ترجمهٔ معانی قرآن کریم - ترجمه‌ى روندی - يوسف غهيتى

شماره صفحه:close

external-link copy
64 : 12

قَالَ هَلۡ ءَامَنُكُمۡ عَلَيۡهِ إِلَّا كَمَآ أَمِنتُكُمۡ عَلَىٰٓ أَخِيهِ مِن قَبۡلُ فَٱللَّهُ خَيۡرٌ حَٰفِظٗاۖ وَهُوَ أَرۡحَمُ ٱلرَّٰحِمِينَ

Se wabo abishura ati: “Nobizera gute ko mwocungera Biniyamini, mu gihe nigeze kubizera kuri mwenewabo Yusufu mukanyemeza ko muzomucungera, hanyuma ntimwabikora! Mwebwe rero sindabizeye namba, ariko ndizeye Imana Allah ko Imucungera kuko ni Yo Mwiza w’ababungabunzi, ni na Yo Nyenimpuhwe kuruta abanyampuhwe bose”. info
التفاسير:

external-link copy
65 : 12

وَلَمَّا فَتَحُواْ مَتَٰعَهُمۡ وَجَدُواْ بِضَٰعَتَهُمۡ رُدَّتۡ إِلَيۡهِمۡۖ قَالُواْ يَٰٓأَبَانَا مَا نَبۡغِيۖ هَٰذِهِۦ بِضَٰعَتُنَا رُدَّتۡ إِلَيۡنَاۖ وَنَمِيرُ أَهۡلَنَا وَنَحۡفَظُ أَخَانَا وَنَزۡدَادُ كَيۡلَ بَعِيرٖۖ ذَٰلِكَ كَيۡلٞ يَسِيرٞ

Bamaze gutekurura ivyo babatekereye, basanze basubijwe n’ikiguzi c’ivyo batekerewe, baca bavuga n’akamwemwe kenshi bati: “Dawe wacu! Hari ikindi dushaka coza kiruta iki! Ehe ng’iki n’ikiguzi c’ivyo badutekereye bakidusubije! Enda nyabuna muturungikane rero, tuje gusumira umuryango ibikwiye, hanyuma ducungere na murumuna wacu, gutyo na we nyene azogaruke afise igitwazi cikoreye imfungurwa ciyongereyeko, kuko nta wugererwa ibirenze igitwazi kimwe. Kumugerera na we ni bito cane ku mwami”. info
التفاسير:

external-link copy
66 : 12

قَالَ لَنۡ أُرۡسِلَهُۥ مَعَكُمۡ حَتَّىٰ تُؤۡتُونِ مَوۡثِقٗا مِّنَ ٱللَّهِ لَتَأۡتُنَّنِي بِهِۦٓ إِلَّآ أَن يُحَاطَ بِكُمۡۖ فَلَمَّآ ءَاتَوۡهُ مَوۡثِقَهُمۡ قَالَ ٱللَّهُ عَلَىٰ مَا نَقُولُ وَكِيلٞ

Se wabo Yakubu araheza ababwira ati: “Sindota ndamubarungikana tudahanye amasezerano, mukandahira kw’izina ry’Imana Allah ko muzomungarukanira amarembe, hamwe mutoshikirwa n’ivyago bitabavuyeko”. Bamaze rero kumurahirira kw’izina ry’Imana Allah ko bazomucungera, Yakubu yaciye avuga ati: “Imana Allah rero ni Yo Muhagarikizi wacu ku vyo dusezeranye”. info
التفاسير:

external-link copy
67 : 12

وَقَالَ يَٰبَنِيَّ لَا تَدۡخُلُواْ مِنۢ بَابٖ وَٰحِدٖ وَٱدۡخُلُواْ مِنۡ أَبۡوَٰبٖ مُّتَفَرِّقَةٖۖ وَمَآ أُغۡنِي عَنكُم مِّنَ ٱللَّهِ مِن شَيۡءٍۖ إِنِ ٱلۡحُكۡمُ إِلَّا لِلَّهِۖ عَلَيۡهِ تَوَكَّلۡتُۖ وَعَلَيۡهِ فَلۡيَتَوَكَّلِ ٱلۡمُتَوَكِّلُونَ

Hageze ko basubira muri Misiri rero, se wabo yabatekereye impanuro avuga ati: “Bane banje! Nimwaramuka mugeze muri Misiri, ntimuzokwinjire muciye mu muryango umwe, ahubwo murinjirira mu miryango itandukanye kugira mwikingire ijisho ribi. Hamwe n’uko ndabahaye izo mpanuro, nta cobuza ko mudashikirwa n’ivyagezwe vy’Imana Allah, kandi nta co mpinduramwo ngo ngire ico ndabamariye. Burya, nta ngingo ija mu ngiro ku biremwa, kiretse ko iva ku Mana Allah, ni Yo nishimikije kandi nizeye, abizera rero nibayishimikize bayizere”. info
التفاسير:

external-link copy
68 : 12

وَلَمَّا دَخَلُواْ مِنۡ حَيۡثُ أَمَرَهُمۡ أَبُوهُم مَّا كَانَ يُغۡنِي عَنۡهُم مِّنَ ٱللَّهِ مِن شَيۡءٍ إِلَّا حَاجَةٗ فِي نَفۡسِ يَعۡقُوبَ قَضَىٰهَاۚ وَإِنَّهُۥ لَذُو عِلۡمٖ لِّمَا عَلَّمۡنَٰهُ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يَعۡلَمُونَ

Igihe bagera muri Misiri, binjiye baciye mu miryango itandukanye nk’uko se wabo yari yabategetse. N’aho ivyo vyose ata co vyari kubamarira ngo bihindure ivyagezwe n’Imana Allah kuri bo, ariko kubabwira ivyo vyose, vyatumye ikiri ku mutima wa Yakubu cururuka. Mu vy’ukuri, Yakubu yari afise ubumenyi buhambaye ku vyo Twebwe Allah Twamwigishije mw’idini ryiwe, ariko abenshi mu bantu ntibazi iherezo ry’ivyo bakora. info
التفاسير:

external-link copy
69 : 12

وَلَمَّا دَخَلُواْ عَلَىٰ يُوسُفَ ءَاوَىٰٓ إِلَيۡهِ أَخَاهُۖ قَالَ إِنِّيٓ أَنَا۠ أَخُوكَ فَلَا تَبۡتَئِسۡ بِمَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ

Bamaze kwinjira rero mu kirimba kwa Yusufu bari kumwe na murumunawe Biniyamini, Yusufu yamuguye mu nda aramuhobera, araheza aramwongorera ati: “Jewe mu vy’ukuri, ndi mukurwawe, ntiwicwe n’intuntu na gato ku vyo benewacu bigeze kungirira”. info
التفاسير: