আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি

At-Tiin

external-link copy
1 : 95

وَٱلتِّينِ وَٱلزَّيۡتُونِ

Jewe Allah, Ndarahiye kuri “Tiini” na “Zayituuni[1]” (vyahezagiwe)! info

[1] Tiini na Zayituuni, ni ubwoko bw'ivyamwa.

التفاسير:

external-link copy
2 : 95

وَطُورِ سِينِينَ

No ku musozi wa Sinayi, ari na ho Intumwa Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah), yavuganiye n’Imana Allah ukuri kwamye! info
التفاسير:

external-link copy
3 : 95

وَهَٰذَا ٱلۡبَلَدِ ٱلۡأَمِينِ

No kuri iki gisagara ca Makka gitekanye! info
التفاسير:

external-link copy
4 : 95

لَقَدۡ خَلَقۡنَا ٱلۡإِنسَٰنَ فِيٓ أَحۡسَنِ تَقۡوِيمٖ

Ni ukuri Twebwe Allah, Twaremye umuntu mw’ishusho ryiza cane; info
التفاسير:

external-link copy
5 : 95

ثُمَّ رَدَدۡنَٰهُ أَسۡفَلَ سَٰفِلِينَ

Hanyuma Tumusubiza mu muriro udahera, mu gihe atokwumvira Imana Allah agakurikira n’Intumwa zayo. info
التفاسير:

external-link copy
6 : 95

إِلَّا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ فَلَهُمۡ أَجۡرٌ غَيۡرُ مَمۡنُونٖ

Ariko rero abemeye Imana Allah n’Intumwa bakanakora n'ivyiza bitegetswe, barategekanirijwe impembo itagabanijwe, idahera. info
التفاسير:

external-link copy
7 : 95

فَمَا يُكَذِّبُكَ بَعۡدُ بِٱلدِّينِ

Muntu! None ni igiki gituma inyuma y’ivyo vyose, uhakana wivuye inyuma umusi w’impera! info
التفاسير:

external-link copy
8 : 95

أَلَيۡسَ ٱللَّهُ بِأَحۡكَمِ ٱلۡحَٰكِمِينَ

Mbega burya Imana Allah, Yategekanije umusi wo gutunganiriza ibiremwa, si Yo Nyene kugira ubutungane bubereye ku biremwa vyayo gusumba abacamanza bose! Yobuzwa n’iki! Ego cane, ni Yo! info
التفاسير: