আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি

Al-Mursalaat

external-link copy
1 : 77

وَٱلۡمُرۡسَلَٰتِ عُرۡفٗا

Jewe Allah, Ndarahiye ku miyaga y’urukurikirane! info
التفاسير:

external-link copy
2 : 77

فَٱلۡعَٰصِفَٰتِ عَصۡفٗا

No ku miyaga y’igihuhusi! info
التفاسير:

external-link copy
3 : 77

وَٱلنَّٰشِرَٰتِ نَشۡرٗا

No ku bamalayika bajejwe ikwiragiza ry’ibicu vy’imvura mu kirere! info
التفاسير:

external-link copy
4 : 77

فَٱلۡفَٰرِقَٰتِ فَرۡقٗا

No ku bamalayika bajana ijambo ry’Imana Allah ritandukanya ukuri n’ikinyoma, rigatandukanya ikirekuwe n’ikizira! info
التفاسير:

external-link copy
5 : 77

فَٱلۡمُلۡقِيَٰتِ ذِكۡرًا

No ku bamalayika bashikiriza ubutumwa barungikanwe ku Ntumwa z’Imana Allah; info
التفاسير:

external-link copy
6 : 77

عُذۡرًا أَوۡ نُذۡرًا

Kugira ngo bakureho ivyitwazo ku bagarariji, babagabishe no ku bihano vy’Imana Allah! info
التفاسير:

external-link copy
7 : 77

إِنَّمَا تُوعَدُونَ لَوَٰقِعٞ

Mu vy’ukuri ibi vyose mwagabishijweko[1], nta nkeka ko bizoba ata gisivya. info

[1] Mu vyerekeye izuka ry’ibiremwa, iharurirwa ryavyo, no ku vyerekeye impera y’umwe wese ku co yakoze. Ivyo vyose rero, nta nkeka ko bitegerezwa kuba.

التفاسير:

external-link copy
8 : 77

فَإِذَا ٱلنُّجُومُ طُمِسَتۡ

Igihe inyenyeri zazimye, ntizisubire kwaka; info
التفاسير:

external-link copy
9 : 77

وَإِذَا ٱلسَّمَآءُ فُرِجَتۡ

Igihe n’ijuru ryase imigaga; info
التفاسير:

external-link copy
10 : 77

وَإِذَا ٱلۡجِبَالُ نُسِفَتۡ

Igihe n’imisozi yanyitse; info
التفاسير:

external-link copy
11 : 77

وَإِذَا ٱلرُّسُلُ أُقِّتَتۡ

Igihe n’Intumwa z’Imana zahawe umwanya wo kwagiriza abo zarungitsweko; info
التفاسير:

external-link copy
12 : 77

لِأَيِّ يَوۡمٍ أُجِّلَتۡ

Ni ku musi uwuhe zirindirijweko kubagiriza? info
التفاسير:

external-link copy
13 : 77

لِيَوۡمِ ٱلۡفَصۡلِ

Ni ku musi w’ubutungane ku biremwa. info
التفاسير:

external-link copy
14 : 77

وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا يَوۡمُ ٱلۡفَصۡلِ

Mbega, ni igiki cokumenyesha uwo musi w’ubutungane uwo ari wo? info
التفاسير:

external-link copy
15 : 77

وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ

Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma umusi w’umuhero. info
التفاسير:

external-link copy
16 : 77

أَلَمۡ نُهۡلِكِ ٱلۡأَوَّلِينَ

Mbega, ntitwahoneje abahakanyi b’aho hambere ku kubera igarariza ryabo ry’Intumwa! info
التفاسير:

external-link copy
17 : 77

ثُمَّ نُتۡبِعُهُمُ ٱلۡأٓخِرِينَ

Hanyuma Tubakurikiza abandi bakurikiye mu nyuma, bakagarariza nkabo! info
التفاسير:

external-link copy
18 : 77

كَذَٰلِكَ نَفۡعَلُ بِٱلۡمُجۡرِمِينَ

Ni nk’ukwo nyene rero Twebwe Allah, Tuzogira inkozi z’ikibi mu babangikanyamana b’i Makka bahakanye Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah). info
التفاسير:

external-link copy
19 : 77

وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ

Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma Imana Imwe Rudende Allah, Intumwa zayo, izuka ry’ibiremwa n’iharurirwa ryavyo. info
التفاسير:

external-link copy
20 : 77

أَلَمۡ نَخۡلُقكُّم مِّن مَّآءٖ مَّهِينٖ

Mbega babangikanyamana! Twebwe Allah, ntitwabaremye mu mazi y’intanga agayitse! info
التفاسير:

external-link copy
21 : 77

فَجَعَلۡنَٰهُ فِي قَرَارٖ مَّكِينٍ

Hanyuma Tuyashira mu gitereko gikingiwe c’umugore! info
التفاسير:

external-link copy
22 : 77

إِلَىٰ قَدَرٖ مَّعۡلُومٖ

Gushika ku kiringo categekanijwe kizwi n’Imana Allah; info
التفاسير:

external-link copy
23 : 77

فَقَدَرۡنَا فَنِعۡمَ ٱلۡقَٰدِرُونَ

Turaheza Tuyatunganyamwo ikiremwa-muntu gikwiye. Emwe! Ni Twebwe Allah, Abeza bo gutunganya indemo kurusha. info
التفاسير:

external-link copy
24 : 77

وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ

Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma ubushobozi bw’Imana Allah bwo kurema no kuzura abapfuye. info
التفاسير:

external-link copy
25 : 77

أَلَمۡ نَجۡعَلِ ٱلۡأَرۡضَ كِفَاتًا

Mbega Twebwe Allah, ntitwagize isi kuba iyegeranirizo! info
التفاسير:

external-link copy
26 : 77

أَحۡيَآءٗ وَأَمۡوَٰتٗا

Ry’abagihema bagendagenda kuri yo n’abasandavye bashingurwa muri yo! info
التفاسير:

external-link copy
27 : 77

وَجَعَلۡنَا فِيهَا رَوَٰسِيَ شَٰمِخَٰتٖ وَأَسۡقَيۡنَٰكُم مَّآءٗ فُرَاتٗا

Tuyishirako n’imisozi ishimitse miremire kugira ngo iturure, Tubanywesha n’amazi meza y’umusarara! info
التفاسير:

external-link copy
28 : 77

وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ

Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma inema z’Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
29 : 77

ٱنطَلِقُوٓاْ إِلَىٰ مَا كُنتُم بِهِۦ تُكَذِّبُونَ

Abamalayika bacungereye umuriro wa Jahannamu, bazobwira abagarariji bati: “Nimugende muri vya bihano mwahora muhakana ko mutazohabwa; info
التفاسير:

external-link copy
30 : 77

ٱنطَلِقُوٓاْ إِلَىٰ ظِلّٖ ذِي ثَلَٰثِ شُعَبٖ

Nimugende mu gitutu c’umuriro wa Jahannamu gifise imfuruka zitatu; info
التفاسير:

external-link copy
31 : 77

لَّا ظَلِيلٖ وَلَا يُغۡنِي مِنَ ٱللَّهَبِ

Si igitutu gikingira ubushuhe bw’uwo musi. Ntikizonabuza ko bababurwa n’urubeya rw’umuriro. info
التفاسير:

external-link copy
32 : 77

إِنَّهَا تَرۡمِي بِشَرَرٖ كَٱلۡقَصۡرِ

Mu vy’ukuri uwo muriro wa Jahannamu, ucira amasase angana n’igorofa amahanga. info
التفاسير:

external-link copy
33 : 77

كَأَنَّهُۥ جِمَٰلَتٞ صُفۡرٞ

Isase rimwe riva muri wo, riguruka rimeze nk’ingamiya z’ibara ryirabura rija gusa n’umuhondo. info
التفاسير:

external-link copy
34 : 77

وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ

Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma umusi w’izuka ry’ibiremwa n’intureka zawo. info
التفاسير:

external-link copy
35 : 77

هَٰذَا يَوۡمُ لَا يَنطِقُونَ

Uwo musi w’izuka, ni umusi abahakanyi batazoronka ico bavuga cobungura. info
التفاسير:

external-link copy
36 : 77

وَلَا يُؤۡذَنُ لَهُمۡ فَيَعۡتَذِرُونَ

Nta n’uburenganzira bazohabwa bwo kuvuga ngo biregure kuko batazoronka ico bireguza. info
التفاسير:

external-link copy
37 : 77

وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ

Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma ibizoshika ku musi w’umuhero. info
التفاسير:

external-link copy
38 : 77

هَٰذَا يَوۡمُ ٱلۡفَصۡلِۖ جَمَعۡنَٰكُمۡ وَٱلۡأَوَّلِينَ

Uwo musi, ni umusi wo gutandukanya ukuri n’ikinyoma, Twabakoranije mwebwe abagarariji mu bantu barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) hamwe n’abagarariji b’aho hambere. info
التفاسير:

external-link copy
39 : 77

فَإِن كَانَ لَكُمۡ كَيۡدٞ فَكِيدُونِ

Nimwaba rero mufise uburyo bwo kwigobotora mu bihano, nimubukoreshe muheze mukire ibihano vy’Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
40 : 77

وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ

Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma Imana Allah, Intumwa, Ibitabu vyayo n’umusi w’imperuka. info
التفاسير:

external-link copy
41 : 77

إِنَّ ٱلۡمُتَّقِينَ فِي ظِلَٰلٖ وَعُيُونٖ

Mu vy’ukuri, abagamburukiramana batinya ibihano vy'Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo bakiri kw’isi, bazoba bari mu gatutu k'ibiti vy'ivyamwa katigera karenga, ahari n’inzuzi zitemba; info
التفاسير:

external-link copy
42 : 77

وَفَوَٰكِهَ مِمَّا يَشۡتَهُونَ

N’ivyamwa bitandukanye mu vyo bipfuza; info
التفاسير:

external-link copy
43 : 77

كُلُواْ وَٱشۡرَبُواْ هَنِيٓـَٔۢا بِمَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ

Bazobwirwa n'Imana Allah bati: “Nimufungure mwongere munywe n’akayabagu kenshi, ku vyiza mwari mwarakoze kw’isi. info
التفاسير:

external-link copy
44 : 77

إِنَّا كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ

Mu vy’ukuri Twebwe Allah, ukwo ni ko Duhemba abagwaneza”. info
التفاسير:

external-link copy
45 : 77

وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ

Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma umusi w’impera n’iharurirwa ry’ibiremwa. info
التفاسير:

external-link copy
46 : 77

كُلُواْ وَتَمَتَّعُواْ قَلِيلًا إِنَّكُم مُّجۡرِمُونَ

Abahakanyi na bo bazoheza babwirwe bakiri kw’isi bati: “Nimufungure, muryoherwe akanya gato. Mu vy’ukuri, mwebwe muri inkozi z’ikibi”. info
التفاسير:

external-link copy
47 : 77

وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ

Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
48 : 77

وَإِذَا قِيلَ لَهُمُ ٱرۡكَعُواْ لَا يَرۡكَعُونَ

Iyo babwiwe bati: “Enda rero nyabuna nimusenge mwunamire Imana Allah, ntibasenga ngo bayunamire”. info
التفاسير:

external-link copy
49 : 77

وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ

Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma Qor’ani n’amabwirizwa y’Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
50 : 77

فَبِأَيِّ حَدِيثِۭ بَعۡدَهُۥ يُؤۡمِنُونَ

Batemeye Qor’ani ntagatifu, ni ikihe gitabu inyuma ya Qor’ani bokwemera! info
التفاسير: