ترجمهٔ معانی قرآن کریم - ترجمه‌ى روندی - يوسف غهيتى

As-Shu'araa-i

external-link copy
1 : 26

طسٓمٓ

Twaa Siin Miim[1]. info

[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara.

التفاسير:

external-link copy
2 : 26

تِلۡكَ ءَايَٰتُ ٱلۡكِتَٰبِ ٱلۡمُبِينِ

Izi, ni Aayah z’Igitabu Qor’ani gitomoye neza; mu nsiguro, mu ngingo z’ibirekuwe n’ibizira, no mu burongozi bwaco. info
التفاسير:

external-link copy
3 : 26

لَعَلَّكَ بَٰخِعٞ نَّفۡسَكَ أَلَّا يَكُونُواْ مُؤۡمِنِينَ

Ntumwa y’Imana! Biragaragara ko utuntuzwa umutima n’uko abantu bataraba abemeramana ngo bagukurikire, mpore ntugatunture ku mutima! info
التفاسير:

external-link copy
4 : 26

إِن نَّشَأۡ نُنَزِّلۡ عَلَيۡهِم مِّنَ ٱلسَّمَآءِ ءَايَةٗ فَظَلَّتۡ أَعۡنَٰقُهُمۡ لَهَا خَٰضِعِينَ

Twebwe Allah, Dushatse Twomanurira abaguhakana bivuye inyuma mu bantu warungitsweko, igitangaro kivuye mw’ijuru cotuma bemera ku nabi ku neza, maze bakama bicishije bugufi, ariko rero ntitwashatse ko biba ukwo, kuko ukwemera Imana Allah nya kwemera kuba ku bushake ata gahato kagiyemwo. info
التفاسير:

external-link copy
5 : 26

وَمَا يَأۡتِيهِم مِّن ذِكۡرٖ مِّنَ ٱلرَّحۡمَٰنِ مُحۡدَثٍ إِلَّا كَانُواْ عَنۡهُ مُعۡرِضِينَ

Ababangikanyamana, ntibigera bashikirwa n’inkebuzo nshasha ivuye kwa Nyenimpuhwe Allah, ibabwiriza ivyo bakora n’ivyo bareka mu kwubahiriza idini ry’ukuri, kiretse ko birengagiza nya nkebuzo, bakayihakana bivuye inyuma, bakanayamirira kure. info
التفاسير:

external-link copy
6 : 26

فَقَدۡ كَذَّبُواْ فَسَيَأۡتِيهِمۡ أَنۢبَٰٓؤُاْ مَا كَانُواْ بِهِۦ يَسۡتَهۡزِءُونَ

Ni ukuri, ababangikanyamana barahakanye Qor’ani baranayiteburako. Kubera ivyo rero, bitebe bitebuke, bazoshikirwa n’ukuri kw’inkuru z’ivyo bateburako, maze bahanwe. info
التفاسير:

external-link copy
7 : 26

أَوَلَمۡ يَرَوۡاْ إِلَى ٱلۡأَرۡضِ كَمۡ أَنۢبَتۡنَا فِيهَا مِن كُلِّ زَوۡجٖ كَرِيمٍ

Mbega ntibaraba isi ngo babone ukuntu Twayinagishijeko ibimera vyinshi ngirakamaro, biri mu bwoko bwose bw’ibiterwa n'ivyimeza, ata wushoboye kubinagisha atari Imana Allah! info
التفاسير:

external-link copy
8 : 26

إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ

Mu vy’ukuri mw’inagishwa ry’ivyo vyose, ni ukuri harimwo icemezo cerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, burya abenshi mu bantu, si abemeramana namba; info
التفاسير:

external-link copy
9 : 26

وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ

Kandi mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri, ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo. info
التفاسير:

external-link copy
10 : 26

وَإِذۡ نَادَىٰ رَبُّكَ مُوسَىٰٓ أَنِ ٱئۡتِ ٱلۡقَوۡمَ ٱلظَّٰلِمِينَ

Ntumwa y’Imana! Cira agace abo warungitsweko ku nkuru ya Musa, igihe Imana yawe Rurema Allah Yahamagara Musa Iti: “Genda ku bantu birenganije; info
التفاسير:

external-link copy
11 : 26

قَوۡمَ فِرۡعَوۡنَۚ أَلَا يَتَّقُونَ

Abantu ba Firawuni, maze ubararikire kugamburukira Imana Allah mu gushira mu ngiro amabwirizwa yayo”. info
التفاسير:

external-link copy
12 : 26

قَالَ رَبِّ إِنِّيٓ أَخَافُ أَن يُكَذِّبُونِ

Musa yavuze ati: “Mana yanje Rurema Allah! Jewe ndafise impungenge ko bohakana bivuye inyuma ubutumwa ndabazaniye; info
التفاسير:

external-link copy
13 : 26

وَيَضِيقُ صَدۡرِي وَلَا يَنطَلِقُ لِسَانِي فَأَرۡسِلۡ إِلَىٰ هَٰرُونَ

Ngatuntuzwa n’uko bangararije, kandi n’ururimi rwanje ntirutomora bikwiye, ndagusavye rero Uhe ubutumwa murumunanje Haruna kugira anshigikire, yongere anyunganire mu kubumvisha ubutumwa nzoba ndabashikirije; info
التفاسير:

external-link copy
14 : 26

وَلَهُمۡ عَلَيَّ ذَنۢبٞ فَأَخَافُ أَن يَقۡتُلُونِ

Hari n’igicumuro nabakoreye co kwica umuntu mu Banyagiputa, ndatinya rero ko boca bamwihorera, bakanyica”. info
التفاسير:

external-link copy
15 : 26

قَالَ كَلَّاۖ فَٱذۡهَبَا بِـَٔايَٰتِنَآۖ إِنَّا مَعَكُم مُّسۡتَمِعُونَ

Imana Allah Yabwiye Musa Iti: “Ihibambewe! Tekana nta co bazokugira. Na murumunawe Haruna Tumugize Intumwa, nimugende rero uko muri babiri mwitwaje ibitangaro vyacu Twebwe Allah, vyerekana ukuri kwanyu; mu vy’ukuri, Turi kumwe na mwe ku bumenyi bwacu no mu kubabungabunga, Turumviriza n’ivyo mushikiriza; info
التفاسير:

external-link copy
16 : 26

فَأۡتِيَا فِرۡعَوۡنَ فَقُولَآ إِنَّا رَسُولُ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Enda nyabuna rero, nimugende kwa Firawuni, maze mumubwire muti: “Twebwe mu vy’ukuri, turi Intumwa zirungitswe n’Imana yawe Rurema Allah kuri wewe no ku bantu bawe; info
التفاسير:

external-link copy
17 : 26

أَنۡ أَرۡسِلۡ مَعَنَا بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ

Ko wobohora Bene Israyeli ukareka kubacinyiza, tugaheza rero tukabarongora mu nzira y’Imana Allah, bakadukurikira””. info
التفاسير:

external-link copy
18 : 26

قَالَ أَلَمۡ نُرَبِّكَ فِينَا وَلِيدٗا وَلَبِثۡتَ فِينَا مِنۡ عُمُرِكَ سِنِينَ

Firawuni yishuye Musa n’agashinyaguro n'akantu ati: “Mbega uribagiye ko twakurereye ng’aha kuva ukiri uruyoya, uraheza ubana na twe imyaka n’iyindi! info
التفاسير:

external-link copy
19 : 26

وَفَعَلۡتَ فَعۡلَتَكَ ٱلَّتِي فَعَلۡتَ وَأَنتَ مِنَ ٱلۡكَٰفِرِينَ

Uraheza ukora igicumuro co kwica Umunyagiputa igihe winamura umukubita igipfunsi, aca ararambarara! Ako, ni ko gashimwe wampaye ku ciza nagukoreye co kukurera!”. info
التفاسير: