ترجمهٔ معانی قرآن کریم - ترجمه‌ى روندی - يوسف غهيتى

شماره صفحه:close

external-link copy
78 : 3

وَإِنَّ مِنۡهُمۡ لَفَرِيقٗا يَلۡوُۥنَ أَلۡسِنَتَهُم بِٱلۡكِتَٰبِ لِتَحۡسَبُوهُ مِنَ ٱلۡكِتَٰبِ وَمَا هُوَ مِنَ ٱلۡكِتَٰبِ وَيَقُولُونَ هُوَ مِنۡ عِندِ ٱللَّهِ وَمَا هُوَ مِنۡ عِندِ ٱللَّهِۖ وَيَقُولُونَ عَلَى ٱللَّهِ ٱلۡكَذِبَ وَهُمۡ يَعۡلَمُونَ

Mu vy’ukuri mu bayahudi, ni ukuri harimwo umugwi uhindagura amajambo uko atari mu Gitabu bahawe, kugira mwiyumvire ko nya majambo ari mu Gitabu ca Tawurati, kandi ata yari muri Tawurati, bagaheza bakanavuga bati: “Aya majambo ava ku Mana Allah, Yayahishuriye Intumwa yayo Musa”, kandi nya majambo atava ku Mana Allah, bagaheza rero bakabeshera Imana Allah kandi bazi ko bariko barabesha. info
التفاسير:

external-link copy
79 : 3

مَا كَانَ لِبَشَرٍ أَن يُؤۡتِيَهُ ٱللَّهُ ٱلۡكِتَٰبَ وَٱلۡحُكۡمَ وَٱلنُّبُوَّةَ ثُمَّ يَقُولَ لِلنَّاسِ كُونُواْ عِبَادٗا لِّي مِن دُونِ ٱللَّهِ وَلَٰكِن كُونُواْ رَبَّٰنِيِّـۧنَ بِمَا كُنتُمۡ تُعَلِّمُونَ ٱلۡكِتَٰبَ وَبِمَا كُنتُمۡ تَدۡرُسُونَ

Ntivyari gushika ko umuntu n’umwe mu bantu yotumwa n’Imana Allah, Ikamuha Igitabu n’amabwirizwa yo gutunganiriza ibiremwa, hanyuma agahindukira akabwira abantu yarungitsweko ati: “Nimube abaja banje maze munsenge mu gishingo c’Imana Allah”, mugabo araheza akababwira ati: “Nimube intore mu bamenyi ku vyo mwahora mwigisha abandi mu majambo y’Imana Allah, no ku vyo mwiga mukamenya rero muri yo”; info
التفاسير:

external-link copy
80 : 3

وَلَا يَأۡمُرَكُمۡ أَن تَتَّخِذُواْ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةَ وَٱلنَّبِيِّـۧنَ أَرۡبَابًاۚ أَيَأۡمُرُكُم بِٱلۡكُفۡرِ بَعۡدَ إِذۡ أَنتُم مُّسۡلِمُونَ

Kandi nta n’umwe muri bo yobategeka ko mugira ibigirwamana musenga mu bamalayika no mu Ntumwa. Bantu! Vyoshoboka gute ko abategeka kugarariza Imana Allah inyuma yuko mwamaze kwicisha bugufi kuri Yo mukaba abislamu! info
التفاسير:

external-link copy
81 : 3

وَإِذۡ أَخَذَ ٱللَّهُ مِيثَٰقَ ٱلنَّبِيِّـۧنَ لَمَآ ءَاتَيۡتُكُم مِّن كِتَٰبٖ وَحِكۡمَةٖ ثُمَّ جَآءَكُمۡ رَسُولٞ مُّصَدِّقٞ لِّمَا مَعَكُمۡ لَتُؤۡمِنُنَّ بِهِۦ وَلَتَنصُرُنَّهُۥۚ قَالَ ءَأَقۡرَرۡتُمۡ وَأَخَذۡتُمۡ عَلَىٰ ذَٰلِكُمۡ إِصۡرِيۖ قَالُوٓاْ أَقۡرَرۡنَاۚ قَالَ فَٱشۡهَدُواْ وَأَنَا۠ مَعَكُم مِّنَ ٱلشَّٰهِدِينَ

Ntumwa y’Imana! Ibuka igihe Imana Allah Yaha isezerano Abavugishwamana bose Iti: “Ninabaha Igitabu n’ubutore bwo gushika ku kuri mu mvugo n’ingiro, hanyuma Nkabarungikira Intumwa ishimangira ukuri musanganywe, ko mutegerezwa kuyemera no kuyitabara”, maze Imana Allah Ikababaza bose Iti: “None iryo sezerano, mwaryemeye muremanga kuryubahiriza?”. Barishuye bati: “Ego cane! Twemanze kuryubahiriza”. Imana Allah Ica Ivuga Iti: “Nimwibere rero ivyabona ku vyo dusezeranye, mubere n’ivyabona abantu banyu kuri iryo sezerano, nanje Ndi kumwe na mwe mu vyabona bizobagiriza mwese[13]”. info

[13] Iyi Aayah iremeza ko Imana Allah Yahaye isezerano Abavugishwamana n’Intumwa zose, hamwe rero n’abantu zarungitsweko, ko bemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).

التفاسير:

external-link copy
82 : 3

فَمَن تَوَلَّىٰ بَعۡدَ ذَٰلِكَ فَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡفَٰسِقُونَ

Abazogenza umugongo rero bakirengagiza ubutumwa bw’ubwislamu inyuma y’aho bashikiriwe n’iri sezerano Imana Allah Yahaye Abavugishwamana n’Intumwa zayo, abo rero ni vyo bigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah; info
التفاسير:

external-link copy
83 : 3

أَفَغَيۡرَ دِينِ ٱللَّهِ يَبۡغُونَ وَلَهُۥٓ أَسۡلَمَ مَن فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ طَوۡعٗا وَكَرۡهٗا وَإِلَيۡهِ يُرۡجَعُونَ

Mbega none! Ivyo bigaba bishaka gukurikira idini ritari iry’Imana Allah ry’ubwislamu[14], kandi ibiremwa vyo mu majuru no mw’isi vyicisha bugufi kuri Yo, ku bushake mu gihe c’igamburuka ry’abemeramana muri vyo; bikicisha bugufi vyanka vyakunda no mu gihe ibigarariza muri vyo bishikiwe n’ivyago! Kukaba nkako rero, n’ibindi biremwa vyose biricisha bugufi kuri Yo, ni no kuri Yo bizosubizwa bimaze guhwera kugira biharurirwe biheze bihemberwe ivyo vyakoze. info

[14] Ari na ryo dini ryarungikanwe Intumwa zose, rigashimangirwa n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).

التفاسير: