আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি

পৃষ্ঠা নং:close

external-link copy
20 : 75

كَلَّا بَلۡ تُحِبُّونَ ٱلۡعَاجِلَةَ

Babangikanyamana! Teshwa mute, murahumba! Si nk’uko mwibaza ko ata zuka ry’ibiremwa rihari, ahubwo murakunda ivy’isi bisayangana mukarenza urugero; info
التفاسير:

external-link copy
21 : 75

وَتَذَرُونَ ٱلۡأٓخِرَةَ

Mukareka gukora ivyiza bizobafasha mu buzima bw’inyuma yo gupfa. info
التفاسير:

external-link copy
22 : 75

وُجُوهٞ يَوۡمَئِذٖ نَّاضِرَةٌ

Abemeramana kuri uwo musi, bazoba basayangana mu maso, akanyamuneza ku kandi kabasya; info
التفاسير:

external-link copy
23 : 75

إِلَىٰ رَبِّهَا نَاظِرَةٞ

Baraba bitegereza Imana yabo Rurema Allah ukuri kwamye. info
التفاسير:

external-link copy
24 : 75

وَوُجُوهٞ يَوۡمَئِذِۭ بَاسِرَةٞ

Abanyavyaha na bo kuri uwo musi, bazoba bijiriwe mu maso, babihiwe; info
التفاسير:

external-link copy
25 : 75

تَظُنُّ أَن يُفۡعَلَ بِهَا فَاقِرَةٞ

Bazi neza ko bashikiwe n’ibihano vy'agacamugongo. info
التفاسير:

external-link copy
26 : 75

كَلَّآ إِذَا بَلَغَتِ ٱلتَّرَاقِيَ

Nateshwe ate, arahumba mu gukunda ivy’ isi! Igihe inkomoko y'ubuzima "Roho" yageze mu muhogo ari ku mpfiro; info
التفاسير:

external-link copy
27 : 75

وَقِيلَ مَنۡۜ رَاقٖ

Maze uwuri hafi, akabwirwa n’abari ng’aho ati: “Mbega yemwe, ni nde yomukiza!”; info
التفاسير:

external-link copy
28 : 75

وَظَنَّ أَنَّهُ ٱلۡفِرَاقُ

Uwuri ku mpfiro na we azoba yamaze kumenya neza na neza ko hageze gusezera isi; info
التفاسير:

external-link copy
29 : 75

وَٱلۡتَفَّتِ ٱلسَّاقُ بِٱلسَّاقِ

Maze intureka zo gusezera isi zigahura n’intureka zo gutangura ubuzima bw’inyuma yo gupfa, imirundi igafatana atera akagere ka nyuma. info
التفاسير:

external-link copy
30 : 75

إِلَىٰ رَبِّكَ يَوۡمَئِذٍ ٱلۡمَسَاقُ

Kuri uwo musi w'izuka ry'ibiremwa rero, ibiremwa bizoshorerwa ku Mana yawe Rurema Allah[2]. info

[2] Ibija mu Bwami bw’ijuru, biterwe iteka ryo kubwinjira; ibija mu muriro udahera na vyo nyene, biteterezwe mu kuwinjira.

التفاسير:

external-link copy
31 : 75

فَلَا صَدَّقَ وَلَا صَلَّىٰ

Umugarariji, ntiyigeze yemera Intumwa na Qor’ani, eka ntiyigeze anasenga amasengesho-bwirizwa; info
التفاسير:

external-link copy
32 : 75

وَلَٰكِن كَذَّبَ وَتَوَلَّىٰ

Ahubwo yarahakanye Qor’ani yivuye inyuma, yirengagiza n’ukwemera Intumwa; info
التفاسير:

external-link copy
33 : 75

ثُمَّ ذَهَبَ إِلَىٰٓ أَهۡلِهِۦ يَتَمَطَّىٰٓ

Hanyuma agenda agana ku muryango wiwe n’amanyama n’ubwirasi n'akantu. info
التفاسير:

external-link copy
34 : 75

أَوۡلَىٰ لَكَ فَأَوۡلَىٰ

Muhakanyi! Uragahanwa n’Imana Allah! Uragahanwa n’Imana Allah! info
التفاسير:

external-link copy
35 : 75

ثُمَّ أَوۡلَىٰ لَكَ فَأَوۡلَىٰٓ

Hanyuma kandi, uragahanwa n’Imana Allah! Uragahanwa n’Imana Allah! info
التفاسير:

external-link copy
36 : 75

أَيَحۡسَبُ ٱلۡإِنسَٰنُ أَن يُتۡرَكَ سُدًى

Mbega, umuhakanyi w’izuka ry’ibiremwa, yibaza ko azokwihozwa akarekwa uko ashaka, ntahabwe amabwirizwa ngo aheze abazwe ko yayubahirije! info
التفاسير:

external-link copy
37 : 75

أَلَمۡ يَكُ نُطۡفَةٗ مِّن مَّنِيّٖ يُمۡنَىٰ

Mbega, ntiyari ima ry’intanga ryakororewe mu gitereko! info
التفاسير:

external-link copy
38 : 75

ثُمَّ كَانَ عَلَقَةٗ فَخَلَقَ فَسَوَّىٰ

Hanyuma aba amaraso avuze, ni uko rero Imana Allah Iraheza Iramurema, Iraringaniza indemo yiwe n’ibihimba vyiwe; kimwe cose aho kigenewe, kibereye; info
التفاسير:

external-link copy
39 : 75

فَجَعَلَ مِنۡهُ ٱلزَّوۡجَيۡنِ ٱلذَّكَرَ وَٱلۡأُنثَىٰٓ

Hanyuma Imugiramwo ibitsina bibiri: igitsina-gabo canke igitsina-gore. info
التفاسير:

external-link copy
40 : 75

أَلَيۡسَ ذَٰلِكَ بِقَٰدِرٍ عَلَىٰٓ أَن يُحۡـِۧيَ ٱلۡمَوۡتَىٰ

Mbega Imana Allah Ishoboye gukora ivyo vyose, ntishoboye kuzura abapfuye, Ikabasubiza ubuzima! info
التفاسير: