[1] Ukwo kwikingira ibibi ku biremwa, ari na kwo Imana Allah Yihanije ababangikanyamana, ni ibangikanyamana rikuru. Ntiribabarirwa n’Imana Allah, kiretse mu gihe uwarigize yigaye nya kwigaya ku Mana Allah. Iyi Aayah rero hamwe n’ivyo, irihaniza cane kuja ku bapfumu, ba rumenyi na ba senyagara, n’abandi.
[2] Muri iyi Aayah ya 9 n’iya 10, harimwo icemezo c’uko abapfumu, abarozi, ba rumenyi na ba senyagara, batazi namba ibinyegejwe ibiremwa.
[3] Iyi Aayah, ibwiriza kwubahiriza imisigiti mu kutayikoreramwo ikintu ico ari co cose cotosekaza izirikanamana, ikanahimiriza no gukurikira Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
[4] Kugira ntihagire n’umwe mu Majini ashobora gusuma urusaku mu kumenya ibinyegezwa vyayo.