আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি

Qaaf

external-link copy
1 : 50

قٓۚ وَٱلۡقُرۡءَانِ ٱلۡمَجِيدِ

Qaaf[1]. Jewe Allah, Ndarahiye kuri iyi Qor’ani y’iteka n’icubahiro, ko Intumwa Muhamadi ari imvugakuri mu vyo ishikiriza; info

[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’Igisomwa Al-Baqara.

التفاسير:

external-link copy
2 : 50

بَلۡ عَجِبُوٓاْ أَن جَآءَهُم مُّنذِرٞ مِّنۡهُمۡ فَقَالَ ٱلۡكَٰفِرُونَ هَٰذَا شَيۡءٌ عَجِيبٌ

Ahubwo abahakanye bivuye inyuma Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), batangajwe n’uko muri bo harungitswe Umugabisha abagabisha ku bihano vy’Imana Allah, maze abagararije Imana Allah n’Intumwa yayo baca bavuga bitangaza bati: “Iki, ni ikintu gitangaje pe! info
التفاسير:

external-link copy
3 : 50

أَءِذَا مِتۡنَا وَكُنَّا تُرَابٗاۖ ذَٰلِكَ رَجۡعُۢ بَعِيدٞ

Mbega burya nitwapfa tugacika ivu n’amagufa mu kuzimu, tuzoheza dusubizwe ubuzima tuzuke koko! Yemwe! Iryo zuka rero, riri kure nk’ukwezi, ntiribaho”. info
التفاسير:

external-link copy
4 : 50

قَدۡ عَلِمۡنَا مَا تَنقُصُ ٱلۡأَرۡضُ مِنۡهُمۡۖ وَعِندَنَا كِتَٰبٌ حَفِيظُۢ

Ni ukuri Twebwe Allah, Turazi neza ibibora mu mibiri yabo bigahinduka ivu, maze isi ikabinunuza; Turafise rero n’Igitabu nyezina kibungabunzwe, canditswemwo ivyagezwe kuri bo n’ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfuudhw”. info
التفاسير:

external-link copy
5 : 50

بَلۡ كَذَّبُواْ بِٱلۡحَقِّ لَمَّا جَآءَهُمۡ فَهُمۡ فِيٓ أَمۡرٖ مَّرِيجٍ

Ahubwo rero, ababangikanyamana barahakanye bivuye inyuma Qor’ani igihe ibashikiriye, baraheza baguma bajuragirika mu vyiyumviro, batazi ico bafata n’ico bareka hagati y'ukwemera no guhakana. info
التفاسير:

external-link copy
6 : 50

أَفَلَمۡ يَنظُرُوٓاْ إِلَى ٱلسَّمَآءِ فَوۡقَهُمۡ كَيۡفَ بَنَيۡنَٰهَا وَزَيَّنَّٰهَا وَمَا لَهَا مِن فُرُوجٖ

Mbega aho bahakana izurwa ry’ibiremwa, ntibabona ijuru rihanitse hejuru yabo, ukuntu Twebwe Allah Twaryubatse riringaniye, Turaheza Turishariza n’inyenyeri zakaka, ata n’akanenge woribonamwo! info
التفاسير:

external-link copy
7 : 50

وَٱلۡأَرۡضَ مَدَدۡنَٰهَا وَأَلۡقَيۡنَا فِيهَا رَوَٰسِيَ وَأَنۢبَتۡنَا فِيهَا مِن كُلِّ زَوۡجِۭ بَهِيجٖ

Mbega, ntibabona n’isi nyene ko Twayaguye, maze Turayisasa, Tuyigirako n’imisozi iyigumije nk’imambo ku kwanka ko yobajegeza, Turaheza Tuyimereshako n’ubwoko bwose bw’ivyimeza bibereye ijisho! info
التفاسير:

external-link copy
8 : 50

تَبۡصِرَةٗ وَذِكۡرَىٰ لِكُلِّ عَبۡدٖ مُّنِيبٖ

Ivyo vyose rero, Twabiremye kugira Dukebure Twongere Twibutse uwo wese ashaka kugaruka ku Mana Allah; info
التفاسير:

external-link copy
9 : 50

وَنَزَّلۡنَا مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءٗ مُّبَٰرَكٗا فَأَنۢبَتۡنَا بِهِۦ جَنَّٰتٖ وَحَبَّ ٱلۡحَصِيدِ

Twaranatumye hagwa n’amazi y’imvura avuye mu bicu azananye mu kirere abafitiye akamaro kanini, maze Tumeresha amashamba y’ibiti vyinshi, hamwe rero n’ibinyantete hakoreshejwe nya mazi; info
التفاسير:

external-link copy
10 : 50

وَٱلنَّخۡلَ بَاسِقَٰتٖ لَّهَا طَلۡعٞ نَّضِيدٞ

Tumeresha n’ibiti vy’itende bikura bikaba birebire, biheka n’itende zihekeranye; info
التفاسير:

external-link copy
11 : 50

رِّزۡقٗا لِّلۡعِبَادِۖ وَأَحۡيَيۡنَا بِهِۦ بَلۡدَةٗ مَّيۡتٗاۚ كَذَٰلِكَ ٱلۡخُرُوجُ

Ivyo vyose rero, Tukaba Twabimeresheje kugira bibesheho ibiremwa, kimwe cose ku co gikeneye. Twaranatotahaje isi hakoreshejwe nya mazi nyene, isi yari yagadutse igacika ubukumbagare, isubira kunagisha ibiterwa n’ivyimeza bitandukanye. Ni nk’ukwo nyene rero na mwe Tuzobasubiza kandi ubuzima mukazuka ku musi w’izuka. info
التفاسير:

external-link copy
12 : 50

كَذَّبَتۡ قَبۡلَهُمۡ قَوۡمُ نُوحٖ وَأَصۡحَٰبُ ٱلرَّسِّ وَثَمُودُ

Hambere y’ababangikanyamana b’Abakorayishi, harigeze guhakana abantu ba Nuhu, Beniriba na Bene Thamuudi barungikiwe Swalehe; info
التفاسير:

external-link copy
13 : 50

وَعَادٞ وَفِرۡعَوۡنُ وَإِخۡوَٰنُ لُوطٖ

Bene Aadi barungikiwe Huudi, Firawuni yarungikiwe Musa, abantu ba Luutwi; info
التفاسير:

external-link copy
14 : 50

وَأَصۡحَٰبُ ٱلۡأَيۡكَةِ وَقَوۡمُ تُبَّعٖۚ كُلّٞ كَذَّبَ ٱلرُّسُلَ فَحَقَّ وَعِيدِ

Abantu bo mu gisagara c’ibiti bitotahaye barungikiwe Shu’ayibu, hamwe rero n’abantu b’umwami wo muri Yemeni batazira Tubba’a[2]. Abo bose rero, barahakanye bivuye inyuma Intumwa barungikiwe, gutyo bashikirwa n’inkurikizi zo kutumva ukubihaniza kwanje Jewe Allah, Nca Ndabahana vy’akarorero. info

[2] Tubba’a, ni itazirano ryahabwa umwami uwo ari we wese mu bami batwara igihugu ca Yemeni aho hambere hahise.

التفاسير:

external-link copy
15 : 50

أَفَعَيِينَا بِٱلۡخَلۡقِ ٱلۡأَوَّلِۚ بَلۡ هُمۡ فِي لَبۡسٖ مِّنۡ خَلۡقٖ جَدِيدٖ

Mbega none, bibaza ko Twananiwe kurema ibiremwa Twaremye na mbere ata n’ico Turinze kurabirako, ku buryo Twonanirwa no kubisubiza kandi ubuzima ngo bizuke vyaramaze guhona! Kira noneho, ivyo ntivyotunanira. Ukuri, ni uko ababangikanyamana bo bafise amakenga ku kuntu izurwa ry’ibiremwa ryoshoboka kandi vyaramaze gupfa. info
التفاسير: