আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি

Al-Ma'aarij

external-link copy
1 : 70

سَأَلَ سَآئِلُۢ بِعَذَابٖ وَاقِعٖ

Yarasavye umusavyi[1] igihano gitegerezwa gushika; info

[1] Yitwa An-Nadhru mwene Al-Haarith

التفاسير:

external-link copy
2 : 70

لِّلۡكَٰفِرِينَ لَيۡسَ لَهُۥ دَافِعٞ

Kizoshikira abagarariji ku musi w’izuka, nta n’umwe ashoboye kugihagarika; info
التفاسير:

external-link copy
3 : 70

مِّنَ ٱللَّهِ ذِي ٱلۡمَعَارِجِ

Kiva ku Mana Allah, Nyeninzira zicamwo gusa abamalayika mu kirere; info
التفاسير:

external-link copy
4 : 70

تَعۡرُجُ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ وَٱلرُّوحُ إِلَيۡهِ فِي يَوۡمٖ كَانَ مِقۡدَارُهُۥ خَمۡسِينَ أَلۡفَ سَنَةٖ

Abamalayika hamwe na Mutimamweranda Jibrili, bazoduga muri izo nzira baja ku Mana Allah, ku musi w’izuka, ku ntureka zawo uzoba ungana n’imyaka yo kw’isi ibihumbi mirongo itanu[2]. info

[2] Uwo, ni wo musi w'iharurirwa ry'ibiremwa no kubicira urutunganye. Ku mwemeramana, azowubona ari akanya gato, kangana n'umwanya isengesho rimwe rimara.

التفاسير:

external-link copy
5 : 70

فَٱصۡبِرۡ صَبۡرٗا جَمِيلًا

Ntumwa y’Imana! Ihanganire ata kwidogera itebura ry’abagarariji mu kwihutira gusaba ko bohanwa. info
التفاسير:

external-link copy
6 : 70

إِنَّهُمۡ يَرَوۡنَهُۥ بَعِيدٗا

Mu vy’ukuri, abagarariji babona ko ibihano vyo kuri uwo musi biri kure cane, bitazonabashikira; info
التفاسير:

external-link copy
7 : 70

وَنَرَىٰهُ قَرِيبٗا

Na Twe Allah, Tukabibona ko nyabuna biri hafi cane, kandi bitegerezwa gushika. info
التفاسير:

external-link copy
8 : 70

يَوۡمَ تَكُونُ ٱلسَّمَآءُ كَٱلۡمُهۡلِ

Umusi ijuru ryabaye nk’ubutare bw’umujumpu bwayongejwe; info
التفاسير:

external-link copy
9 : 70

وَتَكُونُ ٱلۡجِبَالُ كَٱلۡعِهۡنِ

Imisozi nayo ikaba nk’ubwoya bwashwiragijwe n’umuyaga mu kirere; info
التفاسير:

external-link copy
10 : 70

وَلَا يَسۡـَٔلُ حَمِيمٌ حَمِيمٗا

Umugenzi, ntazobaza mugenziwe uko amerewe. info
التفاسير:

external-link copy
11 : 70

يُبَصَّرُونَهُمۡۚ يَوَدُّ ٱلۡمُجۡرِمُ لَوۡ يَفۡتَدِي مِنۡ عَذَابِ يَوۡمِئِذِۭ بِبَنِيهِ

Abakunzi bazobonana banamenyane, maze umunyavyaha yipfuze ko yotuma yigomboza mu bihano vy’uwo musi, abana biwe; info
التفاسير:

external-link copy
12 : 70

وَصَٰحِبَتِهِۦ وَأَخِيهِ

N’umukenyezi wiwe, hamwe na mwenewabo; info
التفاسير:

external-link copy
13 : 70

وَفَصِيلَتِهِ ٱلَّتِي تُـٔۡوِيهِ

N'abo akomokako, bahora bamurwanako kw’isi; info
التفاسير:

external-link copy
14 : 70

وَمَن فِي ٱلۡأَرۡضِ جَمِيعٗا ثُمَّ يُنجِيهِ

Hamwe rero n’ibiremwa vyose vyo kw’isi; yiyumvira ko ivyo vyose vyomurokora mu bihano. info
التفاسير:

external-link copy
15 : 70

كَلَّآۖ إِنَّهَا لَظَىٰ

Nateshwe ate, arahumba! Si nk’uko avyipfuza, ntibazomurokora namba. Mu vy’ukuri uburuhukiro bwiwe, ni mu muriro wa Jahannamu ururumba n’inguvu nyinshi; info
التفاسير:

external-link copy
16 : 70

نَزَّاعَةٗ لِّلشَّوَىٰ

Ushishura urukoba rw’umutwe n’urw’ibindi bihimba vy’umubiri; info
التفاسير:

external-link copy
17 : 70

تَدۡعُواْ مَنۡ أَدۡبَرَ وَتَوَلَّىٰ

Uhamagara uwo wese yirengagiza ukuri akiri kw'isi, akanagenza umugongo mu kutumvira Imana Allah n’Intumwa yayo; info
التفاسير:

external-link copy
18 : 70

وَجَمَعَ فَأَوۡعَىٰٓ

Yishinga kwegeranya no kuziganya amatungo yiwe; atayatangako ishikanwa-bwirizwa, n’izindi mperezwa. info
التفاسير:

external-link copy
19 : 70

۞ إِنَّ ٱلۡإِنسَٰنَ خُلِقَ هَلُوعًا

Mu vy’ukuri, kiremwa-muntu yaremanwe igihababu; info
التفاسير:

external-link copy
20 : 70

إِذَا مَسَّهُ ٱلشَّرُّ جَزُوعٗا

Iyo akozweko n’ikiza c’ubukene canke indwara n'ibindi, ntiyihangana; info
التفاسير:

external-link copy
21 : 70

وَإِذَا مَسَّهُ ٱلۡخَيۡرُ مَنُوعًا

N’iyo yorohewe mu buzima, aba ingumyi; info
التفاسير:

external-link copy
22 : 70

إِلَّا ٱلۡمُصَلِّينَ

Havuyemwo gusa abasenga; info
التفاسير:

external-link copy
23 : 70

ٱلَّذِينَ هُمۡ عَلَىٰ صَلَاتِهِمۡ دَآئِمُونَ

Batsimbataza amasengesho yabo ku mwanya wayo bakamizako; info
التفاسير:

external-link copy
24 : 70

وَٱلَّذِينَ فِيٓ أَمۡوَٰلِهِمۡ حَقّٞ مَّعۡلُومٞ

N’abafise umugabane uzwi mu matungo yabo, bagaheza bakawutangako ishikanwa-bwirizwa; info
التفاسير:

external-link copy
25 : 70

لِّلسَّآئِلِ وَٱلۡمَحۡرُومِ

Bagahereza umukene yubahuka agasega n’uwipfa agasoni, ntasabirize. info
التفاسير:

external-link copy
26 : 70

وَٱلَّذِينَ يُصَدِّقُونَ بِيَوۡمِ ٱلدِّينِ

Havuyemwo n’abemera umusi w’impera, bakawitegurira mu gukora ivyiza bitegetswe; info
التفاسير:

external-link copy
27 : 70

وَٱلَّذِينَ هُم مِّنۡ عَذَابِ رَبِّهِم مُّشۡفِقُونَ

N’abatinya ibihano bivuye ku Mana yabo Rurema Allah, maze bakavyiyubara; info
التفاسير:

external-link copy
28 : 70

إِنَّ عَذَابَ رَبِّهِمۡ غَيۡرُ مَأۡمُونٖ

Mu vy’ukuri ibihano vy’Imana yabo Rurema Allah, nta wokwijajara akiha amahoro mu kwiyemeza ko azobikira; info
التفاسير:

external-link copy
29 : 70

وَٱلَّذِينَ هُمۡ لِفُرُوجِهِمۡ حَٰفِظُونَ

N’abacungera ubwambure bwabo, ntibasambane; info
التفاسير:

external-link copy
30 : 70

إِلَّا عَلَىٰٓ أَزۡوَٰجِهِمۡ أَوۡ مَا مَلَكَتۡ أَيۡمَٰنُهُمۡ فَإِنَّهُمۡ غَيۡرُ مَلُومِينَ

Kiretse gusa ku bakenyezi babo, canke abari mu minwe yabo mu ncoreke. Kuri abo rero, nta mwikomo bazogirirwa, nta kabi kabo. info
التفاسير:

external-link copy
31 : 70

فَمَنِ ٱبۡتَغَىٰ وَرَآءَ ذَٰلِكَ فَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡعَادُونَ

Mugabo abazorengera ku bitari ivyo, bazoba barenze imbibe z’ibirekuwe, bavogereye imbibe z’ibibujijwe; info
التفاسير:

external-link copy
32 : 70

وَٱلَّذِينَ هُمۡ لِأَمَٰنَٰتِهِمۡ وَعَهۡدِهِمۡ رَٰعُونَ

N’abacungera imbitso baragijwe n’Imana Allah n’izo babikijwe n’abantu, bagashitsa n’amasezerano biyemeje; info
التفاسير:

external-link copy
33 : 70

وَٱلَّذِينَ هُم بِشَهَٰدَٰتِهِمۡ قَآئِمُونَ

N’ababa ivyabona vy’ukuri mu kutanyegeza canke guhindura ukuri bazi; info
التفاسير:

external-link copy
34 : 70

وَٱلَّذِينَ هُمۡ عَلَىٰ صَلَاتِهِمۡ يُحَافِظُونَ

N’abasenga amasengesho yabo bakayatunganya nk’uko bisabwa. info
التفاسير:

external-link copy
35 : 70

أُوْلَٰٓئِكَ فِي جَنَّٰتٖ مُّكۡرَمُونَ

Abo barangwa n’izo ngeso nziza rero, bazoterwa iteka mu Bwami bw’ijuru bwuzuye inema. info
التفاسير:

external-link copy
36 : 70

فَمَالِ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ قِبَلَكَ مُهۡطِعِينَ

Mbega, ni igiki gituma abagararije Imana Allah bahurumbira kuza bagukanuriye amaso! info
التفاسير:

external-link copy
37 : 70

عَنِ ٱلۡيَمِينِ وَعَنِ ٱلشِّمَالِ عِزِينَ

Bagukikije iburyo n’ibubamfu bwawe, bari mu migwimigwi, batangazwa n’ubutumwa ubashikiriza! info
التفاسير:

external-link copy
38 : 70

أَيَطۡمَعُ كُلُّ ٱمۡرِيٕٖ مِّنۡهُمۡ أَن يُدۡخَلَ جَنَّةَ نَعِيمٖ

Mbega umwe wese muri bo, yipfuza kwinjizwa mu Bwami bw’ijuru bwuzuye inema; nk’abislamu bicisha bugufi! info
التفاسير:

external-link copy
39 : 70

كَلَّآۖ إِنَّا خَلَقۡنَٰهُم مِّمَّا يَعۡلَمُونَ

Nibateshwe bate, barahumba! Si nk’uko bavyipfuza, ntibazopfa babwinjiye. Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twabaremye mu mazi y’intanga bazi. info
التفاسير:

external-link copy
40 : 70

فَلَآ أُقۡسِمُ بِرَبِّ ٱلۡمَشَٰرِقِ وَٱلۡمَغَٰرِبِ إِنَّا لَقَٰدِرُونَ

Jewe Allah, Ndarahiye kw’izina ryanje, Jewe Imana Muremyi Yaremye ubuseruko n’uburengero vy'izuba, vy'ukwezi n'ivy'izindi nyenyeri[3], ko Twebwe Allah Dushoboye vyose! info

[3] Imana Allah Yarahiye kuri ivyo vyose, kuko harimwo ivyemezo vyerekana ubushobozi n'ububasha vy'uko Ishoboye kuzura ibiremwa.

التفاسير:

external-link copy
41 : 70

عَلَىٰٓ أَن نُّبَدِّلَ خَيۡرٗا مِّنۡهُمۡ وَمَا نَحۡنُ بِمَسۡبُوقِينَ

Turashoboye kubahindura mu kubasubiriza hakaza ibindi biremwa nkabo, vyubaha Imana Allah kubarusha, kandi ntitwonanirwa n’ivyo! info
التفاسير:

external-link copy
42 : 70

فَذَرۡهُمۡ يَخُوضُواْ وَيَلۡعَبُواْ حَتَّىٰ يُلَٰقُواْ يَوۡمَهُمُ ٱلَّذِي يُوعَدُونَ

Kubera ivyo rero, bareke gutyo babandanye guhakana no gufyinata, kugeza aho bazokwibonera ubwabo uwo musi wabo w'izuka basezeraniwe ko bazohanwa; info
التفاسير:

external-link copy
43 : 70

يَوۡمَ يَخۡرُجُونَ مِنَ ٱلۡأَجۡدَاثِ سِرَاعٗا كَأَنَّهُمۡ إِلَىٰ نُصُبٖ يُوفِضُونَ

Umusi bazutse bava mu kuzimu banyaragasa, nk’aho boba basiganwa gushika ku bigirwamana bahora basenga kw’isi, bishinze imbere yabo; info
التفاسير:

external-link copy
44 : 70

خَٰشِعَةً أَبۡصَٰرُهُمۡ تَرۡهَقُهُمۡ ذِلَّةٞۚ ذَٰلِكَ ٱلۡيَوۡمُ ٱلَّذِي كَانُواْ يُوعَدُونَ

Amaso yabo, azoba araba hasi ku guteterwa, bagayitse. Uwo rero, ni wa musi bari barasezeraniwe bakiri kw’isi ko uzobashikira, bakawuhakana. info
التفاسير: