আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি

Al-An'aam

external-link copy
1 : 6

ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ وَجَعَلَ ٱلظُّلُمَٰتِ وَٱلنُّورَۖ ثُمَّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ بِرَبِّهِمۡ يَعۡدِلُونَ

Ishimagizwa ni iry’Imana Allah[1], Yo Yaremye amajuru n’isi n’ibiri muri vyo; Irema n’umuco utuma haba ikurakuranwa ry’ijoro n’umurango. Hamwe n’ivyo biranga ubushobozi n’ububasha bw’Imana Allah, abagararije banganisha Imana Allah n’ibiremwa bakayibangikanya na vyo. info

[1] Imana Allah, ni Yo Ikwiye gushimwa ku nema zayo z’ubwoko bwose, iziboneka n’izitaboneka, izishingiye ku kwemera n’izishingiye ku kubeshaho ibiremwa vyose. Kubera ivyo rero, nta kintu na kimwe gikwiye gusengwa hamwe na Yo canke mu gishingo cayo.

التفاسير:

external-link copy
2 : 6

هُوَ ٱلَّذِي خَلَقَكُم مِّن طِينٖ ثُمَّ قَضَىٰٓ أَجَلٗاۖ وَأَجَلٞ مُّسَمًّى عِندَهُۥۖ ثُمَّ أَنتُمۡ تَمۡتَرُونَ

Ni Yo Yaremye mw’ivu so wanyu mukomokako Adamu, hanyuma Iraheza Irabagenera ikiringo co kubaho kw’isi, n’ikindi kiringo ntarengwa kizwi na Yo gusa co guhona ku musi w’umuhero. Inyuma y’ivyo vyose rero, mukabandanya kugira amakenga ku bushobozi n’ububasha bw’Imana Allah bwo kuzura abapfuye. info
التفاسير:

external-link copy
3 : 6

وَهُوَ ٱللَّهُ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَفِي ٱلۡأَرۡضِ يَعۡلَمُ سِرَّكُمۡ وَجَهۡرَكُمۡ وَيَعۡلَمُ مَا تَكۡسِبُونَ

Iyo Mana Allah, ni Yo Ikwiye gusengwa mu majuru no mw’isi. ni Yo Izi neza ivyo muhisha n’ivyo mugaragaza vyose, Iranazi n’ivyo mugira vyaba vyiza canke bibi. info
التفاسير:

external-link copy
4 : 6

وَمَا تَأۡتِيهِم مِّنۡ ءَايَةٖ مِّنۡ ءَايَٰتِ رَبِّهِمۡ إِلَّا كَانُواْ عَنۡهَا مُعۡرِضِينَ

Abagarariza Imana Allah ntibashikirwa n’icemezo mu vyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, n’uko Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ari Intumwa vy’ukuri, kiretse ko batavyemera, baranavyirengagiza; info
التفاسير:

external-link copy
5 : 6

فَقَدۡ كَذَّبُواْ بِٱلۡحَقِّ لَمَّا جَآءَهُمۡ فَسَوۡفَ يَأۡتِيهِمۡ أَنۢبَٰٓؤُاْ مَا كَانُواْ بِهِۦ يَسۡتَهۡزِءُونَ

Barahakanye bivuye inyuma ukuri igihe bagushikirizwa n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), baranatebuye kw’irarikiramana ryayo. Kubera ivyo rero, bitebe bitebuke, bazokwibonerako inkurikizi y’ivyo bateburako. info
التفاسير:

external-link copy
6 : 6

أَلَمۡ يَرَوۡاْ كَمۡ أَهۡلَكۡنَا مِن قَبۡلِهِم مِّن قَرۡنٖ مَّكَّنَّٰهُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ مَا لَمۡ نُمَكِّن لَّكُمۡ وَأَرۡسَلۡنَا ٱلسَّمَآءَ عَلَيۡهِم مِّدۡرَارٗا وَجَعَلۡنَا ٱلۡأَنۡهَٰرَ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهِمۡ فَأَهۡلَكۡنَٰهُم بِذُنُوبِهِمۡ وَأَنشَأۡنَا مِنۢ بَعۡدِهِمۡ قَرۡنًا ءَاخَرِينَ

Mbega ntibamenye inkuru y’imigwi y’abo Twahoneje aho hambere yabo! Twabahaye gutsimbatara no kuramba kw’isi ku buryo mwebwe Tutabahaye gutsimbatara nkabo, Twaranabahaye inema y’imvura yamaho n’inzuzi zitemba musi y’imihana yabo, kugira Tubatenyenyere gato. Bahavuye rero bagarariza inema zacu, baranahakana bivuye inyuma Intumwa zacu, Duca Tubahanira ivyaha vyabo Turabahonya. Mu nyuma y’abo rero, Twahavuye Turungika kw’isi iyindi migwi y’abantu. info
التفاسير:

external-link copy
7 : 6

وَلَوۡ نَزَّلۡنَا عَلَيۡكَ كِتَٰبٗا فِي قِرۡطَاسٖ فَلَمَسُوهُ بِأَيۡدِيهِمۡ لَقَالَ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ إِنۡ هَٰذَآ إِلَّا سِحۡرٞ مُّبِينٞ

Ntumwa y’Imana! N’iyo Tukumanurira Igitabu kiri hamwe kivuye mw’ijuru, canditswe ku mpapuro bakagikorako n’iminwe yabo, abagararije bari kuvuga bati: “Iki si ikindi kiretse ko ari uburozi bweruye”. info
التفاسير:

external-link copy
8 : 6

وَقَالُواْ لَوۡلَآ أُنزِلَ عَلَيۡهِ مَلَكٞۖ وَلَوۡ أَنزَلۡنَا مَلَكٗا لَّقُضِيَ ٱلۡأَمۡرُ ثُمَّ لَا يُنظَرُونَ

Bari no kuvuga bati: “Ubwo Imana ntiyari gupfuma Imumanurira umumalayika avuye mw’ijuru kugira yemeze ko ari Intumwa vy’ukuri, tugaheza tukamwemera!”. Iyo rero Tumanura umumalayika avuye mw’ijuru nk’uko babisavye hanyuma bakagarariza, hari gufatwa ingingo yo kubahonya, ntibari no guhabwa n’akanya na gato ko kwigaya, kuko Imana Allah Irazi mu vyagezwe ko batari kwemera kubera ubugaba bwabo. info
التفاسير: