আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি

Muhammad

external-link copy
1 : 47

ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ وَصَدُّواْ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِ أَضَلَّ أَعۡمَٰلَهُمۡ

Abagararije bagahakana ko Allah ari Imana Imwe Rudende, bakanaburagiza abantu kwinjira mu bwislamu, Imana Allah Yarazimanganije ibikorwa vyabo, maze bicika impfagusa. info
التفاسير:

external-link copy
2 : 47

وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ وَءَامَنُواْ بِمَا نُزِّلَ عَلَىٰ مُحَمَّدٖ وَهُوَ ٱلۡحَقُّ مِن رَّبِّهِمۡ كَفَّرَ عَنۡهُمۡ سَيِّـَٔاتِهِمۡ وَأَصۡلَحَ بَالَهُمۡ

Nayo abemeye Imana Allah bagashira mu ngiro amabwirizwa yayo, bakemera n’Igitabu ca Qor’ani, camanuriwe Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ari na kwo kuri kutagiramwo amakenga ko kwavuye ku Mana yabo Rurema Allah, Imana Allah Yabababariye ibicumuro vyabo maze Iravyirengagiza ntiyabibahanira, Yongera Irabatunganiriza ivyabo, Ibaha no kuroranirwa mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa. info
التفاسير:

external-link copy
3 : 47

ذَٰلِكَ بِأَنَّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ ٱتَّبَعُواْ ٱلۡبَٰطِلَ وَأَنَّ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ ٱتَّبَعُواْ ٱلۡحَقَّ مِن رَّبِّهِمۡۚ كَذَٰلِكَ يَضۡرِبُ ٱللَّهُ لِلنَّاسِ أَمۡثَٰلَهُمۡ

Iryo hubishwa n’irongorwa ku co umugwi wose wahisemwo, riterwa n’uko abagararije bakurikiye shetani maze barayumvira; n’uko abemeye bakurikiye Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) maze bagendera n’ukuri kwavuye ku Mana yabo Rurema Allah. Ni nk’ukwo nyene rero Imana Allah Icira abantu agace gashingiye ku co umugwi wose muri bo wahisemwo, gutyo ibisa bikajana. info
التفاسير:

external-link copy
4 : 47

فَإِذَا لَقِيتُمُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ فَضَرۡبَ ٱلرِّقَابِ حَتَّىٰٓ إِذَآ أَثۡخَنتُمُوهُمۡ فَشُدُّواْ ٱلۡوَثَاقَ فَإِمَّا مَنَّۢا بَعۡدُ وَإِمَّا فِدَآءً حَتَّىٰ تَضَعَ ٱلۡحَرۡبُ أَوۡزَارَهَاۚ ذَٰلِكَۖ وَلَوۡ يَشَآءُ ٱللَّهُ لَٱنتَصَرَ مِنۡهُمۡ وَلَٰكِن لِّيَبۡلُوَاْ بَعۡضَكُم بِبَعۡضٖۗ وَٱلَّذِينَ قُتِلُواْ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ فَلَن يُضِلَّ أَعۡمَٰلَهُمۡ

Bemeramana! Nimwahurira ku rugamba n’abagararije, murahabera intwari koko, muhabere abagabo mururwane mubace amazosi mu kubica; nimwamara kubaca intege, muraheza mubashire mu mvuto mubabohe ntibacaruke. Mu nyuma rero urugamba nirwahagarara, murabarekura ata mbohozo babanje gutanga, canke mubarekure babanje kuzitanga, muheze rero mubandanye ukwo nyene gushika urugamba ruhere. Iyo, ni yo ngingo mushingiwe mu gihe mugeragejwe mugahurira ku rugamba n’abagarariji. Iyo Imana Allah Ishaka, ni ukuri Yari kubatabara mukabanesha ata ndwano irinze kuba, ariko rero Yabategetse kuja ku rugamba kugira Igeragereze ukwemera kwanyu mu guhangana na bo kugira mubahane, maze idini ryayo ryiganze. Abiciwe ku rugamba na bo mu gihe co guharanira idini ry’Imana Allah, Imana Allah ntizogira ibikorwa vyabo impfagusa; info
التفاسير:

external-link copy
5 : 47

سَيَهۡدِيهِمۡ وَيُصۡلِحُ بَالَهُمۡ

Izobashoboza gukora ibiyishimisha mu buzima bwabo bwo kw’isi, Yongere Ibatunganirize ivyabo, Ibahe no kuroranirwa mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa; info
التفاسير:

external-link copy
6 : 47

وَيُدۡخِلُهُمُ ٱلۡجَنَّةَ عَرَّفَهَا لَهُمۡ

Iheze kandi Ibinjize no mu Bwami bw’ijuru Yabamenyesheje uko buteye. info
التفاسير:

external-link copy
7 : 47

يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ إِن تَنصُرُواْ ٱللَّهَ يَنصُرۡكُمۡ وَيُثَبِّتۡ أَقۡدَامَكُمۡ

Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwaharanira idini ry’Imana Allah ku rugamba, mukagendera n’ingingo z’Igitabu cayo, Izobatabara maze muneshe abansi banyu, Yongere Ibatsimbataze ku rugamba. info
التفاسير:

external-link copy
8 : 47

وَٱلَّذِينَ كَفَرُواْ فَتَعۡسٗا لَّهُمۡ وَأَضَلَّ أَعۡمَٰلَهُمۡ

Nayo abagararije, baragahona, na kare Imana Allah Yarazimanganije ibikorwa vyabo, maze bicika impfagusa; info
التفاسير:

external-link copy
9 : 47

ذَٰلِكَ بِأَنَّهُمۡ كَرِهُواْ مَآ أَنزَلَ ٱللَّهُ فَأَحۡبَطَ أَعۡمَٰلَهُمۡ

Bitewe n’uko banse bagahakana bivuye inyuma Igitabu Imana Allah Yamanuriye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), gutyo Imana Allah, Ica Ireka kwakira ibikorwa vyabo, kuko mu kubikora bumviye shetani. info
التفاسير:

external-link copy
10 : 47

۞ أَفَلَمۡ يَسِيرُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَيَنظُرُواْ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡۖ دَمَّرَ ٱللَّهُ عَلَيۡهِمۡۖ وَلِلۡكَٰفِرِينَ أَمۡثَٰلُهَا

Mbega none, abahakanyi batigera banyurwa na Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah, ntibaragendagenda kw’isi ngo birabire ukuntu iherezo ry’abahakanyi b’aho hambere yabo ryagenze! Imana Allah Yabaranduranye n’imizi, Isitagura n’inyubakwa zabo. Abagarariji rero, bafise iherezo ribi nk’iry’abo hambere yabo. info
التفاسير:

external-link copy
11 : 47

ذَٰلِكَ بِأَنَّ ٱللَّهَ مَوۡلَى ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَأَنَّ ٱلۡكَٰفِرِينَ لَا مَوۡلَىٰ لَهُمۡ

Iryo hubishwa n’irongorwa ku co umugwi wose wahisemwo, riterwa n’uko Imana Allah ari Yo Muhagarikizi Itunganiriza abemeramana, n’uko abagarariji badafise umuhagarikizi canke umutabazi. info
التفاسير: