আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি

পৃষ্ঠা নং:close

external-link copy
62 : 8

وَإِن يُرِيدُوٓاْ أَن يَخۡدَعُوكَ فَإِنَّ حَسۡبَكَ ٱللَّهُۚ هُوَ ٱلَّذِيٓ أَيَّدَكَ بِنَصۡرِهِۦ وَبِٱلۡمُؤۡمِنِينَ

Nibashaka naho kwiyorobeka mu kurondera amahoro ngo bahave baguhinduka mu nyuma, mu vy’ukuri Imana Allah Irakwiye kugira Igukingire inabi yabo, ni Yo Yaguhaye intsinzi Inaguteza ingoga abemeramana[3]; info

[3] Mu bimukira (Muhaajiriina) no mu basangwa (Answaari).

التفاسير:

external-link copy
63 : 8

وَأَلَّفَ بَيۡنَ قُلُوبِهِمۡۚ لَوۡ أَنفَقۡتَ مَا فِي ٱلۡأَرۡضِ جَمِيعٗا مَّآ أَلَّفۡتَ بَيۡنَ قُلُوبِهِمۡ وَلَٰكِنَّ ٱللَّهَ أَلَّفَ بَيۡنَهُمۡۚ إِنَّهُۥ عَزِيزٌ حَكِيمٞ

Iraheza Iranabanywanisha inyuma yuko batacana uwaka. N'iyo utanga amatungo yose y’isi kugira ngo ubanywanishe ku bwawe, ntiwari kubishobora namba; ariko rero, Imana Allah Yarabanywanishije Ibahuriza ku kwemera, gutyo baba abavukanyi barangwa n’urukundo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora. info
التفاسير:

external-link copy
64 : 8

يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّبِيُّ حَسۡبُكَ ٱللَّهُ وَمَنِ ٱتَّبَعَكَ مِنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ

Ewe Muvugishwamana! Imana Allah Irakwiye kugira Igukingire inabi yabo. Eka n’abagukurikiye mu bemeramana barakwiye kugira bagukingire inabi yabo. info
التفاسير:

external-link copy
65 : 8

يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّبِيُّ حَرِّضِ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ عَلَى ٱلۡقِتَالِۚ إِن يَكُن مِّنكُمۡ عِشۡرُونَ صَٰبِرُونَ يَغۡلِبُواْ مِاْئَتَيۡنِۚ وَإِن يَكُن مِّنكُم مِّاْئَةٞ يَغۡلِبُوٓاْ أَلۡفٗا مِّنَ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ بِأَنَّهُمۡ قَوۡمٞ لَّا يَفۡقَهُونَ

Ewe Muvugishwamana! Himiriza abemeramana kurwana batiziganya. Muri mwebwe nihaba harimwo abantu mirongo ibiri bihangana ku rugamba, bazonesha abantu amajana abiri. Nihaba naho harimwo abantu ijana bihangana ku rugamba, bazonesha abantu igihumbi mu babangikanyamana, kuko ababangikanyamana badatahura indishi zagenewe abaharanira idini ry’Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
66 : 8

ٱلۡـَٰٔنَ خَفَّفَ ٱللَّهُ عَنكُمۡ وَعَلِمَ أَنَّ فِيكُمۡ ضَعۡفٗاۚ فَإِن يَكُن مِّنكُم مِّاْئَةٞ صَابِرَةٞ يَغۡلِبُواْ مِاْئَتَيۡنِۚ وَإِن يَكُن مِّنكُمۡ أَلۡفٞ يَغۡلِبُوٓاْ أَلۡفَيۡنِ بِإِذۡنِ ٱللَّهِۗ وَٱللَّهُ مَعَ ٱلصَّٰبِرِينَ

Bemeramana! Kuva ubu rero, ku kubera ingoga nke mufise, Imana Allah Iraborohereje; muri mwebwe nihaba harimwo abantu ijana bihangana, bazonesha abantu amajana abiri mu babangikanyamana. Nihaba naho harimwo abantu igihumbi bihangana, bazonesha abantu ibihumbi bibiri ku burenganzira bw’Imana Allah. Burya Imana Allah, Iri kumwe n’abihangana mu kubatera intege no kubashikana ku ntsinzi. info
التفاسير:

external-link copy
67 : 8

مَا كَانَ لِنَبِيٍّ أَن يَكُونَ لَهُۥٓ أَسۡرَىٰ حَتَّىٰ يُثۡخِنَ فِي ٱلۡأَرۡضِۚ تُرِيدُونَ عَرَضَ ٱلدُّنۡيَا وَٱللَّهُ يُرِيدُ ٱلۡأٓخِرَةَۗ وَٱللَّهُ عَزِيزٌ حَكِيمٞ

Ntivyari bibereye namba ko Umuvugishwamana yogira imbohe abamurwanya atabanje kurwana bigacika, abansi bagaheza bakamutinya, idini na ryo rigashinga imizi. Bislamu! Murondera kuronka ivy’isi bigizwe n’imbohozo zitangwa n’abagizwe imbohe ku rugamba rwa Badri, Imana Allah na Yo Ikarondera gutsimbataza idini ryayo rizobashikana ku buzima bwiza bw’inyuma yo gupfa. Burya Imana Allah, ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa; Intungane mu vyo Ikora. info
التفاسير:

external-link copy
68 : 8

لَّوۡلَا كِتَٰبٞ مِّنَ ٱللَّهِ سَبَقَ لَمَسَّكُمۡ فِيمَآ أَخَذۡتُمۡ عَذَابٌ عَظِيمٞ

Iyo hataba rero ivyamaze kwandikwa mu vyagezwe n’Imana Allah, ko Yabarekuriye iminyago n’imbohozo z’abagizwe imbohe ku rugamba, mwari guhabwa igihano rutura ku kwihutira gutora iminyago n’imbohozo imbere yuko hashingwa ingingo ivyerekeye. info
التفاسير:

external-link copy
69 : 8

فَكُلُواْ مِمَّا غَنِمۡتُمۡ حَلَٰلٗا طَيِّبٗاۚ وَٱتَّقُواْ ٱللَّهَۚ إِنَّ ٱللَّهَ غَفُورٞ رَّحِيمٞ

Kuva ubu rero, murarekuriwe gufungura mu minyago n’imbohozo, biri no mu vyiza murekuriwe, mwongere mutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo. info
التفاسير: