy’ukuri uwubahutse gukora ivyo, aba akoze icaha rutura. info
التفاسير:

external-link copy
3 : 4

وَإِنۡ خِفۡتُمۡ أَلَّا تُقۡسِطُواْ فِي ٱلۡيَتَٰمَىٰ فَٱنكِحُواْ مَا طَابَ لَكُم مِّنَ ٱلنِّسَآءِ مَثۡنَىٰ وَثُلَٰثَ وَرُبَٰعَۖ فَإِنۡ خِفۡتُمۡ أَلَّا تَعۡدِلُواْ فَوَٰحِدَةً أَوۡ مَا مَلَكَتۡ أَيۡمَٰنُكُمۡۚ ذَٰلِكَ أَدۡنَىٰٓ أَلَّا تَعُولُواْ

Nimwagira impungenge zo gutunganiriza impfuvyikazi musanzwe muhagarikiye mu kutaziha inkwano zazo zikwiye, murabira abo mugomwe mu bandi bakenyezi; babiribabiri, batatubatatu canke banebane. Nimwatinya naho ko mutobatunganiriza, muraheza mwabire umukenyezi umwe gusa canke mwikore ku ncoreke musanzwe mugaba. Ukwubahiriza izo ngingo zerekeye gutunganiriza impfuvyi no kwabira, ni kwo gutuma mutorenganya; info
التفاسير:

external-link copy
4 : 4

وَءَاتُواْ ٱلنِّسَآءَ صَدُقَٰتِهِنَّ نِحۡلَةٗۚ فَإِن طِبۡنَ لَكُمۡ عَن شَيۡءٖ مِّنۡهُ نَفۡسٗا فَكُلُوهُ هَنِيٓـٔٗا مَّرِيٓـٔٗا

Bagabo mwipfuza kwubaka izanyu! Murahereza abakenyezi inkwano zabo zitegetswe ata gahigihigi. Nibashimishwa n’ukubaha kuri nya nkwano ata gahato kagiyemwo, murakirana umutima ushima ico babahereje, mugifungurane akayabagu. info
التفاسير:

external-link copy
5 : 4

وَلَا تُؤۡتُواْ ٱلسُّفَهَآءَ أَمۡوَٰلَكُمُ ٱلَّتِي جَعَلَ ٱللَّهُ لَكُمۡ قِيَٰمٗا وَٱرۡزُقُوهُمۡ فِيهَا وَٱكۡسُوهُمۡ وَقُولُواْ لَهُمۡ قَوۡلٗا مَّعۡرُوفٗا

Ntimugahe amatungo musanzwe muhagarikiye abayasesagura bitewe n’uko bakiri bato canke batazi ikoreshwa ribereye ry’amatungo, ayo matungo ni yo Imana Allah Yagize ishingiro ry’ubuzima bw’abantu, muraheza rero mubaheko ibibabeshaho munabambike, mwongere mubayagishe neza. info
التفاسير:

external-link copy
6 : 4

وَٱبۡتَلُواْ ٱلۡيَتَٰمَىٰ حَتَّىٰٓ إِذَا بَلَغُواْ ٱلنِّكَاحَ فَإِنۡ ءَانَسۡتُم مِّنۡهُمۡ رُشۡدٗا فَٱدۡفَعُوٓاْ إِلَيۡهِمۡ أَمۡوَٰلَهُمۡۖ وَلَا تَأۡكُلُوهَآ إِسۡرَافٗا وَبِدَارًا أَن يَكۡبَرُواْۚ وَمَن كَانَ غَنِيّٗا فَلۡيَسۡتَعۡفِفۡۖ وَمَن كَانَ فَقِيرٗا فَلۡيَأۡكُلۡ بِٱلۡمَعۡرُوفِۚ فَإِذَا دَفَعۡتُمۡ إِلَيۡهِمۡ أَمۡوَٰلَهُمۡ فَأَشۡهِدُواْ عَلَيۡهِمۡۚ وَكَفَىٰ بِٱللَّهِ حَسِيبٗا

Murageza ubushobozi bw’impfuvyi muhagarariye zitaragera mu bigero, ko zishoboye gukoresha neza amatungo. Zimaze kugera mu bigero rero, mukamenya kandi ko zishoboye gukoresha neza amatungo yazo, mukanabona ko zigengwa n’ingeso nziza, zinashoboye kubungabunga amatungo yazo, muraheza muzishikirize nya matungo. Ntimuzorengere kuri nya matungo, ngo mushoke muyasesagura mu kuyafungura, nya mpfuvyi zitarakura. Uwuzozihagarikira asanzwe atunze, arabumbwa n’ivyo atunze, ntakomakome na kimwe mu matungo yazo. Uwuzoba na we akenye, arihako ibimubeshaho ku rugero rw’ibimukwiye ata gusesagura. Nivyashika ko muzishikiriza amatungo yazo zimaze kugera mu bigero, zikaba zinashoboye kuyabungabunga, muraheza musabe abababera ivyabona ko mushikirije amatungo yose akwiye. Burya Imana Allah Irakwiye kuba ari Yo Mureretsi Ibaharurira, Ikabahembera ivyo mwakoze. info
التفاسير: