[1] Nk’abapfuye n’ibindi bitagira ubuzima.
[2] “Swiraatw”, ni ikiraro kizotambikwa hejuru y’umuriro, kugira abemeramana n’abemeramanakazi barengane bagana mu Bwami bw’ijuru. Uko giteye, ni nk’uko vyavuzwe n’Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) iti: “Ni akayira kanyerera cane, kanyereza igiciyeko, kariko ubunyabuhoro, n’ivyuma bisongoye nk’icumu ry’ingobe, bikazibura nk’amahwa y’igiti citwa “sa’daani”, bicakira uwurenganye. Nya kayira gafise intimba nto cane nk’umushatsi canke ubugi bw’umupanga”. Yashikirijwe na Muslimu.
[3] Iyi Aayah, ihimiriza abemeramana ko bakwiye kwinengesera bakorosha umutima mu gihe co kwumviriza Qor’ani n’inyigisho z’intumwa, maze muri ico gihe bakiyubara gutebura no kugira agatimatare nk’abahawe Igitabu, ari na vyo bitera ubugaba bwo kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.