Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaremye umuntu mu ntanga zivanze (iz’umugabo n’iz’umugore), kugira Tuzomugerageze mu kwubahiriza amabwirizwa, Turaheza Tumugira uwumva, abona, kugira azobazwe ku co yumvise no ku co yabonye.
Mu vy’ukuri, dutinya ibihano bivuye ku Mana yacu Rurema Allah, umusi umuntu azokwijirirwa mu maso n’iminkanyari myinshi, kubera intureka z’akataraboneka”.
Bazoba bakikijwe n’imisore myiza ibahereza, ikurakuranwa, iri mu runganwe rumwe, idasaza. Uyibonye, ku bwiza bwayo wogira ngo ni “lulu[2]” zisanzajwe mu Bwami bw’ijuru.
[2] Lulu, ni ubwoko bw’ubutare bwiburungushuye, bucukurwa mw’ibahari, bukaba buboneka mu binyabuzima biba musi yaryo, bukagira amabara atandukanye; nk’ibara ryera, iryirabura, n’ayandi. Ni ubutare buzimvye cane.
Mu vy’ukuri, ni Twebwe Allah Twabaremye, Turaheza Dukomeza ibihimba vy’imibiri yabo. Mu gihe rero Twoshaka, Twobarigita, Tukarema abandi nkabo bagamburukira Imana Allah kubarusha.
Mu vy’ukuri iki gisomwa, ni urwibutso ku biremwa, uwoshaka ineza kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa rero, yogira ukwemera Imana Allah inzira imushikana ku mbabazi n’ishimwa vy’Imana yiwe Rurema Allah.
Kanatsinda, nta co mwoshaka gushikako mu vyo mukora vyose ngo gishoboke, kiretse mu gihe Imana Allah Ibishatse. Mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Irazi umwe wese muri mwebwe kurusha, Intungane mu vyo Ikora.