আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি

পৃষ্ঠা নং:close

external-link copy
17 : 68

إِنَّا بَلَوۡنَٰهُمۡ كَمَا بَلَوۡنَآ أَصۡحَٰبَ ٱلۡجَنَّةِ إِذۡ أَقۡسَمُواْ لَيَصۡرِمُنَّهَا مُصۡبِحِينَ

Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaragerageje ababangikanyamana b’i Makka mu kubatera amapfa; nk’uko Twagerageje benumurima, igihe barahira bakarengwa ko bategerezwa gusoroma umurima wabo mu gaturuturu, kugira ntihagire umworo n’umwe agira ico aronkako; info
التفاسير:

external-link copy
18 : 68

وَلَا يَسۡتَثۡنُونَ

Maze ntibashaka kubikesha Imana Allah mu kuvuga bati: “In shaa Allah" (Imana Allah niyabishaka). info
التفاسير:

external-link copy
19 : 68

فَطَافَ عَلَيۡهَا طَآئِفٞ مِّن رَّبِّكَ وَهُمۡ نَآئِمُونَ

Ntivyatevye rero, ibihano vy’Imana yawe Rurema Allah, bishikira nya murima bakiryamye; info
التفاسير:

external-link copy
20 : 68

فَأَصۡبَحَتۡ كَٱلصَّرِيمِ

Maze urasha uratokombera, usigara wirabura tsiritsiri nk’umwijima w’ijoro. info
التفاسير:

external-link copy
21 : 68

فَتَنَادَوۡاْ مُصۡبِحِينَ

Bumaze guca, baciye bahamagarana; info
التفاسير:

external-link copy
22 : 68

أَنِ ٱغۡدُواْ عَلَىٰ حَرۡثِكُمۡ إِن كُنتُمۡ صَٰرِمِينَ

Bati: “Nimuzinduke mu gaturuturu muje mu murima wanyu nimwaba mushaka gusarura”. info
التفاسير:

external-link copy
23 : 68

فَٱنطَلَقُواْ وَهُمۡ يَتَخَٰفَتُونَ

Baca baragenda bongorerana; info
التفاسير:

external-link copy
24 : 68

أَن لَّا يَدۡخُلَنَّهَا ٱلۡيَوۡمَ عَلَيۡكُم مِّسۡكِينٞ

Bati: “Uno musi, ntihagire umworo n’umwe abinjirana mu murima”. info
التفاسير:

external-link copy
25 : 68

وَغَدَوۡاْ عَلَىٰ حَرۡدٖ قَٰدِرِينَ

Ni uko rero, bahengera mu gaturuturu baragenda, bazi neza ko basarura ata mworo n’umwe bahayeko. info
التفاسير:

external-link copy
26 : 68

فَلَمَّا رَأَوۡهَا قَالُوٓاْ إِنَّا لَضَآلُّونَ

Bamaze kubona nya murima wahiye, baciye bavuga n'agahinda n'akantu bati: “Nta nkeka ko twazimiye inzira”; info
التفاسير:

external-link copy
27 : 68

بَلۡ نَحۡنُ مَحۡرُومُونَ

Bamaze kumenya neza na neza ko ari wa murima wabo wahiye, barisubiyeko bati: “Ahubwo nyabuna twebwe, twavyatswe kubera umuzirikanyi wacu mubi”; info
التفاسير:

external-link copy
28 : 68

قَالَ أَوۡسَطُهُمۡ أَلَمۡ أَقُل لَّكُمۡ لَوۡلَا تُسَبِّحُونَ

Umugororotsi muri bo, aca avuga ati: “Mbega yemwe! Sinari nababwiye ko mwobikesha Imana Allah, mukayininahaza mu kuvuga muti: “In shaa Allah" (Imana Allah niyabishaka)! info
التفاسير:

external-link copy
29 : 68

قَالُواْ سُبۡحَٰنَ رَبِّنَآ إِنَّا كُنَّا ظَٰلِمِينَ

Bamaze kwikebuka baciye bishura bati: “Ininahazwa, ni iry’Imana yacu Rurema Allah. Mu vy’ukuri, twari twirenganije mu kutabikesha Imana Allah, no mu kuzirikana kudaha aboro imperezwa”. info
التفاسير:

external-link copy
30 : 68

فَأَقۡبَلَ بَعۡضُهُمۡ عَلَىٰ بَعۡضٖ يَتَلَٰوَمُونَ

Ni ho rero baca batangura gutanako umwikomo; info
التفاسير:

external-link copy
31 : 68

قَالُواْ يَٰوَيۡلَنَآ إِنَّا كُنَّا طَٰغِينَ

Bavuga bati: “Turahonye yemwe! Mu vy’ukuri, twari twarenze kw’ibwirizwa ry’Imana Allah mu kudaha aboro imperezwa; info
التفاسير:

external-link copy
32 : 68

عَسَىٰ رَبُّنَآ أَن يُبۡدِلَنَا خَيۡرٗا مِّنۡهَآ إِنَّآ إِلَىٰ رَبِّنَا رَٰغِبُونَ

Kumbure Imana yacu Rurema Allah, Izodushumbusha Iduhe ibisumba umurima kuko twamaze kwigaya. Mu vy’ukuri, turitonesheje ku Mana yacu Rurema Allah". info
التفاسير:

external-link copy
33 : 68

كَذَٰلِكَ ٱلۡعَذَابُۖ وَلَعَذَابُ ٱلۡأٓخِرَةِ أَكۡبَرُۚ لَوۡ كَانُواْ يَعۡلَمُونَ

Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twahanye benumurima - Duhana abarenga ku mabwirizwa y’Imana Allah. Nta nkeka rero ko n’ibihano vyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, bihambaye cane gusumba ivyo kw’isi. Iyo abantu babimenya rero, bokwihanye kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
34 : 68

إِنَّ لِلۡمُتَّقِينَ عِندَ رَبِّهِمۡ جَنَّٰتِ ٱلنَّعِيمِ

Mu vy’ukuri, abatinya ibihano vy'Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, barategekanirijwe ku Mana yabo Rurema Allah, Ubwami bw’ijuru bwuzuyemwo inema. info
التفاسير:

external-link copy
35 : 68

أَفَنَجۡعَلُ ٱلۡمُسۡلِمِينَ كَٱلۡمُجۡرِمِينَ

Mbega none, Twofata abislamu bicisha bugufi mu kwumvira Imana Allah nk’abahakanyi mu ndishi! info
التفاسير:

external-link copy
36 : 68

مَا لَكُمۡ كَيۡفَ تَحۡكُمُونَ

Mbega bantu! Mwafashwe n’ibiki? Ko muca iza ngondagonde mu kubanganisha mu ndishi! info
التفاسير:

external-link copy
37 : 68

أَمۡ لَكُمۡ كِتَٰبٞ فِيهِ تَدۡرُسُونَ

Canke mwoba mufise igitabu mwamanuriwe, musomamwo ko umugamburukiramana yofatwa nk’ikigaba mu ndishi! info
التفاسير:

external-link copy
38 : 68

إِنَّ لَكُمۡ فِيهِ لَمَا تَخَيَّرُونَ

Mu vy’ukuri muri ico gihe, mwoba mufise ivyo mwihitiramwo muri nya gitabu bivuye ku vyipfuzo vyanyu. info
التفاسير:

external-link copy
39 : 68

أَمۡ لَكُمۡ أَيۡمَٰنٌ عَلَيۡنَا بَٰلِغَةٌ إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡقِيَٰمَةِ إِنَّ لَكُمۡ لَمَا تَحۡكُمُونَ

Canke mwoba mufitaniye amasezerano na Twebwe Allah, azokwamaho kugeza ku musi w’imperuka, ko muzoronka Ubwami bw’ijuru nk’uko mwipfuza! info
التفاسير:

external-link copy
40 : 68

سَلۡهُمۡ أَيُّهُم بِذَٰلِكَ زَعِيمٌ

Ntumwa y’Imana! Baza ababangikanyamana uwoba muri bo yishinze ko azobashikana mu Bwami bw’ijuru nk’abicisha bugufi ku Mana Allah!”; info
التفاسير:

external-link copy
41 : 68

أَمۡ لَهُمۡ شُرَكَآءُ فَلۡيَأۡتُواْ بِشُرَكَآئِهِمۡ إِن كَانُواْ صَٰدِقِينَ

Canke boba bafise abafasha babangikanije n’Imana Allah, bazobashikana muri nya Bwami bw’ijuru! Enda nyabuna rero, nibabazane nibaba ari imvugakuri mu vyo bipfuza; info
التفاسير:

external-link copy
42 : 68

يَوۡمَ يُكۡشَفُ عَن سَاقٖ وَيُدۡعَوۡنَ إِلَى ٱلسُّجُودِ فَلَا يَسۡتَطِيعُونَ

Ku musi hazoba hari intureka z’akataraboneka, maze Imana Allah Igaseruka gutunganiriza ibiremwa, Igaheza Ikagaragaza umurundi wayo mutagatifu[3] utagira na kimwe bisa mu biremwa, maze ibiremwa bigahamagarirwa kwubamira Uhoraho Allah, ibiremwa bitigeze vyubamira Imana Allah kw'isi, nta vyo bizoshobora ngo vyubame; info

[3] Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yaravuze iti: “Imana yacu Rurema Allah Izogaragaza umurundi wayo, maze umwemeramana wese mu bagabo no mu bagore ace ayubamira, hasigare uwahora ayubamira kw’isi ku kwiyerekana no kuyagwa neza; agize ngo yubame, umugongo wiwe uzoca ucika igihimba kimwe kitagondeka”. Yashikirijwe na Al-Bukhariy na Muslimu.

التفاسير: